Myanmar: US igabisha ko ishobora gufatira ibihano abasenyuye ubutegetsi bwa Aung San Suu Kyi

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida wa Amerika yagabishije gusubira gufatira ibihano Mynamar inyuma y'aho abasirikare bafatiye ubutegetsi.
Ibihano vyari bimaze igihe bivanyweho, inyuma y'aho igihugu gitanguriye kuva mu ntwaro y'umukazo ya gisirikare cari kimazemwo imyaka n'iyindi.
Ku wa mbere Aung San Suu Kyi n'abandi bategetsi batowe barafashwe, umugambwe w'Umupfasoni Suu Kyi ukaba wagirijwe ubusuma mu matora waronsemwo intsinzi y'urugero ruruni cane.
ONU, Ubwongereza n'ishirahamwe rya Buraya na vyo vyiyamirije iryo tembagazwa ry'ubutegetsi mu gihe hari ubwoba ko hashobora kuba imyiyerekano n'uruhagarara.
Umupfasoni Suu Kyi-yamaze hafi imyaka 15 mu munyororo hagati ya 1989 na 2010- yahamagariye abamushigikiye kugira ''imyiyerekano yo kwiyamiriza iryo tembagazwa'' mw'ikete yanditse imbere y'uko afatwa. Iryo kete ryagabishije ko ibikorwa vya gisirikare bizosubiza igihugu mu ntwaro y'umukazo ya gisirikare.
Igisirikare caranse kwemera ivyavuye mu matora yo mu kwezi kwa 11, gica gishinga intwaro y'ibihe bidasanzwe mu kiringo c'umwaka. Camaze gusubiriza abashikiranganji n'ivyegera vvyabo 11, harimwo abo ikigeca ca reta, amagara y'abantu, intwaro yo hagati n'imigenderanire.
Mw'itangazo, Joe Biden yavuze ati: "Inguvu ntizitegerezwa gukoreshwa na rimwe mu kwanka ivyo abanyagihugu biyemereje canke kugerageza gufuta ivyavuye mu matora yizewe''.
Amerika yaheruka gukuraho ibihano yari yafatiye Myanmar kubera intambwe yariko iragira muri demokrasi. Biden yavuze ko ivyo bigiye gusubirwamwo, yongerako ati:
"Amerika izohagarararira demokrasi aho hose izoba igeramiwe.''

Ahavuye isanamu, Reuters
Ariko ntibigaragara neza ingaruka ivyo bishobora kugira ku gisirikare ca Myanmar. Toe Zaw Latt, Umukuru w'ibiro vya Democratic Voice of Burma(DVB), yabwiye BBC ko igisirikare kizi ko ibihano biri mu ngaruka z'ivyo cakoze.
Yongerako ati: ''Ntibakangwa n'ibihano vy'abanyaburaya'', akongera ko y'uko ico barindiriye cane ari ico ''Ubushinwa, Ubuyapani na Koreya y'Epfo bizovuga''.
Ubushinwa kera bwahora bwanka ko amakungu yivanga mu biraba Myanmar, ubu bwasavye impande zose ko ''zirangiza amatati''. Ibindi bihugu vyo mu karere harimwo Cambodge, Thailande na Philippines, vyavuze ko ari ''ikibazo kiraba Myanmar ubwaco''.
Hagati aho umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ko ivyo abasirikare bakoze ari ''inkoni ibabaza cane ku mpinduka za demokrasi'', mu gihe urwego rwa ONU rujejwe umutekano muri ONU rutegura inama yihuta.
Mu Bwongeresa ministre wa mbere Boris Johnson yateye ivyatsi itembagazwa ry'ubutegetsi avuga ko ifungwa rya Aung San Su Kyi "riteye kubiri n'amategeko".
Ishirahamwe rya Bulaya naryo ryavuze ibisa n'ivyo.
Aung San Suu Kyi ari he?
Inyuma y'aho iyo ndongozi ifungiwe mu masaha ya kare yo ku wa mbere hamwe n'abamushigikiye muri politike, ubu ntibizwi neza iyo bajanywe. Kuva ico gihe, amasoko atavuzwe ayari yo mu mugambwe wiwe National League for Democracy (NLD) yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko we na prezida Win Myint bompi ubu bafunzwe icamaso mu ngo zabo.
Umwe mu bashingamateka atashatse kumenyekana uwari we yavuze ati: "Twabwiwe ko ata makenga twogira. Yamara turayafise. Twokwiruhutsa hamwe twobona amafoto yabo bari i muhira''.
Hagati aho umugambwe NLD wahamagariye igisirikare kwemera ivyavuye mu matora yo mu kwa 11 aho uwo mugambwe w'Umupfasoni Suu Kyi watahukanye intsinzi ya 80% y'amajwi.

Ahavuye isanamu, Reuters
N'ubwo Umupfasoni Suu Kyi yahamagariye abantu kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza itembagaza ry'ubutegetsi, amabarabara yagumye agaragara kuwa mbere no ku wa kabiri mu gitondo, ingabo akaba arizo zigenzura amabarabara kandi hakaba hari n'umukwabu wo kubuza abantu gutembera.
Kuri uyu wa kabiri, telefone na internet vyari vyasubiye gukora.
Mu mabarabara y'igisagara gikuru, Yangon, abantu bavuze ko bumva ko urugamba barwanye n'ukwitanga kwinshi rwabaye impfagusa.
Myanmar, izwi kandi nka Burma (canke Birmanie), yatwawe n'igisirikare gushika mu 2011, aho impinduka za demokarasi zari zirongowe na Aung San Suu Kyi zarangiza intwaro za gisirikare.
Igisirikare catembagaje ubu butegetsi ejo ku wa mbere mu gatondo, inyuma y'indwi zitari nke hari icuka kibi hagati y'abasirikare na reta, inyuma y'amatora y'abashingamateka aho abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Suu Kyi bari basanzwe bashigikiwe n'igisirikare batsinzwe.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi basaba ko amatora asubirwamwo, bakavuga ko yabayemwo ubusuma burenze urugero ariko umugwi ujejwe gutegura amatora waravyiyamirije.










