US: Twitter yahagaritse Marjorie Taylor Greene kubera amajambo ayovya yanditse kuri Covid

Georgia Marjorie Taylor Greene asanzwe anegura ibijanye n'incanco be n'ikoreshwa ry'ubupfukamunwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Georgia Marjorie Taylor Greene asanzwe anegura ibijanye n'incanco be n'ikoreshwa ry'ubupfukamunwa

Twitter yahagaritse vy'agateganyo umukenguzamateka Marjorie Taylor Greene kubera amakuru "ayovya" yanditse ku bijanye na coronavirus.

Uru rubuga hwaniro rutangaza ko konte yiwe ishirwa mu "buryo bwo gusoma gusa" (read-only/lecture seule) mu kiringo c'amasaha 12.

Umupfasoni Greene, umukenguzamateka w'umu Repubulika wo muri Georgia, asanzwe anegura bikomeye ibijanye n'incanco be n'ikoreshwa ry'udupfukamunwa.

Mu kwezi guheze, vyabaye ngombwa ko asaba imbabazi kubera yagereranije amategeko ajanye no kwambara udupfukamunwa two kwikingira coronavirus n'ihohoterwa ry'Abayahudi bakorewe n'Abanazi mu Budagi.

Kuri uwu wa mbere, yanditse ama tweets abiri, avuga ko incanco zitategerezwa kuba ikintu ngombwa, kandi ko Covid atari ikintu giteye ubwoba ku bantu bari musi y'imyaka 65 canke batavyibushe birenze urugero.

Izi tweets zompi ziracari ku rubuga, ariko Twitter yabushizeko ikimenyetso ngo "misleading" (ni ukuvuga burayovya).

Umupfasoni Greene yarigeze guhagarikwa kuri Twitter mu kwa kane, ariko mu nyuma iyi kompanyi yarakuyeho iyi ngingo, aho yahuze ko habaye ukwihenda mu buryo bwo gucungera ibica kuri uru rubuga bikorwa n'imashini.

Yishura kuri iyi ngingo yo kumuhagarika, Greene avuga ko aya makompanyi ariko ararwanya uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, akabikora afashwe mu mugongo n'ibiro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche/ White House.

Yabwiye ikinyamakuru New York Times ati: "Aya makompanyi akomeye ariko akorera ku mabwirizwa y'ubutegetsi bwa Biden kugira ngo atuzivye anazibire amajambo yose reta itemera".

Mu ndwi iheze, Perezida Joe Biden wo mu mugambwe w'Abademokrate yasavye amakompanyi y'imbuga hwaniro gufata izindi ngingo ruhasha kugira azibire amakuru y'ibinyoma ku mbuga zayo ku vyerekeye coronavirus n'incanco.

Biden yabwiye abanyamakuru ati: "Bariko barica abantu. Ikiza conyene dufise kiri mubataracandagwa".

Abajejwe amagara y'abantu muri Amerika baragabisha ko ibitigiri vy'abandura n'abapfa vyasubiye kuduga muri kino gihe ari ivy'abantu bataracandagwa gusa.

Twitter imaze igihe ihagarika abandika amakuru atari yo, mbere mu kwa gatatu yashizeho ayandi mategeko ategekanya ibihano ku barukoresha bazokwandika ibitemewe.

Muri aya mategeko mashasha, uhonyanze amategeko yayo ku ncuro ya kabiri n'iya gatatu, arahagarikwa mu kiringo c'amasaha 12. Asubiriye ku ncuro ya kane, arahagarikwa mu kiringo c'indwi yose, hanyuma arinze asubira ku ncuro ya gatanu arafutwa burundu.

Mu kwa mbere, Twitter yarahagaritse burundu Perezida Donald Trump ku butumwa yari yanditse, ikavuga ko bwakokeje imigumuko yadutse igihe amajana n'amajana y'abanywanyi biwe batera ku ngoro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika.