Tanzania : Samia Suluhu Hassan abona ko ata kubandanya bahakana Covid

Samia Suluhu yitabiriye igisabisho co kwibuka Perezida John Magufuli ku wa 26 z'ukwa gatatu, 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Samia Suluhu yitabiriye igisabisho co kwibuka Perezida John Magufuli ku wa 26 z'ukwa gatatu, 2021
    • Umwanditsi, Na Mercy Juma
    • Igikorwa, BBC, Nairobi

Uwo yasubiriye azwi ko yavugana uburakari, ariko uyu we avuga atuje.

Mu gihe hari abamubona nk'umuntu w'amahane, Perezida Samia Suluhu Hassan aboneka ko ashaka umwumvikano gusumba.

Mu guhe yafatwa nk'uwutwaza umukazo, Perezida Suluhu aboneka ko ashaka guha ijambo bose.

Haciye amezi ari musi y'abiri uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania, John Magufuli ashengeye ku myaka 61, aca asubirirwa n'uwari icegera ciwe aboneka ko ashaka guhindura ingene abona ibintu.

Haba ku kungene afata coronavirus, ubwigenge bw'ibinyamakuru canke ingene afata abatavuga rumwe n'ubutegetsi, Perezida Samia yarahinduye ururimi, uravye ingene avugana ubwitonzi ariko ashimitse.

Perezida Samia yimitswe haciye imisi mike uwo yasubiriye yitavye Imana mu kwa gatatu 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Samia yimitswe haciye imisi mike uwo yasubiriye yitavye Imana mu kwa gatatu 2021

Hagati aho, ntiyiyumva neza iyo hari abariko bamugereranya na Magufuli, mbere akaba aherutse gusaba abashingamateka ko batomugereranya na we.

Amaze ukwezi arahiye, yabwiye abashingamateka ati: "Magufuli na Samia, mu bisanzwe ni umuntu umwe. Ngize imisi nihweza impari zihari, kandi ni ngombwa ko mvuga ko atari vyiza ku gihugu cacu".

Ariko, umunyamakuru Jesse Kwayu akunze gukurikiranira hagufi poritike, avuga ko "bisa n'ibidakunda ko abantu bareka kubagereranya", akabona ko hari itandukaniro rinini cane hagati ya Magufuli na Samia.

"Aritondera ivyo avuga. Ni umuntu atahura neza uburyo nyabwo bwo gushikiriza ijambo no gukosora".

Umusi wa mbere gusa afata ijambo nk'umukuru w'igihugu, inyifato yiwe n'amajambo yashikirije vyerekanye ko azanye ubundi butegetsi butandukanye cane n'ubwahahora. Ubutegetsi Abatanzania batari bwigere babona kuva Perezida Magufuli yari yataziriwe "Tingatinga"ashitse ku butegetsi mu 2015.

Umuyobozi w'ikinyamakuru Jamhuri Media Limited, Deodatus Balile, agira ati: "Aho abandi baza n'ishavu ryinshi, we avugana ubwitonzi".

"Arabona ko Abatanzania badashobora kubaho nk'agati kirebanga, ko dutegerezwa kuba kumwe n'abandi, kandi tukifatanya n'amakungu mu gukemura ibibazo bimwe bimwe".

Kumbure ikintu gikomeye cane atandukaniyeko n'uwo yasubiriye, ni ingene afata ikizakaranda ca Covid-19.

Incanco n'ingingo za guma mu rugo?

Magufuli azwi nk'umuntu yakengera cane akamo katerwa n'amakungu ku bijanye na coronavirus yafata minenerwe, akanka ko n'incanco za Covid-19 zinjira mu gihugu. Harageze n'igihe atangaza ko umugera watsinzwe n'amasengesho muri Tanzania.

Ku butegetsi bwa Magufuli, abategetsi bahimiriza Abatanzani kwiyuka kugira ngo bikingire coronavirus

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku butegetsi bwa Magufuli, abategetsi bahimiriza Abatanzania kwiyuka kugira ngo bikingire coronavirus

Gushika ubu, nta biharuro vyo kwizera vyerekana abamaze kwandukirwa canke guhitanwa na coronavirus muri Tanzania kuko kuva mu kwa gatanu umwaka uheze, reta ya Magufuli yahagaritse gutanga ivyo bitigiri.

Ku ruhande rwiwe, Perezida Samia abona ko Tanzania idashobora kubandanya ihakana uwu mugera.

Haciye indwi zitatu gusa, yaciye ashiraho umurwi w'abahinga boza baramugira inama ku kungene Covid-19 yifashe mu gihugu bakanamwereka ingingo nkenerwa zikwiye gufatwa kugira akingire abanyagihugu.

Aranaboneka kenshi mbere yambaye agapfukamunwa, ikintu Magufuli atigeze akora.

Hasigaye kumenya nimba ivyo avuga n'ingendo nshasha yafashe hari ico biriko birahindura ku kungene Covid-19 ifatwa mu gihugu. Ikizwi kandi, ni uko gushika ubu ata ngingo nshasha zirigera zifatwa n'aba bahinga.

Mu gihe ubwoko bushasha bwa Covid-19 bubandanya burandagara kw'isi yose, abenshi baripfuza cane kumenya ico avuga ku bijanye n'incanco.

