Caster Semenya agiye kwungururiza muri sentare ya Bulaya urubanza rw'abanonotsi b'igitsinagore bafise testosterone irenze urugero

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunonotsi wa mbere mu kwiruka 800m Caster Semenya agiye kwunguruza urubanza muri sentare ya Bulaya y'agateka ka zina muntu ku ngingo ibuza guhiganwa abagore n'abakobwa bafise urugero runini rw'inkabuzo/umusemburo (hormone) ya testosterone.
Semenya ntiyemerewe guhiganwa ku metero ziri hagati ya 400 na mile (1.609,34m) atabanje gufata imiti igabanya testosterone, kuva urwego rw'ubunonotsi World Athletics rubihinduye mu 2019.
Uwo munya-Africa y'Epfo yatsinzwe urubanza yunguruje muri sentare ntahinyuzwa y'Ubuswise mu kwezi kw'icenda ariko n'ubu aracafise icizere ko ashobora kwemererwa kuhiganwa mu nkino zo mu Buyapani uyu mwaka kugira arwanire kugumana ikibanza ca mbere muri Olympic.
Yavuze ati: "Nta kindi dusaba atari kutureka,rimwe kandi rizima, tukiruka ata nkomanzi, nk'abagore b'inguvu kandi badatinya nk'uko twamye na mbere hose."
Abashingwamanza biwe bazosigura ko Ubuswise bwananiwe mu nshingano zabwo zo kumukingira ihonyangwa ry'uburenganzira bwiwe.
Urwego rw'ubunonotsi rwashinze ingingo ivuga ko abanonotsi bafise uko bateye kurenze urugero rusanzwe rw'abandi bahuje igitsina (differences of sex development,DSD) bategerezwa gufata imiti kugira bahiganwe hagati ya 400m na mile canke biruke ku zindi metero.
Abanonotsi bafise DSD bagira urugero ruri hejuru rwa testosterone kama, urwego rw'ubunonotsi rukavuga ko ivyo bibaha ico barusha abandi mw'ihiganwa.
Sentare ijejwe amatati mu nkino yimye agaciro urubanza rwungurujwe na Semyenya kuri iyo ngingo mu 2019.
Sentare ntahinyuzwa y'Ubuswise yaciye iba irahagaritse iyo ngingo vy'agateganyo, ariko mu nyuma yisubirako.
Vyasigura ko Semenya yabaye uwa mbere ku 800m mu nkino za Olympic za 2012 na 2016 , yaciye yamburwa uburenganzira bwo gusubira guhiganwa mu nkino z'isi za Doha kuko atari yatsinze urubanza rwo guhagarika iyo ngingo y'urwego rw'ubunonotsi.
Mw'itangazo inyuma y'ingingo ya sentare y'Ubuswise mu kwezi kw'icenda, World Athletics yagize iti :
"Mu myaka itanu ishize, World Athletics yaragwaniye ukungana kw'uburenganzira n'amahirwe ku bagore n'abakobwa bose mu nkino zacu ubu no muri kazoza.
"Nico gituma dushimye ingingo y'uyu munsi ya sentare ntahinyuzwa y'Ubuswise yo kwemeza amategeko yacu ajanye na DSD nk'uburyo bubereye kandi buri hagati na hagati bwo gukingira uburenganzira bw'abanonotsi bose b'igitsinagore mu kwitaba inkino zacu mu buryo atawe burenganya kandi bwumvikana."
Sentare ntahinyuzwa y'Ubuswise yavuze ko: "kugra amahirwe amwe mu nkino n'umwitwarariko wumvikana kandi kugize ishingiro ryo guhigana mu nkino.Ni kimwe mu nkingi ihiganwa rishingiyeko."
Mu kwezi kwa gatatu mu 2020, Semenya yavuze ko ashaka kwiruka 200m i Tokyo , ico gihe akaba atokenera kwirirwa arafata imiti.
Kugira ashobore guhiganwa, yotegerezwa kubanza kwiruka izo metero mu mwanya w'ama sekunda 22,80 umuha uburenganzira bwo guhiganwa mu gihe gushika ubu umwanya mwiza afise ari amasekunda 23,49.
Itangazo ry'abunganira Semenya, Norton Rose Fulbright, ryo kuri uyu wa kane rivuga riti:
"N'ubwo sentare ariyo izotanga ikirangaminsi y'aho izocira urubanza rwacu, Caster agumana icizere kuruta na mbere ko vuba azokwemererwa gusubira kwiruka 800m mu mahingwanwa mpuzamakungu."










