Myanmar: Antonio Guterres wa UN asaba amakungu kuburizamwo isenyurwa ry'ubutegetsi

Ejo k uwa gatatu, bamwe mu baba mu gisagara ca Yangon bagira imyiyerekano babomboranya amasorori

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ejo k uwa gatatu, bamwe mu baba mu gisagara ca Yangon bagira imyiyerekano babomboranya amasorori

Umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres, atera akamo amakungu gukora ibishoboka vyose akaburizamwo itembagazwa ry'ubutegetsi muri Myanmar ryabaye ku wa mbere.

Avuga ati guhindura ivyavuye mu matora "ntibishobora kwemerwa", kandi abatembagaje ubutegetsi bategerezwa kwumvishwa ko uku atari ko igihugu gitegerezwa gutwarwa.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano kariko karihweza ingene kosohora itangazo, ariko vyitezwe ko Ubushinwa buzibira amajambo ayo ari yo yose yokwiyamiriza iri tembagaza ry'ubutegetsi.

Abasirikare batembagaje ubutegetsi baciye bata mu mvuto umutegetsi yari yatsinze amatora, Aung San Suu Kyi.

Igiporisi ca Myanmar (canke Birmanie) cahavuye cagiriza ivyaha bitari bike umupfasoni Suu Kyi, ayatwe mu gasho akazokabamwo gushika ku wa 15 z'uku kwa kabiri.

Yaba umupfasoni Suu Kyi canke umukuru w'igihugu yakombowe Win Myint, nta n'umwe arigera yumvikana ijwi kuva ubutegetsi butembagajwe.

Igisirikare catembagaje ubu butegetsi kigaca gitangaza amategeko yo mu bihe bidasanzwe azomara umwaka wose, kiriko kirondera gusigura ivyo cakoze mu kuvuga ko amatora yo mu kwa cumi na rimwe yabayemwo ubusuma bwatumye umugambwe w'umupfasoni Suu Kyi, National League for Democracy (NLD) uyatsinda.

Facebook muri Myanmar ntikora uno musi ku wa kane inyuma y'amakuru yavuga ko igisirikare categetse amakompanyi y'itumatumanako guhagarika imbuga hwaniro.

Mu misi iheze, abaharanira agateka ka muntu bari buguruye imbuga kuri Facebook kugira ngo zibafashe mu rugamba rwo kwiyamiriza iri tembagazwa ry'ubutegetsi.

'Ni ibintu bidashobora kwihanganirwa'

Umunyamabanga mukuru wa ONU asaba ko ubutegetsi bwemewe n'ibwirizwashingiro busubizwaho muri Myanmar. Avuga ko yizeye ko abagize akanama ka ONU kajejwe umutekano kaza kugihurizako.

Ati: "Tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo duhimirize amakungu yose afise ubushobozi atere igitsure uko bishoboka kwose kugira ngo iri tembagazwa ry'ubutegetsi riburizwemwo".

"Ni ibintu bidashobora kwihanganirwa na gato guhindura ivyavuye mu matora n'aho abanyagihugu bashize".

"Ndizeye ko igisirikare ca Myanmar kizoshobora kwumvishwa ko iyi atari yo nzira yo gutwara igihugu kandi ko bidashobora kubandanya uku".

Ibihugu vyo mu burengero bw'isi biriyamiriza vyivuye inyuma iri tembagazwa ry'ubutegetsi, ariko utwigoro tw'akanama kajejwe umutekano kw'isi kugira ngo gashike ku ngingo ihuriweko na bose ntaco twavuyemwo kubera Ubushinwa bwavyanse.

Ubushinwa ni kimwe mu bihugu bitanu ntayegayezwa kandi bifise uburenganzira bwo guhagarika ingingo iyo ari yo yose muri ako kanama.

Ubushinwa bwamye bugira uruhara ntangere mu gukingira ikibaba iki gihugu, kandi kuva iri tembagazwa riba, bugabisha ko ibihano canke igitsure c'amakungu ata kindi bizoshikako uretse ko bizotuma ibintu vyunyuka.

Hampande y'Uburusiya, Ubushinwa bwamye bukingira Myanmar abayinegura mw'ishirahamwe ONU mu gihe yariko iratoteza inkehwa z'Abasilamu b'aba Rohingya.

Ntibizwi neza iyo Suu Kyi ari

Bivugwa ko Aung San Suu Kyi yoba apfungiwe muhira iwe ku mugwa mukuru Nay Pyi Taw.

Yagirizwa amakosa arimwo kurenga ku mategeko ajanye no kwinjiza hamwe no gusohora ibidandazwa, hamwe no gutunga ibikoresho vy'itumatumanako mu buryo buteye kubiri n'amategeko.

Ibi birego biri mu rwandiko rwa mbere igiporisi cashikirije sentare.

Abaharanira agateka ka muntu batera akamo kugarariza ubutegetsi

Gushika ubu, nta kintu kinini cerekana ko hashobora kuba imyiyerekano ikomeye muri Myanmar. Ku wa kabiri n'ejo ku wa gatatu, abadereva baravugije amahona mu gisagara gikuru, Yangon (kizwi kandi nka Rangoon), abanyagihugu nabo bakubita amasafuriya batekamwo.

Igihugu kiboneka ko gitekanye inyuma y'iri tembagazwa ry'ubutegetsi kubera ingabo zibandanya irondo kandi hakaba hari n'umukwabu w'ijoro.

KU bitaro bikuru vya Yangon abaganga bambaye udutambara dutukura mu myiyerekano yabo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku bitaro bikuru vya Yangon abaganga bambaye udutambara dutukura mu myiyerekano yabo

Hagati aho, ibitaro vyovyo vyaragumutse. Abaganga benshi barahagaritse ibikorwa, abandi nabo bakabandanya akazi bambaye ivyapa vyo kwiyamiriza abashaka gusenyura demokarasi yari ikivuka.

Abarwanya iri hirikwa basaba ko umupfasoni Suu Kyi arekurwa.

Bambaye udutambara dutukura mu kwerekana ko biyamirije ivyabaye, bakaba bafashwe n'amasanamu baramutsa n'intoke zitatu, indamutso isanzwe imenyerewe mu rukurikirane rw'amareresi rwitwa Hunger Games, kandi yanakoreshejwe mu myiyerekano yo muri Thailand mu mwaka uheze.

Ku mbuga hwaniro, benshi bafinguye amasanamu ndangamuntu bashiraho ibara ritukura, mu kwifatanya n'umugambwe w'umupfasoni Suu Kyi,

Abanyagihugu benshi baramutsa n'intoke zitatu mu kwiyamiriza iri hirikwa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu benshi baramutsa n'intoke zitatu mu kwiyamiriza iri hirikwa