Abantu kandi bararindiriye kubona nimba ashobora gufata ingingo za guma mu ruko n'uguhagarika uruja n'uruza mw'ijoro mu ntumbero yo guhagarika uwu mugera, ivyo uwo yasubiriye atashaka kwumva.

Ingingo nk'izi zishobora kugira ingaruka mbi cane mu mamiliyoni y'Abatanzania bakenye, harimwo n'ababandaza bato bato ari nabo mushinge w'umugambwe uri ku butegetsi - Chama Cha Mapinduzi (CCM).

Mu gihe yoramuka afashe izi ngingo, hoba hageze ko Perezida Samia yerekana ububasha afise bwo gushobora kwumvisha abanyagihugu ko zoba zifashe ku nyungu zabo.

Ariko kubwa Jesse Kwayu, ubu bubasha arabufise.

Mu ngingo zikomeye ziherutse gufatwa mu ntumbero yo kurwanya Covid-19, kuwa mbere mw'ijoro reta yasohoye urwandiko rwerekana ingingo ngenderwako nshasha zitegerezwa kuja mu ngiro kuva kuri uyu wa kabiri.

Muri izi ngingo harimwo ko abantu bose bazokwinjira mu gihugu bazotegerezwa gushirwa ubwabo mu kiringo c'imisi 14.

Iyo ngingo izofata abanyamahanga hamwe n'abenegihugu bazotegerezwa kwerekana urukaratasi rwerekana ko bapimwe bagasanga ata mugera bafise.

Uru rwandiko ruvuga kandi ko abazoba binjiye bavuye mu bihugu bibangamiwe n'uwu mugera bazotegerezwa gusubira gupimwa Covid ku buryo bwabo.

Tanzania's President-elect John Magufuli (L) gestures as Vice President-elect Samia Suluhu holds up a certificate during the official election announcement ceremony in Dar es Salaam October 30, 2015.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Samia Suluhu yatowe nk'icegera c'umukuru w'igihugu mu 2015 ari kumwe naJohn Magufuli

Perezida Samia yatanguye kumenyekana mu gihugu mu 2014 igihe agenwa ubwa mbere kuba icegera c'umukuru w'umurwi washinzwe ngo utegure ibwirizwashingiro rishasha.

Yagiye kuboneka ko ari "umutegetsi abushitse, w'ijunja n'ijambo kandi afise ubushobozi bwo kwitondera ivyiyumviro bimunegura", nk'uko bivugwa n'umunyamakuru akurikiranira hafi ivya poritike.

Uku gushaka kwumviriza abo batavuga rumwe ni kwo kwamutumye afata iyindi ngendo ku bijanye n'ibinyamakuru.

Ubutegetsi bwa Magufuli buzwi ko bwugaye ibinyamakuru, bukagirizwa ko bwatoteje bukanapfunga abamenyeshamakuru. Abanyaporitike hamwe nabo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bubahuka kunegura Magufuli na bo nyene barapfunzwe.

Ariko Perezida Samia aboneka ko afise intumbero yo kwugurura urubuga kuri bose.

Umunyamahoro

Yategetse ubushikiranganji bw'ukumenyesha amakuru gusubiramwo ingingo zari zafashwe, aho avuga ko reta "idakwiye guha akaryo abantu bavuga ko turiko turahonyanga ubwigenge bw'ukumenyesha amakuru".

Uyu mukuru w'igihugu aramaze no kubonana n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu ntumbero yo kuganira "ingene bakwiye gukora ibikorwa vyabo vya poritike ku nyungu z'igihugu".

Yari asanzwe azwi ko ari umunyamahoro inyuma y'aho agendeye wa munyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi Tundu Lissu mu 2017 igihe arasiwe amasasu menshi n'abantu bitwaje inkoho bashaka kumwica. Ni we mutegetsi wenyene muri reta yamugendeye.

Inyuma y'amezi indwi yonyene amaze ku butegetsi, Perezida Samia yitezwe kuri uyu wa kabiri mu rugendo rugira kabiri mu makungu, aho yerekeje muri Kenya.

Agereranije n'ingendo cumi zonyene Magufuli yakoze mu mahanga mu myaka itandatu yamaze ku butegetsi, Jesse Kwayu arizeye ko uyu mukuru w'igihugu mushasha azokorana cane n'amakungu.

Ati: "Ndazi neza cane ko Tanzania igiye gusubira ku rubuga mpuzamakungu. Izogira uruhara mu migambi y'akarere nk'iyijanye n'ukugarukana amahoro, kandi izoserukirwa mu makoraniro mpuzamakungu, nk'Inama nkuru y'ishirahamwe ONU".

Kubw'iwe, kubona Perezida Samia yafashe inzira itandukanye mu gutegeka igihugu, ntibifise intumbero yo gucafuza uwo yasubiriye, ahubwo ni ikibazo "co guhitamwo demokarasi...hamwe no gukuraho" ivyatuma igihugu kitisanzura.

Abona ko agifise igikorwa co guhuza reta yahahora - nawe yari asanzwe arimwo - hamwe n'ubutegetsi bwiwe bushasha buboneka ko bwemera kwumviriza abo badahuje ivyiyumviro.