Abakobwa babiri b'imyaka 4 na 9 bafashwe bariko bagendesha imodoka 'bagiye kwoga'

Aba bakobwa basekanye n'ikamyo ariko ntaco babaye

Ahavuye isanamu, @WVCPD

Insiguro y'isanamu, Aba bakobwa basekanye n'ikamyo ariko ntaco babaye

Igipolisi ca Utah kivuga ko "caguye mu gahundwe" kibonye umwana w'umukobwa w'imyaka icenda ariko agendesha imodoka, ari kumwe na mutoyi wiwe w'imyaka ine yari yicaye ku ntebe y'ingenzi.

Aba bana b'abigeme babwiye abapolisi ko bari bagiye i California kubera bashaka "kwoga mw'ibahari".

Baciye mu mabarabara abiri makuru makuru, bagonga iyindi modoka, mu nyuma basekana n'ikamyo, nk'uko igipolisi cabimenyesheje ku rubuga rwa Twitter.

Aba bana b'abakobwa bavukana bompi bari bambaye imisipi, bakaba ata n'umwe yababaye.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Presentational white space

Igipolisi c'akarere ka West Valley City muri Utah kivuga ko aba bana b'abakobwa bavyutse hafi isaha icenda z'ijoro ku wa gatatu, baca bafata imodoka yo mu bwoko bwa Chevrolet Malibu, baca biha ibarabara bavuye muhira i West Jordan, mu gihe abavyeyi babo bari bagisinziriye.

Integuro yabo yari iyo kuva muri iyo reta ya Utah idafise umuhora uyishikana kw'ibahari bakaja kuruhukira ku mweha w'ihabari ya California, mu rugendo rw'amasaha n'imiburiburi 10.

Ku rubuga rwa Twitter, igipolisi candika ko uyo mwana w'imyaka icenda yari amaze kugenda urugendo rw'ibirometero 16 imbere y'uko agonga iyindi modokari, aca arabandanya urugendo aciye mw'ishamba ry'iyororero ry''ibikoko, ahava asekana n'ikamyo.

Umushoferi w'iyi kamyo, na we nyene atababaye, yari yamaze guhamagara igipolisi inyuma y'aho aboneye asekanye n'imodoka ya mbere.

Amasanamu yafashwe na kamera yari yambawe n'umwe mu bapolisi bari aho vyabereye yerekana ingene ibintu vyari bimeze inyuma y'iri sanganya, n'ingene iyo modoka ya Chevrolet Malibu yononekaye.

Umwe mu bapolisi yumvikana avuga ati: "Ubu ni ubusazi! Ariko aragendesha imodoka!"

Umupolisi ajejwe amatohoza mu karere ka West Jordan, Scott List, avuga ko abavyeyi b'aba bana batari bazi ko batakaje gushika igipolisi kibandikiye kibabamenyesha ivy'iri sanganya.

Yabwiye abanyamakuru ati: "Abavyeyi barumiwe, bagira ubwoba basanze abana babo batorotse".

Ikintu nk'iki carabaye muri Utah nyene umwaka umwe imbere y'aho, igihe umwana w'umuhungu w'imyaka itanu yafata imodoka y'umuryango ngo agiye kugura Lamborghini (ubwoko bw'imodoka), abwira abapolisi ko yavuye muhira kubera ko nyina yanse kuyimugurira.

Insiguro ya video, Umwana w'imyaka itanu yafashwe ariko agendesha imodoka y'abavyeyi biwe i Utah