Abahinga b'Abarundi bariko barihweza ingene ikirundi coshika ku rwego mpuzamakungu

Abitavye inama yo kunagura ikirundi i Bujumbura itariki 07/01/2019
Insiguro y'isanamu, Muri iyo nama kandi bihweza ingene ikirundi cokoreshwa neza mu buhinga bwa none bwo guhanahana amakuru

Uno musi mu Burundi hatunganijwe ikiganiro kidasanzwe co guteza imbere ururimi rw'ikirundi kugira ruje ku rwego mpuzamakungu, gikoreshwe no mu vy'ubuhinga bwa none.

Abahinga n'abaronzi (abashakashatsi) batandukanye bariko bigira hamwe ingene ikirundi cohinyanyurwa kugira kije ku rwego mpuzamakungu.

Bimwe mu vyo abo bahinga basabwa kwiga, harimwo gusubira guhinyanyura ubwatuzo bw'ikirundi, kuraba ingene ivyigwa vy'ubuhinga bimwe bita «sciences» vyosigurwa mu kirundi.

Umushikiranganji wa za kaminuza, Gaspard Banyankimbona (hagati), François Havyarimana (i bubamfu), umuyobozi wa kaminuza y'u Burundi; Hakizimana Godefride (i buryo), umunyamabanga ntayegayezwa, mu bushikiranganji bw'imico kama, akaranga n'inkino
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa za kaminuza, Gaspard Banyankimbona (hagati), François Havyarimana (i buryo), umuyobozi wa kaminuza y'u Burundi; Hakizimana Godefride (i bubamfu), umunyamabanga ntayegayezwa, mu bushikiranganji bw'imico kama, akaranga n'inkino, nibo baremesheje ikiganiro

Bihweza kandi ingene ikirundi cokoreshwa neza mu buhinga bwa none bwo guhanahana amakuru.

Mbere herekanywe integuro y'ico bise «ikinanda rwandiko» ca mbere (clavier ya ordinateur) gifise indome z'ikirundi.

Nk'uko umushikiranganji ajejwe inyigisho zo muri za kaminuza, Gaspard Banyankimbona, yabishikirije ariko arugurura ico kiganiro, kugeza ubu ibitabo vyanditse mu kirundi ntibishobora kudandazwa mu makungu kubera ikirundi kitaratunganywa ku rugero rwisunze ubuhinga bw'iterambere.

Edmond Kabushemeye Nkinzo
Insiguro y'isanamu, Edmond Kabushemeye Nkinzo, ni umurundi yahinguye «ikinanda rwandiko» ca mbere (clavier ya ordinateur) gifise indome z'ikirundi

Yagize ati: «Gutunganya ikirundi no kugihuza n'ubuhinga bw'iterambere, ni bimwe mu vyihuta.

"Vyogira akamaro kanini haba mu kugwanya ubushomeri canke kumenyekanisha u Burundi mu makungu. Kubera ibitabo vyanditse mu kirundi bizoheza bice bidandazwa mu makungu».

Patrice Ntafatiro (i bubamfu), umwe mu barundi b'abahinga aba muri Canada, ahora eremesha ibiganiro ku guteza imbere ikirundi ari kumwe n'umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'u Burundi, Claude Karerwa Ndenzako
Insiguro y'isanamu, Patrice Ntafatiro (i bubamfu), umwe mu barundi b'abahinga aba muri Canada, ahora eremesha ibiganiro ku guteza imbere ikirundi

Bimwe mu bisabwa kugira ibitabo vy'ikirundi n'ikirundi nyene bishike ku rwego mpuzamakungu, harimwo gushira ikirundi muri google.

Mu bahinga bahari harimwo Patrice Ntafatiro, umurundi aba mu gihugu ca Canada, azwi mu gutanga ibiganiro bijanye no guhinyanyura ikirundi biciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Bwana Ntafatiro niwe yashikirije ikiganiro nyamukuru muri iyi nama yabaye uno munsi mu gisaga ca Bujumbura.