Biden avuga ko US ari ngobwa ko ifata ingingo zo kurwanya ibitero nyabwonko vya Russia

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Joe Biden yabwiye Perezida Vladimir Putin ko Ameria izofata "ingingo zikenewe" kugira ngo ihagarike ibitero nyabwonko (cyber-attacks/Cyber-attaques), nk'uko bivugwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika (Maison Blanche/White house).
Inyuma y'ikiganiro bagiranye nawe mu kiringo c'isaha kuri telefone, umunyamakuru yabajije Biden nimba Uburusiya bushobora kubona ingaruka z'ibi bitero, hanyuma yishura ati: "Ego".
Ariko Moscou irahakana ivyo birego bivugwa na Amerika.
Ikiganiro c'ejo ku wa gatanu kuri telefone hagati ya Biden na Putin caje gikurikira umubonano wo mu kwezi guheze i Genève/Geneva.
Caje kandi mu gihe ibitero nyabwonko bigenda vyiyongera, harimwo kimwe cahagaritse amakompanyi 1500 muri kuno kwezi.
Inyuma y'ico kiganiro, Biden yabwiye abanyamakuru ati: "Namusiguriye neza ico Reta Zunze Ubumwe ziteze, ko mu gihe hazoba hari igitero c'imigera kivuye ku butaka bwiwe, n'aho kitazoba gifashwe mu mugongo n'ubutegetsi, twiteze ko bazofata ingingo mu gihe tuzoba tubahaye amakuru yose".
Umumenyeshamakuru amubajije nimba Amerika ishobora kuzotera ububiko nyabwonko (serveurs) bw'imashini zikoreshwa n'aba hackers, yishuye ati: "Ego".
Ariko inyuma y'iki kiganiro c'ejo ku wa gatanu kuri telefone, Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yavuze ko Amerika itari yabwiye Moscou kuri ibi bitero nyabwonko.
Itangazo ryasohowe n'ibiro vya Perezida Putin rivuga riti: "N'aho uruhande rw'Uburusiya rwiteguye gukorana nabo mu guhasha ubu bukozi bw'ikibi, mu kwezi guheze nta cipfuzo na kimwe twigeze turonka kivuye mu nzego za Amerika".
Umutegetsi wa Amerika atavuzwe izina arahakana ibivugwa n'Uburusiya, aho yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ubutegetsi bwa Biden "bwasavye kenshi Uburusiya gufata ingingo".
Iri tangazo rya Kremlin ryongerako y'uko impande zompi zishigikiye ko haba ugukorana kwinshi ku bijanye n'umutekano w'inyabwonko, Uburusiya bukavuga ko "gutugerezwa kubandanya ibihe vyose, kugakorwa n'abahinga kandi ntibijemwo poritike, kugakorwa biciye mu nzego zijejwe guhanahana amakuru...hisunzwe amategeko mpuzamakungu".
Inzandiko zerekana ivyo baganirye zivuga ko impande zompi zumvikanye kurushirizaho gutanga imfashanyo kubazikeneye Syria, bisigura ko aba bategetsi babiri babona ko bashobora kuzokorana, n'aho hari iki cuka kibi ku bijanye n'umutekano nyabwonko.
Ibitero nyabwonko bizwi nka ransomware - aho ababikora bigarurika amabanga y'amakompanyi bagasaba amafaranga kugira ngo bayasubize - vyarongerekanye muri ino myaka ya vuba.
Ku bwa Amerika, abenshi mu bakoze ibitero bikomeye bava mu Burusiya, kandi akenshi abajejwe umutekano mu Burusiya baba babizi mbere bakanabitangira n'uburenganzira.
Perezida Biden avuga ko iki kiganiro c'ejo ku wa gatanu cakozwe nk'imwe mu nzira nshasha "yo kuvugana mu buryo bubangutse".
Biden avuga ko iyi nzira nshasha ituma buri ruhande "ruvugana n'urundi mu gihe umwe muri twebwe yiketse ko hari ikintu kiriko kirabera mu kindi gihugu".
Ubutumwa Biden avuga ko yahaye Putin ku wa gatanu busa n'ubwo yamuhaye igihe aba bategetsi babonana amaso mu yandi mu Buswisi mu kwezi guheze.
Kuva ico gihe, ikigo c'aba hackers kiri mu Burusiya, REvil, cakoze igitero nyabwonko kinini cateie ibibazo kw'isi.
Iki gitero cabaye umuzigo munini kuri Biden kuko ari ngombwa ko agira ico akoze kugira ngo ahagarike ubu bugizi bwa nabi.
Mu nama yagiranye na Putin i Genève mu kwezi guheze, Biden yarahaye Abarusiya urutonde rw'ibisata 16 bidategerezwa guterwa.













