Imyuga indwi ibangamiwe n'ubuhinga (n'iyindi ataco yokwinona)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Akazi kawe karagutera ubute canke ni kamwe usanga usubiramwo vya bindi? Ni vyaba ari ukwo, birakwiye ko ugira amakenga.
"Igikorwa cose usanga cama ari ca kindi canke umuntu ashobora kumenya kare n'imbere yuko kirangugwa, kigiye gukogwa hisunzwe uburyo bwo guharura bita "algorithme" mu myaka itanu canke cumi iri imbere" na cane cane mu bihugu biteye imbere, nkuko bishikirizwa n'uwugenzura amahera akaba n'umwanditsi, John Pugliano.
Pugliano n'umwanditsi w'ibitabo bisotora nka "The Robots are Coming: A Human's Survival Guide to Profiting in the Age of Automation"(Ibirobo biraje: Ingene umuntu yobandanya abaho mu myaka yo gusubiriza abantu ibirobo).
Urutonde rw'imyuga igeramiwe, rurimwo iyarizwi gushika ubu ko ari ntamenwa, na burya ikenera abahinga babinonosoye. Hano twovuga nk'iy'ubuvuzi n'ubucamanza.
Avugira kuri BBC Mundo ikoresha ururimi rw'iki Espagnol, Pugliano yagize ati: "Abaganga hamwe n'abahinga mu vy'amategeko ntibazogenda, ariko ibikorwa vyabo bizogabanuka."
Hano munsi urabona imyuga indwi izibasigwa n'ubwo buhinga - n'iyindi ataco izoba, nkuko Pugliano abisigura.

Ahavuye isanamu, Getty Images
1. Abaganga
Bino bisa n'ibitumvikana uravye ingene abaganga bama barondegwa, na cane cane muri kino gihe abantu bashaje baguma bagwirirana kw'isi.
Ariko Pugliano yemeza ko hari ibisata vy'ubuvuzi bizosubirigwa n'ibirobo kuberako bigeze aho bishobora gupima indwara.
Ngo naho vyoba ukwo, abaganga bazoguma bakenewe mu vyumba vy'abagwaye, co kimwe n'abahinga nk'ababaga. 2. Abanyamategeko
Pugliano yemeza ko abantu barondera inkaratasi zitandukanye bazogabanuka muri kazoza, co kimwe n'ubuzi bwamye bukogwa kimwe (routine).
Ibikorwa bishingiye ku mategeko bidasaba ubuzobere canke abahinga, bizosubirigwa na mudasobwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
3. Abahinga mu vyo gucapa no kwubaka amazu
Gushushanya inzu zisanzwe muri kino gihe birakoregwa kuri mudasobwa.
Pugliano yemeza ko muri kazoza, abahinga bazi kurema (créatifs) no kuryohora aribo bonyene bazosigara muri ako kazi.
4. Abaharura amahera
Pugliano avuga ko abahinga mu biharuzo vy'amatagise bazosigara, ariko ko abo mu gisata c'amakori asanzwe bazogenda bitewe nuko batazoba bagikenewe.
5. Abadereva b'indege z'ingwano
Gushika ubu indege "Unmanned aerial vehicles" (UAV), zizwi ku izina rya "drones", zisigaye zikora akazi k'abadereva mu bihe biteye ubwoba - kandi zizobandanya zibikora mu gihe hatanguye gukoreshwa ibirobo bisubirira abantu mu ngwano.

Ahavuye isanamu, Getty Images
6. Igipolisi n'abatohoza
Igipolisi kirereka - co kimwe n'abakora itohoza b'ubumenyi buke - baramaze gusubirigwa n'ibikoresho bitutuka kw'iterambere ry'ubuhinga.
Pugliano avuga ko naho ubwo buzi butazovaho burundu, ko ababukora batazokenegwa cane.
7. Abaranga amazu n'amatongo
Co kimwe no mu bindi bisata vyo kugurisha ibidandazwa kimwe kimwe, hari imbuga ngurukanabumenyi zihuza abagura n'abagurisha, bigatuma abahora barondera abakiriya babura akazi.
Ubwo buryo bubandanije, abahagarariye amashirahamwe y'ubudandaji bashobora gutakaza akazi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ni iyihe myuga izovyagwa n'ubuhinga?
Pugliano yemeza ko mu gihe hari imyuga izofudika, ko hari ubundi buzi buzovuka ahandi.
Kazoza ni keza ku bahinga b'ubwenge bw'ubukorano (intelligence artificielle), ab'amaporogaramu ya mudasobwa hamwe n'abahinga mu gukingira canke gukora ibijanye na mudasobwa.
Pugliano yemeza ko ubuzi bushingiye ku myuga, nk'abakora mu vyo gukwiragiza amazi mu mazu, abo mu gisata c'umuyagankuba hamwe n'abubatsi b'abahinga bazobandanya bakora.










