Ingene Caf yahagaritse pansiyo ya Hayatou hanyuma ikaza kumutera iteka

    • Umwanditsi, na Piers Edwards
    • Igikorwa, BBC Sport Africa

Niyo yashikirizwa iryo teka ryo kuba umukuru w'iteka w'urwego rujejwe umupira w'amaguru muri Africa (Caf) kuri uyu wa gatanu, bishobora kuba intango nshasha y'ingene iryo shirahamwe rifata Cameroun kuva akuwe mu kwezi kwa gatatu mu 2017.

Iryo teka aja kuritererwa mu gihugu ciwe c'amavukiro Cameroun mu birori vyihariye buca ico gihugu cakira inkino z'ihiganwa ry'imigwi y'ibihugu-Championnat d'Afrique des Nations.

Hayatou w'imyaka 74 yatwaye Caf kuva mu 1988 gushika mu 2017, imyaka yamaze yubaka ishirahamwe atako ryari ryifashe akarishikiriza umusubirizi wiwe Ahmad rifise amahera angana na miliyoni 130 z'ama dollar kuri konte n'igitigiri c'amahiganwa kiguma ciyongera.

MU kwezi guheze Caf yanditse iti: ''iyo ndongozi yakoze bigashimwa yatwaye Caf imyaka 30.Iri teka niryo kwemera uruhara yagize mw'iterambere ry'umupira w'amaguru muri Africa''.

N'ubwo biri uko, hahesze amezi ane gusa akuwe, umugwi nshingwabikorwa (ExCo) w'ubutegetsi bushasha bwa Caf bwahisemwo guhagarika guhemba pansiyo ''indongozi yakoze bigashimwa''.

''Ku bwanje, kwari ukwihora,'' n'uko Suketu Patel, yabaye icegera ca mbere ca Hayatou imyaka myinshi yabwiye BBC Sport Africa. ''Bashaka guhana abatwaye kera ku mvo ntazi''.

Mu nama yabereye muri Maroc mu kwezi kw'indwi mu 2017, ExCo yemeje ingingo ko abayigize bose, bafata ikiruhuko c'izabukuru canke bagikora-badashobora kuronka pansiyo kuko batigeze bayiziganiriza.

Mu kanya gato, impembo y'imyaka hafi 30 y'akazi ka Hayatou, yari yaranse umushashara ufadika wa Caf gushika atange imihoho, yaciye igwizwa n'ubusa.

Ariko iyo ngingo ntiyakoze kuri Hayatou gusa, yakoze no ku bandi basezeye amabanga muri ExCo bari basanzwe kuba boronse pansiyo mu kuba bararangeje imyaka 8 bakora, muri abo harimwo Patel, yahoze ari umukuru w'ishirahamwe ry'umupita w'amaguru muri Seychelles.

Hayatoyu na Patel-yari yinjiye muri ExCo mu 2004, bompi bavuye muri Caf mu 2017 mu kwezi umunye Madagascar Ahmad yatangaza abakurikirana ivy'umupira w'amaguru muri Africa mu kwegura uwari amaze imyaka myisnhi ariwe aramutswa iryo shirahamwe.

Amatora amaze kuba muri Ethiopia, abarongoye Caf n'urwego rw'umupira kw'isi Fifa ntibavyakiriye kumwe,

Mu 2017, Fifa yahaye Hayatou igiti c'iteka c'icegera c'umukuru wayo -igiti yari amaranye imyaka myinshi kuko umukuru wa Caf asanzwe aca afata ico kibanza-mu nama yayo yabereye Bahrain.

Haheze amezi abiri, ubwo bemeza uturusho ku bagize komite gushika ku $60.000 ku bagize ExCo, $70.000 ku vyegera vy'umukuru wa Caf, na $80.000 ku mukuru wa Caf , komite nshingwabikorwa ya Caf yaciye ihagarika pansiyo ya Hayatou.

Patel avuga ko bimaramaje kubona badaha ikibanza uruhara umuntu yagize muri kjahise k'ishirahamwe.

''Iyo aba jewe iryo teka ryabo sinari kuryemera''

''Ni ibara kuri Caf. Kuki bemeye ko Fifa imutera iteka amaezi atatu inyuma yo kuva mu mabanga? Kuri Caf nico kintu categerezwa guca kigirwa amatora aheze,''

''None ubu ko bagiye muri Cameroun, baramuhaye iryo teka. Mbabarira ariko baracerewe''.

Ahmad ntaco yashimye kuvuga igihe BBC Sport Africa yamubaza igituma Caf yahisemwo guhagarika pansiyo ya Hayatou amaze gufata ubutegetsi.

Ariko yari yabwiye BBC mu kwezi jwa gatandatu ko yibaza ko uwo munye Cameroun akwiye kuba umukuru w'iteka-''ivyo ni ngombwa''-ariko ko ingingo y'urwego nshingwabikorwa itegerezwa kubanza kuboneka.

Bompi Hayatou na Patel barashingishije urubanza kuri iyo ngingo yo kubima agahembo ko mu kiruhuko c'izabukuru.

Ariko izo mpari uyu munsi zirashirwa ku ruhande.