Canada – Burundi: Loris Tyson Ndongozi yiciwe kw'ibarabara i Ottawa yashavuje benshi

Loris Tyson Ndongozi Nkunzimana yakunda gukina 'football americain' kandi yari umufotozi

Ahavuye isanamu, facebook.com/lorisndongozityson.nkunzimana

Insiguro y'isanamu, Loris Tyson Ndongozi Nkunzimana yakunda gukina 'football americain' kandi yari umufotozi

Loris Tyson Ndongozi umwimukira w'umurundi yaba mu karere ka Lowertown ko mu gisagara ca Ottawa muri Canada, yarashwe mw'ijoro ryo kuwa Mungu aca arasandaba.

Ikinyamakuru CBC News co muri Canada kivuga ko abaporisi bahamagawe n'abanyagihugu baba muri ako karere imbere y'isaha zitandatu z'ijoro inyuma y'aho bumvitiye amasasu.

Casanze Ndongozi yarashwe kandi yamaze gupfa. Abaye uw'icumi yishwe muri ico gisagara muri uno mwaka.

Umuryango n'incuti za Loris Tyson Ndongozi Nkunzimana, bavuga ko yakunda gukina 'football americain' kandi yari umufotozi.

Ndongozi, umusore w'imyaka 20 yari yimukiye muri Canada n'umuryango wiwe, hari haciye imyaka ine, nk'uko bivugwa na muvyarawe Ghislain Kezabahizi, asubirwamwo na CBC News.

Kezabahizi yabwiye iki kinyamakuru ati: "Yari umuntu yarangwa n'akamwemwe, yama ariko aramwenyura".

"Iyumvire wari wizeye kazoza keza ku bana bawe canke mbere no kuri wewe, ariko rero ibintu nk'ibi bigaca biba".

"Iyumvire kuraswa mu kajagari gutya. Nk'umuvyeyi, sinibaza ko hari umuntu n'umwe yipfuza guhamba umwana wiwe".

Ndongozi yarasanywe n'uwundi musore na we nyene w'imyaka 20 ariko we yaciye anyarukanwa kwa muganga. Igipolisi ciriko gishakisha abakoze ubu bwicanyi.

Ku mugoroba w'ejo ku wa kabiri, incuti n'abagenzi barakoraniye hamwe mu kigandaro.

Donatien Dondogori, sewabo wa Ndongozi asubirwamwo n'ikinyamakuru Ottawacitizen avuga ko bavuye mu Burundi bahunze kuko ata mahoro bahabona, no ngaho bakaba bayabuze.

Ati: "Twavuye mu gihugu cacu kuko twarondera amahoro, twarabonye amaraso mu mabarabara. Ubu turi muri Canada, igihugu ciza, none naho babandanije kurasa."

Mu ndwi zibiri ziheze nibwo Ndongozi yahejeje amashure yisumbuye, eka yari aherutse gufatwa n'umurwi uzwi cane i Quebec muri Football Americain wa Notre-Dame wo mu gice ca mbere.

Yategerezwa kandi kubandanya amashure kaminuza kuri Collège d'enseignement général et professionnel (CEGEP) i Québec.

'Uwundi murundi' akiri muto yishwe i Londres

Uwundi bivugwa ko ari umurundi atarashika ku myaka 20 y'amavuka, yariciwe mu Bwongereza ku wa mbere mu karere ka Woolwich mu bumanuko bushira ubuseruko bw'umugwa mukuru Londres.

Abaporisi baba kw'ibarabara New Road muri ako karere bahamagawe isaha 17:25 (hari isaha 19:25 mu masaha yo mu Burundi) ku wa mbere bakaba baragerageje kumuha ubutabazi bwihuta imbere y'uko rusehabaniha ishika.

Ariko haciye iminota 45, uyu musore yaciye acikana.

Mw'ibarabara ahabereye iki gitero hatowe imbugita zitatu.

Igiporisi kibandanya kirondera abo mu muryango w'uyu musore, ariko n'aho gushika ubu kitaratanga umwidondoro wiwe, abamuzi bavuga ko yari umurundi.