Burundi-Ethiopia: Prezida Ndayishimiye yahawe ubutumire bwo kugendera Ethiopia

Ahavuye isanamu, BURUNDI PRESIDENCY
Preziza wa Ethiopia, Madame Sahle-Work Zewde yarangije urugendo rw'iminsi ibiri mu Burundi aho agishika yakiriwe ku kibuga c'indege c'umurwa mukuru w'ubutunzi, Bujumbura, na mugenziwe w'ico gihugu, Evariste Ndayishimiye.
Urwo rugendo rwahaye '' abakuru b'ibihugu vyompi akaryo ko kuraba inzira n'uburyo vyo gukomeza imigenderanire ya kivukanyi isanzwe iri hagati y'ivyo bihugu kuva kera'', nk'uko biri mw'itangazo ry'igisata co kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi.
Mu majambo bashikirije bari ku nzimano umukuru w'igihugu c'Uburundi yahaye mugenziwe wa Ethiopia n'abamuherekeje, abakuru b'ibihugu vyompi biyemeje ''gukomeza imigenderanire imaze imyaka iri hagati y'ivyo bihugu''.
Madame Sahle-Work Zewde yavuze ko Uburundi na Ethiopia ''bifatanijwe n'uruzi Nil nk'uruzogi.''
Umukuru w'Uburundi Evaritse Ndayishimiye yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira akomeze imigenderanire na Ethiopia no ''gushigikirana na cane cane mu kurwanya iterabwoba.''
Itangazo ryo kurangiza urugendo rivuga ko abakuru b'ibihugu vyompi barabiye hamwe ahageze ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo gufashanya.
Umukuru w'igihugu ca Ethiopia yatumiye mugenziwe w'Uburundi kuzogendera Ethiopia.
Prezida Ndayishimiye ''yavyemeye, isango rikazoshingwa biciye mu mayira y'imigenderanire'' nk'uko biri mw'itangazo ryo kurangiza urugendo.
Umukuru wa Ethiopia yavuze iki agishika ku kibuga c'indege ca Bujumbura?
Umukuru w'Uburundi Evaritse Ndayishimiye ntaco yavuze ku mugagararo igihe yakira mugenzi we wa Ethiopia ku kibuga c'indege ca Bujumbura.
Madame Zahle-Work Zewde we yabwiye abanyamakuru ati : ''Ndanezerewe cane no kuba ndi hano i Bujumbura, igisagara nari maze kugendera muri kahise k'ubuzima bwanje, ni iteka rikomeye kuba nje ngaha nk'umukuru w'igihugu ca Ethiopia''.

Ahavuye isanamu, BURUNDI PRESIDENCY
Uwo mutegetsi wa Ethiopia yavuze ko n'ubwo ibihugu vyompi vyari bisanganywe imigenderanire kuva kera cane ata rugendo rwo kuri urwo rwego rwari bwakorwe mu Burundi n'abategetsi ba Ethiopia.
Yagize ati: ''Twujuje igihengeri cari kihari kuva kera, n'ukuvuga urugendo rw'intumwa zo ku rwego rwo hejuru za Ethiopia mu Burundi''.
''Ndanezerewe no kuba umutegetsi wa mbere wo kuri uru rugero agendeye Uburundi.''
Madame Zahle-Work yavuze ko bazorabira hamwe n'abategetsi b'Uburundi ibisata bashobora gufashanyamwo.
Ethiopia irondera iki?
Umukuru w'igihugu muri Ethiopia afise ikibanza ahanini c'igihagararo gusa, Ubutegetsi buri mu minwe y'inama y'abashikiranganji n'umukuru wayo ariwe mushikiranganji wa mbere.
Ku bw'umusesenguzi akurikirana ibibera mu Burundi no muri Republika ya Demokrasi ya Congo mu kigo ICG, ''Uyu mudamu yabaye umukuru w'igihugu yari asanzwe azobereye mu migenderanire ya Ethiopia n'ibindi bihugu''. Yahagarariye ico gihugu mu bihugu bitandukanye.
Onesphore Sematumba avuga ko muri urwo rugendo, Madame Zewde ashobora kuba ari muri ico gikorwa ca ''diplomatie'' mu gihe umushikiranganji wa mbere w'igihugu ciwe Abiy Ahmed ahanganye n'intambara yo mu ntara ya Tigray "yagabanuye ubwiza bw'isura yiwe mu makungu' nk'umuntu yahawe agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel none akaba ari mu ntambara."
Intambara yo mu ntara ya Tigray yadutse mu kwezi kwa 11 n'ubu bikavugwa ko iyo ntara iri mu kaga.
Abo mu mugambwe TPLF (ubu wafuswe) wahora urongoye reta y'intara ya Tigray bavuga ko muri iyo ntambara, ingabo za reta mpuzantara ya Ethiopia zakoze amarorerwa harimwo kwica abantu.
Reta ya Abiy Ahmed yagirizwa kandi n'amakungu kuba intambamyi ku bashaka gushira imfashanyo abantu bo mu ntara ya Tigray.
Reta ya Addis Ababa ivuga ko ingabo zayo zitwaye neza cane.
Onesphore Sematumba abona rero ko Madame Sahle-Work Zewde ashobora kuba ariko arakoresha ubuzobere afise mu migenderanire kugira asigurire amakungu ingene reta yiwe yitwaye muri ico kibazo ca Tigray bibaye ngombwa aze ayishigikire imbere y'inzego mpuzamakungu.

Ahavuye isanamu, BURUNDI PRESIDENCY
Uburundi bwo buhungukira iki?
Prezida wa Ethiopia amaze kugendera ibihugu vy'akarere nka Republika ya Demokrasi ya Congo(RDC).
Ku bw'umusesanguzi wo muri ICG, ku Burundi urugendo rw'umukuru w'ikindi gihugu n'intambwe ikomeye ku rubuga mpuzamakungu mu gihe kuva mu 2015 "bwasa n'ubwahariwe ivomo" ntibugenderwe n'abakuru b'ibindi bihugu.
Prezida Evaritse Ndayishimiye aronse akaryo ko kwerekana ko Uburundi ubu ari "nyabagendwa".










