Indonesia : Abategetsi bavuga ko batoye ahakorokeye ya ndege ya Boeing 737 yazimira

Ahavuye isanamu, Reuters
Abategetsi ba Indonesia bamenyesha ko bashoboye kubona ahakorokeye ya ndege Boeing 737 yunguruza abantu mu nyanza haciye akanya gato igurutse iva ku mugwa mukuru Jakarta ejo ku wa gatandatu.
Iyi ndege y'ikompanyi Sriwijaya Air yari itwaye abantu 62 igihe yaburirwa irengero kuri radar haciye iminota ine gusa igurutse iva mu gisagara ca Pontianak mu ntara ya West Kalimantan.
Ubwato burenga cumi niho bwashika aho yakorokeye butwaye abasirikare bo mu mazi.
Bagus Puruhito arongoye igisata kijejwe ubutabazi ca Indonesia avuga ko bashoboye kubona ahari igishobora kuba ari ca cuma kubika amakuru yose ajanye n'urugendo rw'indege (Boite noire).

Ahavuye isanamu, EPA
Abajejwe amatohoza bariko kandi bihweza ibintu bizwi ko vyari mu bigize iyo ndege vyatowe , harimwo n'ipine.
Umuvugizi w'igiporisi ca Jakarta, Yusri Yunus, avuga ko ikigo kijejwe ubutabazi cabahaye imifuko ibiri.
Yabwiye abanyamakuru ati: "Umufuko wa mbere urimwo ibintu vy'izo ngenzi, uwundi nawo urimwo ibihimba vy'umubiri. Turiko turakora amatohoza kuri ibi bintu vyatowe".

Ahavuye isanamu, EPA
Ibikorwa vyo kurondera ibisigarira vy'iyo ndege vyari vyahagaze mw'ijoro, ariko bikava vyasubiye gutangura mu gaturuturu k'uyu wa Mungu. Harungitswe kandi n'indege zine kuja gufasha muri ivyo bikorwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ni ibiki vyabaye kuri iyi ndege?
Iyi ndege itwara abantu y'ikompanyi Sriwijaya Air yavuye i Jakarta kw'isaha umunani n'iminota 36 mu masaha yaho, ni ukuvuga isaha zitatu n'iminota 36 mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda ejo ku wa gatandatu.
Haciye iminota ine, ni ukuvuga isaha umunani n'iminota 40, niho itumatumanako ryabura iyo ndege, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bujejwe kwunguruza abantu n'ibintu.
Mu bisanzwe, gushika mu gisagara ca Pontianak mu burengero bw'izinga rya Borneo ni urugendo rw'iminota 90.
Iyo ndege nta butumwa yarungitse bwo gutabaza, nk'uko bivugwa n'umukuru w'ikigo kijejwe ubutabazi, Bagus Puruhito.
Urubuga rukurikirana ingendo z'indege Flightradar24.com ruvuga ko iyo ndege yakorotse ku muvuduko w'imetero zirenga 3000 mu kiringo kiri musi y'umunota.
Ababibonye bavuga ko babonye kandi bakumva ikintu gituritse.
Umurovyi azwi kw'izina rya Solihin yabwiye BBC ko yabonye iyo ndege ikoroka, umudereva wiwe agaca afata ingingo yo kuva mu mazi.
Ati: "Iyo ndege yakorotse nk'umuravyo mw'ibahari ica iraturika mu mazi. Hari hafi cane y'aho twari, mbere n'ibisigarira vyarahatswe gushikira ubwato bwanje".
Abanyagihugu baba mw'izinga riri hafi y'ahabereye iryo sanganya babwiye BBC ko batoye ibintu bivugwa ko vyavuye kuri iyo ndege.
Iyo ndege yari itwaye ingenzi 50 - harimwo abana indwi n'impinja zitatu - hamwe n'abakozi bayo bashika 12, n'aho iyo ndege ifise ibibanza 130.
Incuti n'abagenzi b'izo ngenzi bari bijiriwe aho bari ku kibuga c'indege ca Pontianak, hamwe kandi no ku kibuga c'indege ca Jakarta.

Ahavuye isanamu, EPA
Yuzuye amarira, Yaman Zai yabwiye abanyamakuru ati: "Muri iyo ndege mfisemwo abanntu banje bane - umugore wanje n'abana banje batatu".
"Umugore yari yandungikiye isanamu y'uruhinja rwanje uno munsi...numva najanjaguritse umutima".
Vyinshi kuri iyi ndege?
Nk'uko impapuro zivyerekana, iyi ndege ni Boeing 737-500 yari imaze imyaka 26.
Nta kibazo yari ifise nk'uko umukuru w'ikompanyi Sriwijaya Air, Jefferson Irwin Jauwena yabibwiye abanyamakuru. Hagti aho, avuga ko uru rugendo rwari rwacerejwe iminota 30 kubera imvura nyinshi.

Ahavuye isanamu, GM Fikri Izzudin Noor
Iyi ndege yaburiwe irengero igeze ku birometero hafi 20 mu buraruko bwa Jakarta, atari kure cane y'ahandi habereye rya sanganya ryo mu kw'icumi 2018.
Abantu bashika 189 nibo bapfuye igihe iyo ndege y'ikompanyi Lion Air yakorokera mw'ibahari haciye iminota 12 gusa igurutse iva muri ico gisagara.
Ni rimwe mu masanganya yatumye abagenzuzi b'indege bahagarika indege zose za Boeing 737 Max. Zagiye gusubira kwemererwa kuguruka mu kw'icumi na kabiri guheze zibanje gusubirwamwo.










