Idriss Déby: Ibihumbi n'ibihumbi bitavye ibirori vyo gusezera umukuru wa Chad

Ahavuye isanamu, AFP
Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanya Chad bitavye ibirori vy'igihugu vyo gusezera prezida Idriss Déby yari amaze imyaka myinshi ku butegetsi inyuma y'urupfu rwiwe ku rugamba rwo kurwana n'inyeshamba.
Mu bategetsi b'ibindi bihugu bitavye urwo rubanza harimwo Emmanuel Macron w'Ubufaransa, busanzwe bukorana cane na Chad mu rugamba rwo kurwanya intagondwa z'aba Islam mu karere ka Sahel.
Imbere y'isandugu irimwo ikiziga ca Déby, Macron yavuze ati: "Wabayeho n'umusoda, wapfuye nk'umusoda n'ibigwanisho mu maboko.
"Wahebeye ubuzima bwawe Chad mu kurwanira abanyagihugu bayo."
Yabwiye abitavye ibirori ati: "Ntituzoreka umuntu n'umwe ngo ahungabanye uyu munsi canke ejo amaragamo ya Chad n'imbibe zayo."
Ibirori vyo kuri uyu wa gatanu vyanabayemwo defire ya gisirikare hamwe n'ijambo ry'umuhungu wa Déby, General Mahamat ''Kaka'' Déby Itno, igisirikare cagenye nk'umutegetsi mushasha w'ico gihugu.
Yiyemeje ''kuzogendera izina" rya se yemera no kubandanya iragi "ry'ibiganiro, guhana ikigongwe, amahoro, ubumwe" umuhisi prezida ''yashimirwa cane''.
Inyuma y'umugirwa ku murwa mukuru N'Jamena, Déby aca aja gushingurwa mu ntara avukamwo.

Ahavuye isanamu, AFP
Igisirikare kivuga ko prezida Déby yapfiriye ku rugamba rwo kurwana n'umugwi w'abagarariji bitwaje ibigwanisho , witwa Fact, ku wa kabiri mu buraruko bw'igihugu.
Abandi bakuru b'ibihugu bari bahari barimwo aba Guinée, Mali, Mauritania, na Nigeria - bose birengagije ukugabishwa n'abo bagarariji ko botokwitaba uwo mugirwa kubera imvo z'umutekano.
Inyuma y'icubahiro ca gisirikare n'amajambo atandukanye, habaye amasengesho ku musigiti Grand Mosque wa N'Jamena.
Ikiziga ca Déby mu nyuma caciye kijanwa n'indege ahitwa Amjarass, ikigwati gito hafi y'igisagara c'amavukiro ca Berdoba, ku birometero birenga 1.000 uva ku murwa mukuru, hafi y'urubibe na Sudan.

Ahavuye isanamu, Reuters
Urupfu rwiwe giturumbuka ku wa kabiri rwakiriwe n'ihayagizwa ry'abakuru b'ibihugu batandukanye - Prezida w'Ubufaransa akaba yamwise ''intwari y'umugenzi'', uwa Cameroun Paul Biya avuga ko yakoze "atiziganya", uwa Congo Kinshasa Felix Tshisekedi yavuze ko urupfu rwiwe ari "igihombo kinini kuri Chad na Afrika yose", umukuru wa Mali Bah Ndaw yababajwe n'urupfu "giturumbuka", nawe Cyril Ramaphosa wa wa Afrika y'Epfo avuga ko urwO rupfu ''ruhungabanya''.
Prezida Déby yari kirumara mu mikekenyuro y'umutekano mu karere ka Sahel - Chad n'igihugu kizwi kuba gifise ingabo za mbere zavyigiye kandi zifise ibigwanisho bikomeye muri Africa y'Uburengero iri mu ntambara n'imigwi ifitaniye isano na al-Qaeda na Etat Islamique.

Ahavuye isanamu, EPA
Inama ya gisirikare irongowe n'umuhungu wiwe Gen Mahamat Déby Itno yaciye ifata ubutegetsi inyuma y'urupfu rwiwe.
Umunyamakuru wa BBC Lalla Sy avuga ko yamara ashigikiwe n'igice c'isigirikare, ariko ko afashwe mu mugongo n'Ubufaransa bwahora butwara Chad gikoroni busanzwe bunafise icicaro gikomeye c'ingabo i N'Jamena.
Ku wa kane ministre w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire Jean-Yves Le Drian yagaragaye nk'uwushigikiye kubona igisirikare caciye gifata ubutetegetsi, mu kuvuga ko icihuta muri Chad ari uko igihugu kigumana amaragamo kubera ''ibihe bidasanzwe''.
Gen Déby, w'imyaka 37, yavuze ko azotunganya amatora ya demokrasi mu mezi 18, ariko abatavuga rumwe n'ubutegetsi bariyamirije ubusubirizi nk'ugufata ubutegetsi ku nguvu mu gihe hari n'umugeneral yavuze ko intwazangabo nyinshi ziteye kubiri n'iyi ntwaro mfatakibanza.
Hahamagajwe yegereyegere yo mu gihugu cose yo kuvyiyamiriza.

Ahavuye isanamu, EPA
Abagarariji ba Fact nabo nyene barayiyamirije ariko basaba ko haba ikiringo co guhagarika kugwana ku wa gatanu mu gihe co gusezera umuhisi.
Mw'itangazo kuri uyu wa gatanu, abo bagarariji bavuze ko icicaro cabo gikuru haheze iminsi ibiri gitewe bombe mu ntumbero yo kwica indongozi yabo. Ntihatanzwe ido n'ido ry'aho ico cicaro kiri, n'ivyoba vyarononekaye.











