MINUSCA: Abasirikare batatu b'u Burundi baraye bishwe muri Centrafrique

Ahavuye isanamu, MINUSCA
Abasirikare b'abarundi batatu bari mu ngabo zagiye kubungabunga amahoro muri Centrafrique baraye bishwe "n'abarwanyi bitwaje ibirwanisho bataramenyekana", nk'uko itangazo ry'Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribivuga.
Itororokaniro ry'amakuru AFP rivuga ko iki gitero kibaye haciye akanya gato ihuriro ry'imirwi irwanya ubutegetsi rimenyeshereje ko rihagaritse agahengwe mu gihe buca haba amatora y'umukuru w'igihugu kuri uyu wa Mungu.
Uburundi bwararungitse ingabo zababa 760 muri Centrafrique mu rwego rwa MINUSCA (Mission multidimensionnelle Intégrée des Nations Unies pour la Stabilisation en République Centrafricaine) mu ntumbero yo kugarukana amahoro muri ico gihugu kiri mu ntambara kuva imyaka itari mike.
Iri tangazo ryaraye risohowe n'umuvugizi w'umunyamabanga mukuru wa ONU rivuga ko ibi bitero ku ngabo za ONU n'iza Centrafrique vyabereye mu karere ka Dékoa kari mu ntara ya Kémo, hamwe no mu karere ka Bakouma mu ntara ya Mbomou.
Rivuga riti: "Umunyamabanga mukuru ariyamiriza yivuye inyuma ibitero vyakozwe uno musi n'abarwanyi batamenyekanye ku ngabo za Centrafrique n'iza MINUSCA".
"Ingabo zijejwe kubungabunga amahoro zitatu ziva mu Burundi zishwe abandi babiri barakomereka i Dékoa".
Umunyamabanga mukuru wa ONU arahoza imiryango yabuze, abanyagihugu hamwe na Reta y'Uburundi, akibutsa ko gutera ingabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro n'umutekano bishobora kuba ivyaha vyo mu ntambara.
Asaba abategetsi ba "Centrafrique gukora amatohoza no gushengeza vyihuta abakoze aka kabi kabishe".
Iki gitero kibaye mu gihe abatora bariko bitegurira amatora y'umukuru w'igihugu n'abashingamateka, aho umukuru w'ico gihugu Faustin-Archange Touadera arondera gusubira kwitoreza ikindi kiringo ari we ahabwa amahirwe menshi muri 17 bariko barahiganira ico kibanza.
Hagati aho, abatavuga rumwe n'ubutegetsi batari bake hamwe n'ihuriro ry'imirwi irwanya ubutegetsi - Coalition des Patriotes pour le Changement (CPC) - basaba ko matora yigizwa inyuma, inyuma y'aho sentare ikuriye bamwe mw'igihangwa.
Muri abo, harimwo Francois Bozize yahoze arongoye ico gihugu yomowe ku butegetsi mu 2013 n'abarwanyi b'umuhari Seleka ugizwe ahanini n'urwaruka rwo mw'idini rya Isilamu.
Reta iramwagiriza ko yishize hamwe n'imigwi yitwaje ibigwanisho mu ntumbero yo gutembagaza ubutegetsi, ariko wewe arabihakana.










