Mars: Cya kinyabiziga cya Perseverance cyohereje amafoto atangaje

Perseverance yafashe iyi foto ikoresheje camera yo hejuru ahagana ku munara wayo ku itariki ya mbere z'uku kwezi

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech

Ikinyabiziga kidasanzwe Perseverance NASA yohereje kuri Mars kikahagera mu kwezi gushize nyuma y'amezi arindwi y'urugendo kiri kohereza amafoto y'uko byifashe kuri uwo mubumbe.

Amafoto kiri kohereza ni ay'ahantu giherereye hafi y'aho cyaguye hitwa Jazero ku ntera ya 49km uvuye kuri koma (equateur) ya Mars ugana mu majyaruguru y'uyu mubumbe utukura.

Aya ni amwe mu mafoto cyohereje, mu gihe kiri guhiga ibimenyetso bito cyane bishoboka by'ubuzima, ibyaranze ikirere cyaho ndetse kigatoragura amwe mu mabuye yaho yakwifashishwa mu bushakashatsi.

Iyi ni ifoto ya mbere ya 'resolution' nini, y'amabara yafashwe na camera yo hasi y'iki kinyabiziga kimaze kugera hasi

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech

Insiguro y'isanamu, Iyi ni ifoto ya mbere ya 'resolution' nini kandi y'amabara yafashwe na camera yo hasi y'iki kinyabiziga kimaze kugera hasi
1px transparent line
Perseverance ushobora kuyibona icanye amatara hafi y'aho yaguye, iminsi itandatu nyuma y'uko ihageze. Icana imbere n'inyuma iyo hari umwijima kugira ngo ikomeze akazi yatumwe

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech/UArizona

Insiguro y'isanamu, Perseverance ushobora kuyibona icanye amatara hafi y'aho yaguye, iminsi itandatu nyuma y'uko ihageze. Icana imbere n'inyuma iyo hari umwijima kugira ngo ikomeze akazi yatumwe
Perseverance ifite ibikoresho byinshi bya siyansi byo gukusanya amakuru kuri uyu mubumbe, ikirere cyawo, ubutaka bwawo n'ibihakikije. Camera yafashe iyi foto iri hejuru ku munara wacyo wifashishwa mu kumenya aho kigana.

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech

Insiguro y'isanamu, Perseverance ifite ibikoresho byinshi bya siyansi byo gukusanya amakuru kuri uyu mubumbe, ikirere cyawo, ubutaka bwawo n'ibihakikije. Camera yafashe iyi foto iri hejuru ku munara wayo wifashishwa mu kumenya aho kigana.
1px transparent line
Iyi ni ifoto yo ku mugongo w'iki kinyabiziga aho gifite ibikoresho bizagifasha gukusanya ibintu biri 'chemical' izasanga kuri uwo mubumbe.

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech

Insiguro y'isanamu, Iyi ni ifoto y'igice kimwe ku mugongo w'iki kinyabiziga aho gifite ibikoresho bizagifasha gukusanya ibintu biri 'chemical' izasanga kuri uwo mubumbe.
1px transparent line
Ifoto ya bugufi y'amabuye n'ubutaka byo kuri Mars cyafashe kuwa mbere w'iki cyumweru

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech

Insiguro y'isanamu, Ifoto ya bugufi y'amabuye n'ubutaka byo kuri Mars cyafashe kuwa mbere w'iki cyumweru
1px transparent line
Iri buye ryaconzwe n'umuyaga rirerekana ibyo Perseverance iri kugenda ibona. Iri buye abahanga baje kuryita "harbour seal" kubera ishusho yaryo.

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech/ASU/MSS

Insiguro y'isanamu, Iri buye ryaconzwe n'umuyaga rirerekana ibyo Perseverance iri kugenda ibona. Iri buye abahanga baje kuryita "harbour seal" kubera ishusho yaryo.
1px transparent line
Ifoto ngari igaragaza umurambi n'imisozi kuri Jazero, hafi y'aho Perseverance yaguye. Ibisa n'imisozi biri muri kilometero nyinshi uvuye aho iri.

