Sasha Johnson: Umugore w'umwirabure wa Black Lives Matter yarasiwe i Londres, UK

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugore w'umwirabure azwi cane muri rya sekeza ryo kurwanira agateka k'abirabure rizwi nka Black Lives Matter (Ubuzima bw'Umwirabure ni kirumara), Sasha Johnson, ameze nabi cane inyuma y'aho arasiwe, nk'uko bivugwa n'umugambwe wiwe.
Umugambwe Taking the Initiative Party, uvuga ko ariko aravurirwa mu ndembe inyuma yo kuraswa mu gaturuturu ko kuri uyu wa Mungu.
Ibi vyabereye mu karere ka Southwark kari mu bumanuko bw'umugwa mukuru Londres, isaha icenda z'ijoro mu masaha ya Londres.
Igiporisi c'Ubwongereza catangaje ko umugore w'imyaka 27 yatewe ari mu birori kw'ibarabara Consort Road riri ahitwa Peckham.
Ico gihe igiporisi nticatanze umwidondoro w'uyo mugore yatewe.
Abarongoye igiporisi bavuga ko uyo mugore yaciye anyarukanwa mu bitaro biri muri ako karere k'ubumanuko bwa Londres yakomeretse nabi cane bakaba batumyeko abo bose boshobora gutanga ivyemezo. Umuryango wiwe waciye umenyeshwa iryo bara.
Igiporisi kivuga ko gushika iki gihe ata vyemezo vyerekana ko yarashwe mu buryo bwateguwe canke ko imbere y'aho yoba yaratewe ubwoba.

Inyamiramabi zo mu rwego rw'igiporisi rujejwe guhasha ivyaha ziriko zikora amatohoza aho iryo bara ryabereye no mu karere kahegereye.
Bizwi ko uyu mugore yarasiwe hafi y'inzu yariko iberamwo umusi mukuru kandi ko hari abantu benshi, nk'uko biri mw'itangazo ry'igiporisi.
Komiseri mukuru w'uru rwego, Jimi Tele, avuga ati: "Ivyabaye ni ibintu bibabaje cane aho umugore yakomeretse cane. Twifatanije n'umuryango wiwe ubandanya ufashwe mu mugongo muri bino bihe bitoroshe na gato".
Avuga ati: "Nimba ufise ikintu ico ari co cose wabonye giteye amakenga mu karere ka Consort Road mu gaturuturu ko ku wa Mungu canke ukaba hari amakuru wumvise ashobora kugira ico afashije abajejwe amatohoza, ni vyiza ko woturya akara".
Umupfasoni Johnson, inyuma yo kurangiza ivyigwa vya kaminuza kuri kaminuza Oxford Brookes University, yafashe iya mbere mu muhari Black Lives Matter mu Bwongereza akaba kandi ari muri komite nyobozi y'umugambwe Taking the Initiative Party.
Mw'itangazo wacishije ku rubuga rwa Instagram, umugambwe wiwe uvuga ko umupfasoni Johnson ari nyina w'abana babiri, kandi "umuntu akomeye cane" yamye arwanira agateka k'abirabure anarwanya n'akarenganyo abirabure bakorerwa.
Riti: "Muze twese tuje hamwe dusabire Sasha kugira ngo akire kandi tube hafi y'umuryango wiwe n'abakunzi biwe".
Umuhari Black Lives Matters mu Bwongereza wanditse kuri Twitter ko ubabajwe n'iraswa ry'uyu muvyeyi adatinya urukamvye akaba yafashe iya mbere mu myiyerekano itari mike ya BLM mw'ici riheze".
Igihe watangaza igiteramo ciwe kiza kuba kuri uyu wa mbere inyuma y'umutaga mu bitaro vya King's College, wongeyeko uti: "Kugerageza kumutera ubwoba canke kumuzivya, ni igitero kuri twese."










