Ibigendajuru biri ku birometero 600 mu kirere biriko bifasha guharura inzovu

Imashini igezweho yahawe ubuhinga bwo gushobora kubona inzovu ziri mu bibanza bitoroshe kubona, nk'ibibira

Ahavuye isanamu, Maxar Technologies

Insiguro y'isanamu, Imashini igezweho yahawe ubuhinga bwo gushobora kubona inzovu aho bitoroshe nko mw'ishamba ry'ikibira
    • Umwanditsi, Na Victoria Gill
    • Igikorwa, BBC News

Ukizibona, ifoto za satelite nta kintu kigaragara neza zerekana, haboneka utudomagu mw'ishamba ry'ibiti n'ivyatsi-ariko,abazi kubiraba neza , utwo tudomagu twerekana inzovu ziba ziriko ziragendagenda muri ico kibira.

Abahinga bariko bakoresha aya mafoto yafatiwe mu kirere mu guharura inzovu ziri muri Afrika.

Aya mafoto yafashwe n'ikigendajuru cihweza ibiri kw'isi kiri ku birometero 600 mu kirere uvuye kw'isi.

Iyi ntambwe ishobora gufasha kwiga imibereho y'inzovu ziri mu karere k'ubwaguke bwa kirometero kwadarato 5000 (akarorero hangana n'intara zine z'uburaruko bw'Uburundi) ku musi umwe gusa mu gihe ata bicu biri mu kirere.

Addo Elephant park

Ahavuye isanamu, Maxar Technologies

Insiguro y'isanamu, Ifoto ya satelite y'inzovu ziri ku gitanga c'amazi mu ruhongore rwa Addo

Iki gikorwa kitoroshe co guharura izi nzovu kiriko gikorwa hifashishijwe imashini karuhariwe - inyabwonko yahawe ubuhinga bwo gushobora kubona neza inzovu mu bibanza bitandukanye.

Dr Olga Isupova wo kuri kaminuza ya Bath mu Bwongereza ati: "Iyi nyabwonko tuyiha ingero gusa tugaca tuyibwira tuti 'Iyi ni inzovu, iyi si inzovu',".

"Mu gukora ibi, dushobora kwigisha iyi mashini gushobora kumenya utuntu duto cane tugoye kubona n'amaso yacu".

Inzovu zo muri Afrika ziharurwa mu bikoko biri ku mushiro

Ahavuye isanamu, Anup Shah/SCIENCE PHOTO LIBRARY

Insiguro y'isanamu, Inzovu zo muri Afrika ziharurwa mu bikoko biri ku mushiro

Aba bahinga babanje kwigira ku ruhongore ca Addo gisanzwe kibamwo inzovu muri Afrika y'Epfo.

Dr Isla Duporge, umuhinga mu bidukikije kuri kaminuza ya Oxford avuga ati: "Iki kibira gifise inzovu nyinshi ".

"Kandi gifise gafise ibice bimwe bimwe bizitanye, ahandi hakaba ivyatsi n'ibiti bigufi kandi biri kure na kure, habona''.

"Rero ni akarere keza cane dushobora kugeragerezamwo ubuhinga bwacu".

"Kandi n'amashirahamwe ajejwe gukingira ibidukikije aramaze kwipfuza gukoresha ubu buryo bushobora gusubirira ubw'indege zahora zikoreshwa".

Abajejwe gukingira ibidukikije bazotegerezwa kubanza kuriha amafaranga kugira ngo bashobore gukoresha ibigendajuru hamwe n'amafoto vyafashe.

Ariko ni uburyo bwiza bushobora gufasha mw'igenzura ry'inzovu zisanzwe zigeramiwe, mu burere buri hagati y'ibihugu vyinshi aho usanga bitoroshe kuronka impusha zo kuhagenzura n'indege.

Abahinga bavuga kandi ko ubu buhinga bushobora gufahsa kurwanya abahiga ibikoko vyo mw'ishamba batabifitiye uburenganzira.