Brexit: Ibihe bishasha kuri UK inyuma yo kuvavanura na EU

Union Jack flag outside European Parliament in Brussels

Ahavuye isanamu, Reuters

Ibihe bishasha vyatanguye ku Bwongereza inyuma yo kuvavanura burundu n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Ubwongereza bwahagaritse gukurikiza amategeko y'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya isaha 23:00 GMT, igihe umwumvikano mu vyo ingendo, ubudandaji, abimukira no gufashanya muvyo umutekano watangura kuja mu bikorwa.

Boris Johnson yavuze ko Ubwongereza bufise "umwidegemvyo mu maboko yacu" n'ubushobozi bwo gukora ibintu "mu bundi buryo kandi neza" ubu urugendo rurerure rwa Brexit rurangiye.

Ariko abadashaka kuva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya baguma bavuga ko muri ico gihugu ibintu bigiye kuba bibi gusumba.

Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse, Nicola Sturgeon, afise umugambi wo gusubiza ico gihugu mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya kimaze kuronga ubwigenge, yanditse kuri Twitter:"Ecosse izogaruka vuba i Buraya. Gumiza imiryango yuguruye."

Umukuru w'uruganda rw'amakuru yandikwa ku Buraya muri BBC, Katya Adler, yavuze ko i Bruxelles habaye ukwiruhutsa kuba impari za Brexit zirangiye, "Ariko haracari ukwicuza kuri Brexit ubwayo."

Amakamyo ya mbere yashitse ku rubibe yinjiye mu Bwongereza no muri EU adacerewe.

Umugwi w'ibivuko wanditse kuri Twitter ko imizigo itandatu yari ivuye i Holyhead muri Wales ija muri Ireland ku musi wa gatanu mu gitondo yasubijwe inyuma kubera itari ifise impapuro zikenewe.

Abashikiranganji b'Ubwongereza bari bagabishije ko hazoba ibintu bitagenda neza mu misi n'indwi biri imbere, mu gihe hazoba hariko harashirwa mu bikorwa ingingo nshasha n'amashirahamwe y'Ubwongereza atangure gukurikiza ivyahindutse.

Ariko abategetsi bavuze bashimitse ko imbibe nshasha "zatanguye gukora".

Igihe abantu ba mbere bakirwa inyuma y'isaha zitandatu z'ijoro, umuvugizi wa Eurotunnel John Keefe yavuze:"Vyose vyagenze neza, vyose vyagenze nk'uko vyari bimeze imbere y'isaha zitanu z'ijoro.

The first lorry, driven by Slavi Ivanov Shumeykov, loads onto Le Shuttle at the Eurotunnel in Folkestone, Kent, after the UK leaves the single market and customs union, and transitional trading arrangements expired at 11pm UK time

Ahavuye isanamu, Gareth Fuller

Insiguro y'isanamu, Ikamyo ya mbere yinjiye muri Eurotunnel inyuma y'aho Ubwongereza buviriye mw'isoko rusangi hamwe n'urunani rw'amakori

Ubwongereza bwavuye burundu mu runani rw'ubutunzi rw'ibihugu 27 ku wa 31 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, imyaka itatu n'igice inyuma y'aho abanyagihugu batoreye kuruvamwo mu matora yo kuvyemeza canke kubihakana yabaye mu 2016.

Ariko bwagumye mu masezerano y'ubudandaji mu mezi 11 mu gihe izo mpande zibiri zari zikiganira ku migenderanire bazogiriranira muvyo ubudandaji.

Amasezerano yatinze ashikwako buca haba umusi mukuru wa Noheli, akaba yagizwe itegeko mu Bwongereza ku musi wa gatatu.

Muri ayo masezerano mashasha, ibihinguriwe mu Bwongereza birafise uburenganzira bwo kwinjira mw'isoko ry'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ata kori bitanze, bisigura ko ata makori azotangwa ku bidandazwa bizojabuka bivuye mu Bwongereza bija kuri uwo mugabane.

Ariko bisigura ko hazokenerwa impapuro nyinshi ku bidandazwa n'abantu bija mu bihugu vya EU, mu gihe hakiri igipfungu ku vyerekeye amabanke n'akazi.

Ubwongereza na Espagne barashitse ku masezerano atuma urubibe ruri hagati ya Gibraltar na Espagne ruguma rwuguruye.

Fabian Picardo, umushikiranganji arongoye abandi muri Gibraltar, yavuze ko ayo masezerano agikeneye gushirwa mw'itegeko, ariko ko gukuraho igenzurwa hagati ya Gibraltar n'igitabo c'inzira c'akarere ka Schengen, bizotuma hataba imirongo miremire ku rubibe "vyotumye ubuzima bw'abantu bubangamirwa n'urudandaza rukagira ingorane.