Ubuhinga bwa Video buzogeragezwa mu nkino zitano zo ku wa gatandatu mu Bwongereza

VAR team

Ahavuye isanamu, Laurence Griffiths

Insiguro y'isanamu, Abahagarikizi bakoresha Video mu nkino z'igikombe c'isi

Ubuhinga bwo gukoresha Video mu gufasha abahagarikizi buzwi kw'izina rya VAR, buzogeragezwa ku nkino nyinshi zo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza incuro ya mbere ku musi wa gatandatu.

Ubwo buhinga bwa VAR buzokoreshwa ku nkino zitanu zizoba kuva isaha cumi kw'isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.

Inyuma yo kugeragezwa ku rukino rumwe rumwe mu mwaka uheze, abahagarikizi bo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza ubu bashaka kuraba nimba ubwo buhinga bushobora gukora neza ku nkino nyinshi ziriko zirabera icarimwe.

Ubwo buhinga buzoba buriko burageragezwa buzoba bugenzurwa n'ikigo kimwe ca VAR.

Abahagarikizi ntibazosubira kuvugana mu buryo ubwo ari bwo bwose mu kibuga mu gihe izo nkino zizoba zikibandanya.

Ubu, mu gihe ubwo buhinga bwa VAR uzoba buriko burageragezwa buzokoreshwa mu kwemeza igitego, kwemeza penalite, ikarata itukura no kumenya abakinyi mu gihe bagize amakosa, na cane cane igihe barundanye hamwe ku buryo bashobora gucanganya umuhagarikizi.

Inkino zizohagarikirwa hifashishijwe Video

  • AFC Bournemouth v Leicester City
  • Chelsea v Cardiff City
  • Huddersfield Town v Crystal Palace
  • Manchester City v Fulham
  • Newcastle United v Arsenal

Mu kwezi kwa kane, imigwi yo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza yaratoye ko ubwo buhinga bwa VAR bwokoreshwa mu mwaka wa 2018-2019.

Co kimwe no mu mwaka uheze, VAR izokoreshwa gusa mu nkino z'igikombe ca EFL, na FA ariko ku bibuga vy'imigwi bikina mu cicaro ca mbere.

Yakoreshejwe mu rukino rumwe mu mwaka uheze, muri uyu mwaka na ho vyitezwe ko izokoreshwa mu nkino 60.