George Simbachawene avuga ko ari ukutubaha Tanzania kuvuga ko ihohotera impunzi

Ahavuye isanamu, TANZANIA Government
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri Tanzania yamirira kure icegeranyo c'abahinga ba ONU kivuga ko iki gihugu hamwe n'u Burundi bitoteza bikongera bigahungura impunzi z'abarundi ku nguvu.
George Simbachawene yabwiye BBC ko umugambi wo guhungura izi mpunzi ukorwa na Tanzania ifadikanije n'amashirahamwe afasha impunzi HCR na IOM, ko rero ibiri muri iki cegeranyo ari ukwambika urubwa Tanzania.
Abahinga ba ONU, bagiriza inzego z'igipolisi n'iperereza za Tanzania n'Uburundi ko zinyuruza, zisinzikariza ubuzima, zisubiza mu Burundi ku nguvu zikongera zigatera ubwoba impunzi z'abarundi ziri muri Tanzania.
BBC yagerageje kuvugana n'uruhande rwa reta y'Uburundi ntivyashoboka gushika ubu.
Umushikiranganji Simbachewene asigura ko umugambi wo gutahukana impunzi ubandanya gushika ubu ushingiye ku mahoro, umutekano n'ugufatana mu nda birangwa mu Burundi inyuma y'amatora, kandi ko ari reta y'Uburundi yisabiye ko abantu bayo botahukanwa.
Ati: "Reta y'Uburundi harimwo n'umukuru w'igihugu we nyene w'Uburundi yaraje muri Tanzania, arasigura yongera arasaba ko abanyagihugu biwe basubira mu gihugu kubera kirangwamwo umutekano".
Tanzania ihaye indaro impunzi z'abarundi zirenga 165,000 nk'uko HCR ibivuga, benshi baba mu nkambi cane cane za Nyarugusu, Nduta na Mtendeli mu burengero bwa Tanzania.
Simbachawene asigura ko ingene umugambi uteguwe na reta ya Tanzania ifadikanije na HCR hamwe na IOM ari uko impunzi ziyandikisha, zigahabwa umusi wo guhunguka hanyuma zigahabwa n'uburyo butangwa n'aya mashirahamwe nyene afasha impunzi.
Ati: "Rero ibivugwa ko tubahungura ku nguvu ni ukuzimiza, ikinyoma no guteza urubwa Tanzania kandi yaremeye kuja hamwe n'aya mashirahamwe ya ONU mu gufasha izi mpunzi".
"Rero twebwe twibaza ko abantu bavuga Tanzania batazi. Tanzania yakiriye impunzi ziva mu bihugu bitandukanye muri kano karere".
"Mwibuke ko Tanzania ari co gihugu conyene catanguye kwakira impunzi kuva n'imbere y'ukwikukira n'inyuma y'ukwikukira. Rero uno musi kwagiriza Tanzania ko iriko irirukana impunzi kandi dufashanya mu kubatahukana, ni ukutubaha Tanzania be no kuyishayako".
Nayo kubivugwa ko hari abanyuruzwa bagakorerwa n'ayandi mabi, arahakana ivyo, akavuga ko ahubwo ari abava mu makambi bidaciye mu mategeko, maze bagira ibibazo iyo bari bagaca bavuga ko banyurujwe canke bakorewe ibindi vyaha.
Simbachawene ati: "Umenye ko arya makambi yuguruye, ntiyugaye. Rero ziragiriranira imigenderanire n'abanyagihugu baba hanze y'amakambi co kimwe n'ababa hanze y'amakambi nabo nyene uko".
"Ivyo bikorwa vy'ubudandaji n'ukwivangatiranya n'abanyagihugu, ubwa mbere biteye kubiri n'amategeko kuko impunzi ntiyemerewe gukora ikintu ico ari co cose kiretse utuntu dusanzwe ahantu yashizwe kandi ntiyemerewe gusohoka".
"Rero iyo hagize ikimushikira hiyo aba ari uza wumva ngo twahohotewe, twanyurujwe, nakorewe ibi na biriya, ivyo si vyo n'ukuri".
Avuga ko abahonyanga ayo mategeko bahagarikwa, bakabashira imbere y'ubutungane hanyuma bakabasubiza mu makambi canke bakabasubiza iwabo, ariko ko usanga inyuma y'umusi umwe canke imisi ibiri ugasanga yagarutse mw'ikambi.
Avuga ko ivyo aba bahinga ba ONU bagiriza Tanzania ari ibinyoma, ko ibintu bisanzwe usanga bishika ariko bitategerezwa gucafuza Tanzania ku bijanye n'iki kibazo c'impunzi.
Arahakana ko ata cuka kibi kihari, ko amakambi atekanye, ubuzima bubandanya ibisanzwe. Avuga ko utubazo tuba ari udusanzwe, kandi ko ibiba mu makambi, biba n'ahandi hose mu gihugu atari mu makambi y'impunzi.
Ati: "Twumvikane gato: si ukuvuga ko harya mu makambi ari mw'ijuru, kandi no mu banyagihugu bacu basanzwe hari ibiba ariko ntimubivuga".
"Rero nshaka ko ubwira isi yose yumve ko Tanzania ata mpunzi iyo ari yo yose iriko irakubagura, ko Tanzania ari co gihugu c'akarorero gitunga impunzi, ko ahubwo ari impunzi zihonyanga amategeko ababuza kuva mu makambi hanyuma bahura n'ibibazo bagaca bavuga ngo batotejwe canke ngo banyurujwe".
"Twebwe nka reta tubandanya dukurikiza amategeko ku bakora ayo makosa".










