Covid: Iran yatanguye kugerageza urucanco rwayo

Iran yataguye kugerageza urucanco rwa Covid- 19 ruhinguriwe muri ico gihugu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Iran yataguye kugerageza urucanco rwa Covid- 19 ruhinguriwe muri ico gihugu

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Iran bimenyesha ko ico gihugu catanguye kugerageza urucanco cihinguriye.

Tayebeh Mokhber, umukobwa w'umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru, Mohammad Mokhber, yabaye uwa mbere atewe urwo rucanco rwitwa Cov-IranBlessing ku musi wa kabiri.

Ku mboneshakure ya reta, umushikiranganji w'amagara y'abantu Saeed Namaki yavuze ati:"Ubu n'ubutumwa ku banye Iran ko dufitiye icizeye umuti tuzotera abanyagihugu bacu, kandi ko no mu gihe hoba ikibazo, twese hamwe n'imiryango yacu tuzovyakira."

Hagati aho, Mokhber yavuze ko ico gihugu gishobora guhingura incanco imiliyoni 1.5 zokoreshwa buri kwezi mu ndwi zike.

Abanye Iran hafi 55.000 baramaze guhitanwa na coronavirus kuva ico kiza giteye - igitigiri kiri hejuru cane mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati - mu gihe abarenga imiliyoni 1.2 banduye iyo ngwara.

Abategetsi ba Iran bagumye bavuga ko ibihano vya Amerika ari intambamyi kuri ico gihugu mu kugura incanco za coronavirus, n'aho ivyo bihano bisanzwe bitaraba imiti n'ubutabazi.

Igihugu ca Iran cariyandikishije mu mugambi wa Covax w'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi WHO/OMS, ushinzwe gutanga incanco kw'isi yose.