US: umurovyi yamizwe n'ifi yo mu bwoko bwa 'baleine' mu nyuma iramucira

Michael Packard ari mu bitaro ku wa 11 z'uk ukwa gatandatu 2021

Ahavuye isanamu, Packard Family

Insiguro y'isanamu, Michael Packard ari mu bitaro ku wa 11 z'uk ukwa gatandatu 2021

Umurovyi wo muri Amerika aravuga ingene yarokotse amizwe n'igifi kinini co mu bwoko bwa baleine/whale mu nyuma kikamucira.

Michael Packard avuga ko yakubise umwibiro maze yisanga mu kanwa k'iki gifi kinini, aho yamazeyo ikiringo c'imisegonda hagati ya 30 na 40, hafi y'akarere ka Provincetown, Massachusetts.

Iyi nyamaswa yo mu mazi yaraciriye Packard, yibaza ko yari yakondotse ivi.

Umugore abandanya amwingiga ko yorondera akandi kazi, ariko ararahira akarengwa ko atarota aheba aka kazi kiwe amazemwo imyaka 40.

Iyi fi ishobora kuba ndende gushika ku metero 15 igapima amatoni 36. Nk'uko bivugwa n'ikigo kijejwe ibikoko vyo mu gahinga, ifi zo muri ubu bwoko bwa baleine hasigaye izingana 60.000 kw'isi .

Uyu mugabo Packard w'imyaka 56 yabwiye ikinyamakuru Cape Cod Times ko we na bagenzibe bafashe ubwato bwabo, Ja'n J, off Herring Cove, ku wa gatanu mu gatondo, kandi hasa neza, amazi asa neza ku buryo washobora kubona ikiri ku metero zitandatu hagati mu mazi.

Avuga ko amaze gukubita umwibiro avuye muri ubwo bwato yagiye yumva akubiswe n'iki gikoko ubwo nyene ntiyasubira kubona na kimwe.

'Iriko iragerageza kumira'

Yibajije ko yari atewe n'ifi y'ubundi bwoko izwi nka requin/shark isanzwe iba muri ako karere, ati "ariko narakabakavye ku ruhande numva ko ata menyo yari ifise".

"Mu nyuma nca mbona nti: 'Yooo, Mana yanje, ndi mu kanwa ka baleine kandi iriko iragerageza kumira. Ubwanje burarangiye, ndapfuye'! "

Packard avuga ko yaciye yiyumvira ingene umugore n'abana biwe b'abahungu babiri, umwe w'imyaka 12 uwundi w'imyaka 15, bagiye kubaho.

Ati: "Mu nyuma nza numva kiraduze hejuru ku mazi kizunguza umutwe".

"Gica kinshiburira mu kirere nca ngwa mu mazi. Aho nari nkize nca nguma nderemba hejuru ku mazi. Si numva ivy'ari vyo...si numva ingene nobivuga".

Mugenziwe yagiye kumubona yamaze kwihebura, ari ho yaca amukwegera mu bwato.

Igipolisi co mu karere ka Provincetown kijejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka cabwiye ikinyamakuru CBS News ko cari camaze kuronka telefone itabariza umurovyi yakomeretse.

Amaze kuva mu bitaro aho yariko aravurirwa, Packard yabwiye abanyamakuru ko ivyamubayeko ari nk'ibivugwa muri Bibiliya.

Mu bisanzwe mu gufungura, ubwoko bw'izi fi za baleine zigenda zasamye kugira ngo ifi ntonto canke utundi dukoko twirokezemwo ku bwinshi bushoboka, abahinga mu bijanye n'ivyo mu mazi bakavuga ko ivyashikiye Packard bishobora kuba ari nk'isanganya. Umuhinga umwe yabwiye ikinyamakuru Cape Cod Times ko atari bwigere yumva aho baleine yamize umuntu.