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech/ASU/MSSS

Insiguro y'isanamu, Ifoto ngari igaragaza umurambi n'imisozi kuri Jazero, hafi y'aho Perseverance yaguye. Ibisa n'imisozi biri muri kilometero nyinshi uvuye aho iri.
Indi foto igaragara nk'icyo imboni y'ijisho ry'umuntu nayo yabona kuri uyu mubumbe utukura irerekana ibitare byinshi ku butaka kuri Mars.

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech/ASU

Insiguro y'isanamu, Indi foto igaragara nk'icyo imboni y'ijisho ry'umuntu nayo yabona kuri uyu mubumbe utukura irerekana ibitare byinshi ku butaka kuri Mars.
1px transparent line
Ifoto yo mu cyumweru gishize yerekana ahantu mu buryo bwa hafi, iyi abantu bayitoye nk'"Ifoto y'Icyumweru" ku cyumweru cya kabiri Perseverance iri mu butumwa.

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech/ASU

Insiguro y'isanamu, Ifoto yo mu cyumweru gishize yerekana ahantu mu buryo bwa hafi, iyi abantu bayitoye nk'"Ifoto y'Icyumweru" ku cyumweru cya kabiri Perseverance iri mu butumwa.
1px transparent line
Iyi foto irerekana agace ko kuri Jazero kasigaye gahagaze nyuma y'imyaka myinshi cyane haba isuri. Ahantu hari imirongo itambitse kuri ako kanunga hazibandwaho cyane n'abashakashatsi mu gushaka ibimenyetso by'ubuzima bwaba bwarabaye hano.

Ahavuye isanamu, NASA/JPL-Caltech/ASU

Insiguro y'isanamu, Iyi foto irerekana akanunga ko kuri Jazero kasigaye gahagaze nyuma y'imyaka myinshi haba isuri. Ahantu hari imirongo itambitse kuri ako kanunga hazibandwaho cyane n'abashakashatsi mu gushaka ibimenyetso by'ubuzima bwaba bwarabaye hano.
1px transparent line
Imwe mu mafoto ya mbere yafashwe Perseverance iri kururuka. Hano irabifashwamo n'imigozi kugeza kigejeje amapine yacyo hasi.

Ahavuye isanamu, NASA/JPL-Caltech

Insiguro y'isanamu, Imwe mu mafoto ya mbere yafashwe Perseverance iri kururuka. Hano irabifashwamo n'imigozi itatu n'undi umwe bise "urureri" (uruzogi mu kirundi) yose ifashe ku mutaka kugeza kigejeje amapine yacyo hasi.
1px transparent line
Iyi foto nayo yafashwe mu kururuka. Mu gihe Perseverance yari kuri 11km igana ku butaka bwa Mars, yahise irekura umutaka uyifasha kururuka buhoro buhoro.

Ahavuye isanamu, Nasa/JPL-Caltech

Insiguro y'isanamu, Iyi foto nayo yafashwe mu kururuka. Mu gihe Perseverance yari kuri 11km igana ku butaka bwa Mars, yahise irekura umutaka uyifasha kururuka buhoro buhoro.
1px transparent line
Uko Perseverance yarebaga ubutaka bwa Mars umwanya muto cyane mbere yo kugera hasi. Iyi foto irerekana umukungugu uri kwigirayo kubera iki kintu kiri kumanuka ngo kihagwe.

Ahavuye isanamu, NASA/JPL-Caltech

Insiguro y'isanamu, Uko Perseverance yarebaga ubutaka bwa Mars umwanya muto cyane mbere yo kugera hasi. Iyi foto irerekana umukungugu uri kwigirayo kubera iki kintu kiri kumanuka ngo kihagwe.
1px transparent line
Indi foto mu kumanuka kwacyo irerekana agace ka Jazero. Perseverance yaje kugwa mu gace kari hagati ahajya ibumoso mu ifoto.

Ahavuye isanamu, NASA/JPL-Caltech

Insiguro y'isanamu, Indi foto mu kumanuka kwacyo irerekana agace ka Jazero. Perseverance yaje kugwa mu gace kari hagati ahajya ibumoso mu ifoto. Igice cy'iburyo ni umukoki wiremye kubera ibikekwa ko ari uruzi rwa cyera cyane rwisukaga mu kiyaga cyari hano. Amabuye n'umucanga bizavanwa muri uyu mukoki bizagarurwa ku isi n'iki kinyabiziga.
1px transparent line

Amafoto yose ni aya Nasa/JPL-Caltech