Umuganwa Harry avuga ko kunywa inzoga nyinshi vyamutuma yibagira urupfu rwa nyina wiwe, Diana

Prince Harry

Ahavuye isanamu, PA Media

    • Umwanditsi, Na Dulcie Lee
    • Igikorwa, BBC News

Samuragwa wa Sussex avuga ko yahora anywa inzoga yonyoye indwi yose akazinywa ku musi umwe gusa kugira ngo agerageze guhangana n'ihahamuka yatewe n'urupfu rwa nyina wiwe, Umuganwakazi Diana.

Umuganwa Harry avuga kandi ko yumva yipfuza kunywa ibiyayuramutwe kugira ngo yumve ko umubabaro yari afise inyuma y'imyaka cumi nyina pafuye bwogabanuka.

Uyu samuragwa yavuze ibi mu kiganiro yagiranye n'umunyamakuru wa Amerika Oprah Winfrey mu rukurikirane rw'ibiganiro vyerekeye amagara yo mu mutwe.

Yaravuze kandi ku mwikomo n'ubwoba yamanye nk'umwe mu bo mu nda y'ingoma bajejwe amabanga akomeye, hamwe n'ivyo yibuka igihe nyina wiwe yashingurwa.

Diana, Umuganwakazi wa Wales, yahitanywe n'isanganya ry'imodoka ariko arahunga abashaka kumufata amasanamu i Paris mu Bufaransa, mu kwezi kw'umunani 1997.

Avugana na Oprah mu rukurikirane rwa televiziyo Apple TV rwitwa The Me You Can't See, Harry avuga ko ikiringo ciwe hagati y'imyaka 28 na 32 cabaye igihe "kibi cane mu buzima bwiwe bwose", aho yatewe n'ubwoba hamwe n'amaganya atagira izina.

Ati: "Mu mutwe vyari vyabaye nabi cane".

"Igihe cose narambara ikositime n'ikaruvati... nkagenda, 'nafyuye amaso nk'uwugomba atangure urukino', nkiraba mu kiyo hanyuma nti 'twagiye!' Imbere y'uko mva no mu nzu, narabira urwuya bimwe bibi. Nama umengo ngomba ngwane canke nurire indege".

Yongerako ati: "Numva nshaka kunywa inzoga, numva nshaka gufata ibiyayuramutwe, numva nshaka kugerageza gukora ibintu vyari kuntuma umubabaro nari mfise ugabanuka".

Avuga ko mu masaha y'ijoro ku wa gatanu canke ku wa gatandatu yashobora kunywa inzoga yonyoye indwi yose akazinywa ku musi umwe gusa, "atari uko numva ndyohewe ariko kubera hari ico nashaka kwiyibagiza".

Ibirori vyo gushingura umuganwakazi Diana vyabaye hasigaye imisi icenda ngo Harry ashikane imyaka 13

Umuganwakazi Diana yashinguwe hasigaye imisi icenda ngo Harry ashikane imyaka 13
Insiguro y'isanamu, Umuganwakazi Diana yashinguwe hasigaye imisi icenda ngo Harry ashikane imyaka 13

Umuganwa Harry yaherekeje ataco yinona isandugu yari itwaye ikiziga ca nyina wiwe umusi wo kumushingura, ari kumwe na mwenewabo, se wiwe, se wabo na sekuru.

"Kuri jewe ico nibuka gusumba ibindi vyose ni amajwi y'ibinono vy'indogobwe turi ku rugendo".

"Wamengo si ndi muri jewe, nkagenda nkora ivyo nategerezwa gukora. Nkerekana ica cumi c'umubabaro abandi bose bariko berekana: uyu yari mama wanje - ni nk'uko ntigeze ndamubona".

Uyu muganwa ubu afise imyaka 36 ari mw'isekeza ryo guhimiriza ko ibiganiro ku bijanye n'amagara yo mu mutwe vyofatwa nk'ibintu bisanzwe, akaba yatanguye gusigura ibiheruka kumubako.

Mu kwa gatatu, we n'umugore wiwe Meghan baganiriye na Oprah ku vyerekeye ubuzima bwabo mu muryango w'ibwami hamwe n'ingaruka bwagize mu mutwe.

Hanyuma mu kiganiro co mu ndwi iheze, umuganwa Harry yavuze ko yiyemeje "gusezerera umubabaro" yagize akiri muto arere neza abana biwe, akavuga ko yanagiye no kubonana n'abajejwe gufasha abafise ingorane z'ihahamuka.

Umuganwa Harry n'umugore wiwe, Meghan, mu kiganiro na Oprah Winfrey mu ntango z'uno mwaka

Ahavuye isanamu, Harpo Productions - Joe Pugliese

Insiguro y'isanamu, Umuganwa Harry n'umugore wiwe, Meghan, mu kiganiro na Oprah Winfrey mu ntango z'uno mwaka

Uyu samuragwa avuga ko ikiringo c'umunezero kuri we cabaye ico imyaka cumi ari mu gisirikare, kubera ata "buvuzi budasanzwe" yariko arahabwa.

Yavuye mu gisirikare afise imyaka 30, hanyuma haciye umwaka abonana na Meghan batari banazinanye ahava aba umugore wiwe.

Samuragwa avuga ko abanyamuryango bahora bamubwira bati: "Wewe itware neza gusa ubuzima buzokworoha".

Ati: "Ariko nguma mbona cane mama muri jewe. Numva umengo si ndi mu bandi - ariko ndacari kumwe nabo. Inzira yonyene yo kuvyigobotoramwo no kwikura uwu muzigo ni ukuvuga ukuri".

Urukurikirane rwerekana umuganwa Harry, Oprah, Lady Gaga, Glenn Close n'abandi bavuga kahise kabo ku bijanye n'ibibazo vyo mu mutwe bagiye bagira.

Rwatanguye kumenyekana mu kwa kane 2019, hasigaye hafi umwaka umwe ngo Harry na Meghan batangaze ko bavuye mu mabanga y'ibwami mu kwa mbere 2020.