Idriss Déby: Ibihumbi n'ibihumbi bitavye ibirori vyo gusezera umukuru wa Chad

Chadian soldiers carry the coffin of the late Chadian president Idriss Deby during the state funeral in N'Djamena on April 23, 2021.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abasirikare bafukishije ibendera ry'igihugu isandugu y'ikiziga c'umuhisi prezida

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanya Chad bitavye ibirori vy'igihugu vyo gusezera prezida Idriss Déby yari amaze imyaka myinshi ku butegetsi inyuma y'urupfu rwiwe ku rugamba rwo kurwana n'inyeshamba.

Mu bategetsi b'ibindi bihugu bitavye urwo rubanza harimwo Emmanuel Macron w'Ubufaransa, busanzwe bukorana cane na Chad mu rugamba rwo kurwanya intagondwa z'aba Islam mu karere ka Sahel.

Imbere y'isandugu irimwo ikiziga ca Déby, Macron yavuze ati: "Wabayeho n'umusoda, wapfuye nk'umusoda n'ibigwanisho mu maboko.

"Wahebeye ubuzima bwawe Chad mu kurwanira abanyagihugu bayo."

Yabwiye abitavye ibirori ati: "Ntituzoreka umuntu n'umwe ngo ahungabanye uyu munsi canke ejo amaragamo ya Chad n'imbibe zayo."

Ibirori vyo kuri uyu wa gatanu vyanabayemwo defire ya gisirikare hamwe n'ijambo ry'umuhungu wa Déby, General Mahamat ''Kaka'' Déby Itno, igisirikare cagenye nk'umutegetsi mushasha w'ico gihugu.

Yiyemeje ''kuzogendera izina" rya se yemera no kubandanya iragi "ry'ibiganiro, guhana ikigongwe, amahoro, ubumwe" umuhisi prezida ''yashimirwa cane''.

Inyuma y'umugirwa ku murwa mukuru N'Jamena, Déby aca aja gushingurwa mu ntara avukamwo.

The son of the late Chadian president Idriss Deby, general Mahamat Idriss Deby (C) sits in the front row as he attends the state funeral for the late Chadian president Idriss Deby in N'Djamena on April 23, 2021.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umuhungu w'umuhisi prezida, Gen Mahamat Déby Itno, yagenywe kuba umukuru mushasha wa Chad

Igisirikare kivuga ko prezida Déby yapfiriye ku rugamba rwo kurwana n'umugwi w'abagarariji bitwaje ibigwanisho , witwa Fact, ku wa kabiri mu buraruko bw'igihugu.

Abandi bakuru b'ibihugu bari bahari barimwo aba Guinée, Mali, Mauritania, na Nigeria - bose birengagije ukugabishwa n'abo bagarariji ko botokwitaba uwo mugirwa kubera imvo z'umutekano.

Inyuma y'icubahiro ca gisirikare n'amajambo atandukanye, habaye amasengesho ku musigiti Grand Mosque wa N'Jamena.

Ikiziga ca Déby mu nyuma caciye kijanwa n'indege ahitwa Amjarass, ikigwati gito hafi y'igisagara c'amavukiro ca Berdoba, ku birometero birenga 1.000 uva ku murwa mukuru, hafi y'urubibe na Sudan.

French President Emmanuel Macron greets President of Mauritania Mohamed Ould Cheikh El Ghazouani next to Niger"s President Mohamed Bazoum after a meeting with African leaders of the Sahel countries as part of the funerals of Chad President Idriss Deby in N"Djamena, Chad, April 22, 2021.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku wa kane, abategetsi bariimwo abakuru ba Niger (i bubamfu) , Bufaransa na Mauritania bahuriye ku murwa mukuru

Urupfu rwiwe giturumbuka ku wa kabiri rwakiriwe n'ihayagizwa ry'abakuru b'ibihugu batandukanye - Prezida w'Ubufaransa akaba yamwise ''intwari y'umugenzi'', uwa Cameroun Paul Biya avuga ko yakoze "atiziganya", uwa Congo Kinshasa Felix Tshisekedi yavuze ko urupfu rwiwe ari "igihombo kinini kuri Chad na Afrika yose", umukuru wa Mali Bah Ndaw yababajwe n'urupfu "giturumbuka", nawe Cyril Ramaphosa wa wa Afrika y'Epfo avuga ko urwO rupfu ''ruhungabanya''.

Prezida Déby yari kirumara mu mikekenyuro y'umutekano mu karere ka Sahel - Chad n'igihugu kizwi kuba gifise ingabo za mbere zavyigiye kandi zifise ibigwanisho bikomeye muri Africa y'Uburengero iri mu ntambara n'imigwi ifitaniye isano na al-Qaeda na Etat Islamique.

Chadian military officials sit in the stands awaiting the start of the state funeral for the late Chadian president Idriss Deby in N"Djamena, Chad, 23 April 2021. Chad"s President Idriss Deby died of injuries suffered in clashes with rebels in the country"s north, an army spokesperson announced on state television on 20 April 2021. Deby had been in power since 1990 and was re-elected for a sixth term in the 11 April 2021 elections. The state funeral will take place on the morning of 23 April 2021, attended by French President Emmanuel Macron.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abategetsi mu ngabo za Chad bicaye mu bwugamo bakurikira ibirori ku murwa mukuru N'Djamena

Inama ya gisirikare irongowe n'umuhungu wiwe Gen Mahamat Déby Itno yaciye ifata ubutegetsi inyuma y'urupfu rwiwe.

Umunyamakuru wa BBC Lalla Sy avuga ko yamara ashigikiwe n'igice c'isigirikare, ariko ko afashwe mu mugongo n'Ubufaransa bwahora butwara Chad gikoroni busanzwe bunafise icicaro gikomeye c'ingabo i N'Jamena.

Ku wa kane ministre w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire Jean-Yves Le Drian yagaragaye nk'uwushigikiye kubona igisirikare caciye gifata ubutetegetsi, mu kuvuga ko icihuta muri Chad ari uko igihugu kigumana amaragamo kubera ''ibihe bidasanzwe''.

Gen Déby, w'imyaka 37, yavuze ko azotunganya amatora ya demokrasi mu mezi 18, ariko abatavuga rumwe n'ubutegetsi bariyamirije ubusubirizi nk'ugufata ubutegetsi ku nguvu mu gihe hari n'umugeneral yavuze ko intwazangabo nyinshi ziteye kubiri n'iyi ntwaro mfatakibanza.

Hahamagajwe yegereyegere yo mu gihugu cose yo kuvyiyamiriza.

A crowd gathers to witness the state funeral for the late Chadian president Idriss Deby in N"Djamena, Chad, 23 April 2021. Chad"s President Idriss Deby died of injuries suffered in clashes with rebels in the country"s north, an army spokesperson announced on state television on 20 April 2021. Deby had been in power since 1990 and was re-elected for a sixth term in the 11 April 2021 elections. The state funeral will take place on the morning of 23 April 2021, attended by French President Emmanuel Macron.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi bitavye urwo rubanza hanze y'aho uriko urabera ku murwa mukuru

Abagarariji ba Fact nabo nyene barayiyamirije ariko basaba ko haba ikiringo co guhagarika kugwana ku wa gatanu mu gihe co gusezera umuhisi.

Mw'itangazo kuri uyu wa gatanu, abo bagarariji bavuze ko icicaro cabo gikuru haheze iminsi ibiri gitewe bombe mu ntumbero yo kwica indongozi yabo. Ntihatanzwe ido n'ido ry'aho ico cicaro kiri, n'ivyoba vyarononekaye.