Aba-Taliban n'abagore: Umunyeshure wa kaminuza ya Kabul mu bwoba bwa kazoza

Umugwanyi w'umu Taliban ariko aca hafi y'inzu yo kwipodora iriko amashusho y'abagore bayoberanye mu maso hakoreshejwe irangi ryo kumijira i Shar-e-Naw muri Kabul ku wa 18, ukwezi kw'umunani 2021.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Aba-Taliban bafashe Kabul bitabagoye cane

I Kabul, aya mango abanyeshure ba kaminuza bategerezwa kuba bariko baritegurira gutangura igice/igihembwe gishasha. Ariko ubu hari benshi bariko barata ikintu cose kigaragaza ingene babayeho muri kahise mu guhe aba Taliban bariko barakizura hanze.

Ku munyeshure umwe - umugore , akaba n'uwo mu bwoko bw'inkehwa buburabuzwa bw'aba-Hazara, abo muri bwo muri iyi myaka bahuye n'amabi yo kunyuruzwa no kwicwa n'aba Taliban - abo bagabo bari hanze bateye impungenge gusumba. Ngaha abwira BBC ingene ivyo yarota gushikako vyasubiriwe n'ubwoba bwo kuhakura agatwe mu minsi mike gusa.

Ni ibintu ntabona amajambo nobivugamwo, ntabeshe. Ibintu vyose, vyose narota gushikako, ivyo nakoreye vyose. Agateka kanje, ukwiyumva kwanje, naho no kubaho kwanje nk'umukobwa, ubuzima bwanje - vyose birageramiwe. Ninde azi umwanya uzohaca kugira baze gusaka inzu ku nzu kugira batware abakobwa - kumbure banabasambanye ku nguvu. Nshobora no guhitamwo kwiyahura niyo baza mu nzu iwacu. Namye mvugana na bagenzanje, ivyo nivyo twese, twese, dutegekanya gukora. Urupfu ni rwiza gusumba gutwarwo nabo.

Twese dufise ubwoba kandi dufise ubwoba gushika no mu musokoro w'amagufa.

Nta n'amezi abiri aheze, nta kindi niyumvira atari urupapuro rwanje rw'umutsindo. Nariko ndategekanya ingene nzokwigira ibibazo vyimirije, ico gukora, ico kureka, nkora ikirangaminsi, ngerageza kuraba ko ibintu vyose vyokorwa neza.

Abantu batandukanye batanguye kugira ubwoba igihe aba Taliban bariko barafata intara, ariko jewe n'abandi ntitwigeze twibaza ko vyoshitse bagafata Kabul.

Ubuzima bwanje bwari busanzwe kugeza aho bafatiye Mazar-i-Sharif (igisagara kinini mu buraruko bushira uburengero bwa Kabul, cari gisanzwe kiterekwa aba Taliban). Hanyuma bashika Kabul. Harumvikanye amasasu hanyuma tuja twumva ngo aba Taliban bakwiye mu bice vyose vy'igisagara.

Kuva ico gihe, nta na kimwe casubiye kuba uko cahora.

Abagwanyi b'aba-Taliban inyuma mu modoka muri Kabul , Afghanistan , 16/08/2021

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abagwanyi b'aba-Taliban ubu bakizura amabarabara

Abandi bose bo mu muryango wanje bagumye muhira. Imangazini zose zarugawe, ibiciro vyaguma biduga kw'isaha kw'isaha, n'urugero rwo kuvunja amafaranga rwaguma ruhindagurika vuba.

Naciye nturira impapuro zanje zose zo kuri kaminuza. Naraturiye impapuro zanje zose zerekana amanota naronse. Nabikoreye kw'ibaraza. Nari mfise ibitabo vyinshi, ibitabo vyiza cane, nariko ndasoma. Vyose narabinyegeje.

Narivanye ku mbuga hwaniro zose nariko. Nabwiwe ko vyari kumbera ikibazo kuba mfise ivyo nanditse canke nashize kuri izo mbuga canke kubandanya uri kuri zo. Aba Taliban bashobora kuba baraba ivyo twashizeko bakadutora.

Facebook niyo yari ingorane ikomeye kuko nayijako cane. Nari mfise ivyo nari naranditse kera mvuga ko aba Taliban ataco bari kugira, ko nari kwihagararako imbere yabo, ko batashobora guhagarika uburenganzira bwanje bwo kwiga, ko batashobora kunyugaranira i muhira.Nabise abakora iterabwoba. Ivyo nari nanditse vyarabatyoza, nta nkeka.

