Uturindantoki twa Bernie Sanders n'utuntu n'utundi waba utabonye twaranze ibirori

Ahavuye isanamu, Tasos Katopodis
Joe Biden ubu ni perezida wa Amerika, Kamala Harris ni visi perezida wa mbere w'umugore, na Lady Gaga yaririmbye indirimbo y'igihugu - ibyo byose twari tubyiteze.
Ibi ni bimwe mu bindi bintu byaranze ibi birori bitari byitezwe waba wacitswe.
Uturindantoki twa Bernie
Amafoto ya senateri wa leta ya Vermont Bernie Sanders y'uburyo i Washington hari 'imbeho ivuza ubuhuha' yazengurutse cyane ku mbuga nkoranyambaga.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 1

Impera ya X ubutumwa, 2

Benshi batangajwe, ndetse babanje guseka cyane uturindantoki yari yambaye. Nyuma byamenyekanye ko uyu mukambwe ubusanzwe akunze kwifureba bidasanzwe mu gihe cy'ubukonje.
Nyuma byamenyekanye ko utu turindantoki tw'umujyo umwe ku ntoki zose ngo twafumwe n'umwarimu wo muri leta ya Bernie akoresheje ubudodo budasanzwe n'amacupa ya 'plastique' yacishijwe mu byumba.
Uwo mwarimu, Jen Ellis, yatunguwe no kubona senateri yambaye turiya turindantoki umwaka ushize ariho yiyamamaza.
Sanders nk'umuntu wari mukeba wa Biden mu matora y'ibanze mu bademokarate, benshi bamubonye mu irahira babanje kumuseka kuba yaje muri ibyo birori. Ntibyatinze ko amafoto ye akwirakwira kurusha ayandi kuri internet.
Gusa abandi bamushimiye uwo muco mwiza wo kwemera intambwe mucyeba ateye, akanahangara imbeho akaza mu birori bye.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 3

Indamukanyo y'ibipfunsi y'amateka
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 4

Barack Obama - perezida wa mbere w'umwirabura wa Amerika - n'urugwiro rwinshi, yaramukanyije na visi perezida wa mbere w'umwirabura Kamala Harris - ariko coronavirus yahinduye imigirire y'abantu ntiyatumye bagwana mu nda, bahanye ibipfunsi byombi.
Aka kantu kazengurutse henshi kuri internet abantu babifata nko guhana urumuri ku birabura bonyine bamaze gutorerwa imyanya yo hejuru muri White House.
'Zana ikiringiti cyawe'
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 5

Senateri Sanders siwe gusa wari wifurebye nk'ikigori kubera ubu bukonje.
Janet Yallen, uwo Biden yahisemo nka minisitiri w'imari, yafotorewe kuri Capitol Hill yifubitse bishoboka, ndetse yizungurukije ikiringiti.
Ubu buryo uyu muhanga mu bukungu yari yifubitsemo, benshi babushimye batebya ko atari ukwifubika imbeho gusa ahubwo na covid ngo ntaho yaca!
Madamu Yellen ntabwo aremezwa na sena, nibiba azaba ari we mugore wa mbere mu mateka ya Amerika ubaye minisitiri w'imari.
Eugene Goodman yari umurinzi wa visi-perezida
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 6

Uyu munsi visi-perezida Kamala Harris yari afite umurinzi udasanzwe: Ni umupolisi wo ku nteko ishingamategeko, Eugene Goodman.
Goodman yafashwe nk'intwari nyuma yo guhangara abigaragambya bari bateye Capitol Hill mu ntangiriro z'uku kwezi. Amashusho yamwerekanye wenyine akangara igikundi cy'abigaragambya ngo ntikigere ku cyumba cyari kihishemo abasenateri.
Ibi yakoze bivugwa ko byatumye abo ba nyakubahwa babasha kuva muri icyo cyumba bakajya ahantu hatekanye mbere y'uko abigaragambya babageraho.
Goodman yazamuwe mu ntera ndetse ejo yari aherekeje visi-perezida. Uretse kuzamurwa mu ntera, hari abadepite batatu bateguye umushinga w'itegeko ryo kumuhemba umudari wa zahabu utangwa n'inteko ya Amerika kubera ubutwari bwe.
Amanda Gorman azabe perezida?
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 7

Byameneyekanye ko umusizi Amanda Gorman aza kuvuga umuvugo muri uyu muhango, ariko ntawari uzi ko yaza kwigarurira imitima ya benshi bari bahari n'abandi ku isi bakurikiye.
Madamazera Gorman, umusizi muto kurusha abandi uhawe umwanya mu muhango nk'uyu, yatangiye ati: "Iyo umunsi ugeze, turibaza ngo turakurahe urumuri muri uyu mwijima udashira?"
Umuvugo uyu mukobwa w'imyaka 22 yise "The Hill we Climb" - yawanditse nyuma y'imyigaragambyo ku ngoro y'inteko ya Amerika.
Uyu munsi, uyu wiyita "umukobwa muto w'umwirabura, ukomoka ku bacakara...urota kuzaba perezida" yashimishije benshi. Ariko kandi inzozi ze ntizirangiriye kuri we - Hillary Clinton mu ifoto yatangaje, ari kumwe nawe muri izo nzozi.
Melania ahindura ikanzu
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 8

Abantu babiri byabonekaga cyane ko badahari - uwahoze ari perezida Donald Trump n'uwahoze ari First Lady Melania Trump.
Mu gihe Biden yariho arahira i Washington, Trump na Melania bari bageze i West Palm Beach muri Florida. Ku mbuga nkoranyambaga vuba vuba bahise babona ko Melania ahinduye ako kanya ikanzu, akambara ijyanye n'ubuzima bushya butari ubwa First Lady.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nyuma y'ikanzu y'umukara n'amataratara yari yambaye kare bakiri muri White House, Melania yayihinduye bari kugenda mu ndege yambara igaragara cyane y'amabara menshi asohoka mu ndege ukundi.
Abantu benshi kandi bavuga ko inseko ye yeruye agikandagira muri Florida itandukanye cyane n'uko yabonekaga kenshi muri White House cyangwa ku irahira ry'umugabo we mu myaka ine ishize.