Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bazamuganga: Uburwayi bwa Fibromes Uterins bumeze gute?
Abagore n'abigeme bageze mu myaka yo kwibaruka barashobora kugira ikibazo c'ibivyimba mu bice vy'igitereko/ Fibromes Uterins
Ibi bivyimba bikunda kuboneka ku birabure gusumba ayandi moko (mu bazungukazi bifata abagera ku bice 20% nayo mu birabure barenga 50%).
Ni ingwara kuri bamwe itera ububabare bukomeye cane, n'aho ata vyinshi bivugwa ku bushakashatsi bwo kumenya impamvu zavyo n'ingene vyokwirindwa.
Forentine Kwizera avugana na Muganga Thierry Mako, yanonosoye gukwirikirana abavyeyi (Gyneco-obstetricien), atangura amubaza uburyo ivyo bivyimba bimenyekana ku wubifise (umviriza ikiganiro aho hejuru).