Nta munya-Zambia yategerezwa kurara inzara – Hichilema

Ahavuye isanamu, ZNBC TV1
Mw'ijambo ryiwe yashikirije igihe yarahira kuri uwu wa kabiri, umukuru w'igihugu mushasha wa Zambia, Hakainde Hichilema, yemereye abanya-Zambia ko igihe c'impinduka kigeze.
Uyu mukuru w'igihugu yatsinze umurava uwari Perezida Edgar Lungu bahiganwa mu matora yo mu ntango z'ukwezi guheze, avuga ko kazoza kadashobora kubura inzitizi, ariko yongerako ko ubutunzi bushobora kuzonagurwa.
Nticari ikibazo co kubogora ubutunzi gusa, hariho kandi no kubukomeza, akaba yasavye igisata c'abigenga kugira uruhara.
Avuga ko ari ngombwa kurondera no gushira imitahe mu gihugu no mu karere imbere yo gutabaza Ubulaya n'ahandi.
Yemereye Abanya-Zambia ko bazofungura gatatu ku musi: "Nta munya-Zambia yategerezwa kurara inzara".
Avuga ko ubutegetsi bwiwe buzokwihweza impinduka zokorwa mu gisata c'ubutare, amasoko ntanganguvu, amatongo n'igisata c'ingenzi.
Uyu mukuru w'igihugu w'imyaka 59, ntiyibagiye gushimira uwo yasubiriye ku vyo yakoreye igihugu n'ukungene yateguye neza ihererekanya ry'ubutegetsi.
Bugize gatatu muri ico gihugu haba uguhererekanya ubutegetsi mu mahoro kandi biciye mu nzira ya demokarasi mu myaka mirongo itatu yose iheze, ikintu gikomeye kuri Zambia, nk'uko Perezida Hichilema abivuga.
"Demokarasi ni yo nzira nyayo yo gufata - kuri Zambia, abanyagihugu ba Afrika no kw'isi yose".
Yamenyesheje ko reta yiwe "itazokwihanganira na gato" abarya ibiturire, iki ni co kizoranga ubutegetsi - kandi nta vyo kwihorahorana.
Yemereye abanyagihugu ko azoshinga reta iserukira igihugu cose - kandi ko n'intara zose zizofatwa kumwe mu bijanye n'imigambi y'iterambere.
Yongerako y'uko n'ibinyamakuru navyo ari ngombwa ko vyumva ko bukeye kuko bizoshobora gukora mu bwigenge.
Mu kwerekana ko ubutegetsi bwiwe bwiyemeje kwigisha urwaruka, yagize ati: "Uburezi ni umutahe nyawo ku mwana uwo ari we wese, jewe ndi akarorero kuri iki".
Ahamagarira ubumwe, arashimangira icivugo c'uwarwaniye intahe y'ukwikukira ya Zambia, Kenneth Kaunda, yasandavye mu kwa gatandatu afise imyaka 97: "Zambia imwe, igihugu kimwe".
Mu nyuma, Perezida Hichilema yatereye amajana n'amajana y'ibipurizo mu kirere hejuru y'ikibuga citiriwe Intwari - akaba yahinduye umugirwa wo mw'irahira riheruka, aho hakoreshejwe inuma ariko bikaba vyabonetse ko cari ikibazo iyo zanse kuguruka.












