Abahinga b'Abarundi bariko barihweza ingene ikirundi coshika ku rwego mpuzamakungu

Uno musi mu Burundi hatunganijwe ikiganiro kidasanzwe co guteza imbere ururimi rw'ikirundi kugira ruje ku rwego mpuzamakungu, gikoreshwe no mu vy'ubuhinga bwa none.
Abahinga n'abaronzi (abashakashatsi) batandukanye bariko bigira hamwe ingene ikirundi cohinyanyurwa kugira kije ku rwego mpuzamakungu.
Bimwe mu vyo abo bahinga basabwa kwiga, harimwo gusubira guhinyanyura ubwatuzo bw'ikirundi, kuraba ingene ivyigwa vy'ubuhinga bimwe bita «sciences» vyosigurwa mu kirundi.

Bihweza kandi ingene ikirundi cokoreshwa neza mu buhinga bwa none bwo guhanahana amakuru.
Mbere herekanywe integuro y'ico bise «ikinanda rwandiko» ca mbere (clavier ya ordinateur) gifise indome z'ikirundi.
Nk'uko umushikiranganji ajejwe inyigisho zo muri za kaminuza, Gaspard Banyankimbona, yabishikirije ariko arugurura ico kiganiro, kugeza ubu ibitabo vyanditse mu kirundi ntibishobora kudandazwa mu makungu kubera ikirundi kitaratunganywa ku rugero rwisunze ubuhinga bw'iterambere.

Yagize ati: «Gutunganya ikirundi no kugihuza n'ubuhinga bw'iterambere, ni bimwe mu vyihuta.
"Vyogira akamaro kanini haba mu kugwanya ubushomeri canke kumenyekanisha u Burundi mu makungu. Kubera ibitabo vyanditse mu kirundi bizoheza bice bidandazwa mu makungu».

Bimwe mu bisabwa kugira ibitabo vy'ikirundi n'ikirundi nyene bishike ku rwego mpuzamakungu, harimwo gushira ikirundi muri google.
Mu bahinga bahari harimwo Patrice Ntafatiro, umurundi aba mu gihugu ca Canada, azwi mu gutanga ibiganiro bijanye no guhinyanyura ikirundi biciye ku buhinga ngurukanabumenyi.
Bwana Ntafatiro niwe yashikirije ikiganiro nyamukuru muri iyi nama yabaye uno munsi mu gisaga ca Bujumbura.










