Benjamin Acheampong: 'Ntibashobora kudufata nk'ibikoko',bivugwa n'umukinyi 'yahenzwe' agatakaza $1m

- Umwanditsi, Na Piers Edwards
- Igikorwa, BBC Sport Africa
Benjamin Acheampong avuga ko yabeshwe rimwe n'umugwi w'umupira w'amaguru agatakaza miriyoni imwe y'ama dolari ($1m), kandi ko afise ishaka ry'uko ivyo bitazosubira gushika-na cane cane ntibisubire gukorwa n'uwo mugwi nyene.
Uwo mukinyi aturuka muri Ghana avuga ko yatakaje umuriyoni w'ama dolari ($1m) mu mpari n'umwe mu migwi ikomeye cane mu Misiri, Zamalek, zihera kuva mu 2018, kandi ko n'ubwo haheze amezi abiri sentare ijejwe amatati y'inkino (Cas) itegetse uwo mugwi umaze gutwara igikombe ca Africa incuro zitanu kumuriha amafaranga angana nayo , n'ubu ata n'urumeya araronka.
Uwo mukinyi w'imyaka 30 yabwiye BBC Africa Sport ati:
"Ibi si vyo-aka niko kazi kantungiye umuryango.Ntibashobora gufata abantu nk'ibikoko.Turi abantu kandi twazanywe ngaha no gukora."
Kubera umwe mu migwi ikomeye cane yo muri Afrika bivugwa ko 'yikitse mu kiza' ku bijanye n'amasezerano y'umukinyi utari ugikeneye, wagirijwe -na Cas- gukora ''ibitagira ubuntu'',"gutera igitsure",n'inyafato "itagira impuhwe.''
Acheampong, umukinyi w'imbere,yinjiye muri uwo mugwi w'I Cairo ku masezerano y'imyaka ine mu 2017 ariko ayahagarika haheze amezi 11, avuga ko Zamalek itigeze imuhemba uko babisezeranye.
Avuga kandi ko igihe agiriye mu wundi mugwi w'aho mu Misiri nyene, Perojet, ku kiringo c'intizo c'amezi atanu mu 2018,yahenzwe agatera igikumu ku rwandiko rwavuga ko atazoheba umushahara wiwe wa Zamalek mu gihe azoba ari muri Petrojet gusa-ahubwo mu kiringo c'amasezerano yiwe cose.
Mu gufata ikaramu agasinya gusa, avuga ko yahevye atabizi amafaranga arenga miriyoni y'ama dolari ($1m).
Acheampong ati: "Ivyo nta n'umwe yobikora.Ico nemeye conyene ndakizi kwari uko Petrojet izompemba igice c'ikiringo nari ngiye gukina."
Mu kwezi kwa 12, Cas yavuze ko Acheampong agwanira "ikiri ukuri", ku mvo zitandukanye,kuba yarangije ku ngingo yiwe wenyene amasezerano na Zamalek,ubu itegerezwa kumuriha miriyoni 1.1 z'ama dolari.
Ariko na none, igihe vyasa n'uko agiye kuronswa ayo mafaranga, hari icaciye kiba.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw'ikete yarungikiye Fifa, Zamalek yavuze ko habonetse"umwumvikano n'uwuhagarariye inyungu z'uwo mukinyi " aho uwo munyaGhana yoba yari yemeye guhabwa amafaranga angana n'ibihumbi 250 ($250.000) vy'ama dolari gusa.
Ariko uwo muntu, yahoze ari capitaine wa Misiri Nader El Sayed-ntagihagarariye inyungu za Acheampong, nk'uko vyemezwa n'uwo mukinyi. Avuga ko uwo munya-Misiri yahinduye inyandiko kugira zerekane ko ariwe yovugana na Zamalek kw'izina rya Acheampong.
El Sayed, inyandiko ziwe zivuga ko azoronkako 20%, yabwiye BBC ko izo nyandiko "zatanzwe n'abazifitiye ububasha" kandi "ariz'ukuri".
"Kubona honyene ko Acheampong yoba-indwi zibiri amenyeshejwe ingingo ya Cas-buno nyene agaca aha uruhusha uwundi muntu kwemera amasezerano amuha 25% y'ayo yari kuronka ntivyumvikana," nk'uko bivugwa na Roy Vermeer, umuyobozi araba ivy'amategeko mw'ishirahamwe mpuzamakungu ry'abakinyi Fifpro.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Acheampong nta faranga na rimwe arabona muri miriyoni 1.1 z'ama dolari Zamalek yategetswe kumuriha, na cheque y'ama dolari ibihumbi 250- avuga ko yahawe El Sayed kw'izina ryiwe ntayo arabona, uretse ko yo atayo ashaka.
Kuri uyu wa kane,Fifa, isanzwe yarugururiye Zamalek dosiye ya discipline, ishobora gufatira uwo mugwi ingingo yo kudasubira kugura canke kugurisha abakinyi, binashoboka ko unafatirwa kandi ingingo yo gukurwa amanota canke gusubizwa mu cicaro co hasi.
Acheampong ati : "Bategerezwa guhanwa."










