Uganda: Yunusu Bakaki akekwa kudandaza abana yahagaritswe

Ahavuye isanamu, BBC
Igipolisi ca Uganda kivuga ko cafashe uwoba agira urudandazwa rw'abana yagaragaye muri video ya BBC mu 2011 mu matohoza y'abantu batangwako ibimazi muri ico gihugu.
Yunusu Bakaki, umushoferi w'ikamyo yafatiwe mu gisagara kiri ku rubibe ca Elegu mu buraruko bwa Uganda mu mpera z'indwi iheze.
Umuvugizi w'igipolisi ca Uganda, Fred Enanga yemeje ko Yunusu uyu musi ashobora kurungikwa mu gipolisi kidasanzwe kijejwe amatohoza ku mugwa mukuru Kampala.
Yavuze ko igipolisi ciketse ko Yunusu yoba akora urwo rudandaza inyuma y'aho video yiwe yafashwe mu myaka 10 iheze, ihanahaniwe ubu vuba ku mbuga hwaniro, aho avuga ko arongoye umugwi w'abagurisha abanta muri Uganda, babanyuruza bakabakoresha mu burozi no mu kubakoresha ibindi bikorwa bibi.
Muri iyo nkuru, Yunusu arigamba ingene yaguriye abana abakozi ba BBC bari bihinduye abaguzi b'abana bashaka kujana mu Bwongereza.
Enanga avuga ko igipolisi kigiye kwihweza neza ibimuvugwako muri iyo nkuru kandi ko gushika ubu ata caha na kimwe aragirizwa.
Ubu igipolisi gihamagarira abanyagihugu gutanga inkuru zofasha mu kugira amatohoza yimbitse.
Gushika ubu, amategeko y'ico gihugu nta gihano ategekanya ku caha co gutanga ikimazi, ivyaha nk'ivyo bihanwa nk'ubwicanyi canke ibindi vyaha.
Mu ntango z'ukwezi kwa gatanu, inama nshingamateka yaremeje integuro y'itegeko rikinga rikongera rikabuza gutanga ibimazi, mu gihe ryokwemezwa nk'itegeko, ritegekanya igihano co gupfa ku muntu wese ahamwe n'icaha co gukora canke gushira amahera mu gutanga ikimazi.
Ibiharuro ku bantu boba bamaze kuzira gutangwako ikimazi muri Uganda biragoye kuboneka kubera bamwe ntibavuga ko batakaje abantu canke bakandikishwa nk'abapfuye.
Amatohoza yakoze yakozwe n'akanama kajejwe agateka ka zina muntu muri Uganda yo mu 2014 kw'itangwa ry'ikimazi ku bana muri ico gihugu, abana benshi bari musi y'imyaka itandatu ni bo bageramiwe cane mu gutangwako ikimazi kuko bashobora kunyuruzwa bitagoranye kandi badateye igere