None vyose babikoze mu minsi mike gusa. Vyandengeye, biranteye ubwoba, birambabaje.

Aba Taliban bamenyesheje ko abagore bokwambara mu buryo bw'ingene vyamye bikorwa kuva kera kandi bakambara hijab.

Abantu bambara burka na hijab kubera ugutinya.

Narumvise aho mu mashure amwe ya kaminuza usanga hari igitambara (rideau) hagati y'abanyeshure b'abahungu n'abakobwa. Imiryango imwe imwe ntireka abana bayo b'abakobwa ngo baje kw'ishure. Kubera abantu bose bazi ko aba Taliban gushika ubu batarerekana isura yabo y'ukuri, ariko akaba ata nkeka ko bazoyerekana, abantu bashaka rero kwirinda ingorane niyo vyashika.

Nararavye ikiganiro c'aba Taliban n'abamenyeshamakuru (ku wa kabiri -aho bemeye uburenganzira bw'abagore). Barabesha, ndazi neza ko babesha.

Narasohotse ku wa kabiri ndi kumwe na data tugiye kurondera umuti. Vyose vyari vyugaye. Nategerejwe kwambara hijab ifuka hose, hari n'abambara burka, n'abakobwa bafise hagati y'imyaka 13 na 14.Nta na hamwe bihuriye n'uko vyahora. Umenga igisagara carimutse.

Aba Taliban bariko baratembera mu micungararo. Barakuraba niyo woba wambaye hijab ikwiye hose - nk'uko umenga nturi umuntu asanzwe, nk'uko umenga nibo baganza ubuzima bwawe, nk'uko umenga uru umucafu wo guta. Uko niko bakuraba mw'ibarabara.

Igihe nari nciga, niyumvira gushika ku bintu vyinshi, imigambi n'intego z'ubuzima.

Ubu none nibaza ko nzotegerezwa kuva muri iki gihugu , kuko ndi umu-Hezara. Muri kahise barateye amashure y'abakobwa b'aba-Hazara, bica amajana. Urumva nta nkeka bazotwica, kumbure badusambanye ku nguvu, batwice. Nk'umukobwa nkongera kandi mu bwoko bw'inkehwa, nta kibanza mfise mu gihugu canje.

Bose mu muryango wanje bafise ubwoba. Tuguma tugerageza kuva umunsi wa mbere aba Taliban binjira kugira turabe ingene twova muri iki gihugu, biciye mu mategeko canke bidaciye mu mategeko. Ikibuga c'indege cuzuyeko abantu benshi, nta bibanza bisigaye vyo guhungisha abantu, kandi ibihugu biriko biranka kutwakira, kandi abantu bose, bose baguma baraba nk'uko umengo nta kiriko kiraba.

Abagore bambaye Burqa bariko baca imbere y'icapa cashizwe ku ruhome rw'inzu yo kwipodora i Kabul kuwa 7/08/2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abaagore bariko baraca imbere y'ivyapa vyo kwamamaza indwi imwe imbere y'uko aba taliban bashika i Kabul . Menshi mu masanamu nk'aya ubu yarasibanganijwe

Ikintu gikuru nosaba ama reta y'ibihugu vyo hanze n'uko bitokwemera aba Talaban nka reta ya Afghanistan. Kuko babikoze, tuzoba dupfuye, kumbure turi hasi kurusha abapfuye, ninde yobimenya.

Ariko ikimbabaza cane kuruta kubona igisagara canje nkunda n'umutima wanje wose gifatwa - aha si ukuvuga ko ntwawe n'ikibabarwe - ariko ikimbaza gusumba n'uko amakungu ari mu gacerere. Abantu bose bibereye mu gacerere.

Abo bantu bose ataco banezwe, bigira nk'uko umenga abanya-Afghanistan si abantu. Ivyo rero birambaza cane ku mutima. Baravuga ngo , "Ubuntu ku bantu bose". Ariko nibaza ko ivyo bwikiye kuvugwa gutya, "Ubuntu kuri bose, kiretse abanya-Afghanistan". Ariko sinigeze nibaza ko vyoshitse ngaha.

Biravuna umutima kubona mu minsi mike gusa, ibintu vyose narota gushikako, ibintu vyose nibaza ko noronse, vyose vyayonze.

BBC ntivuga izina ry'umugore nyene iyi nkuru ku mvo z'umutekano wiwe