Zambia: Umupfasoni yashengeje umukunzi wiwe kubera yatevye kumutwara

Umupfasoni Ngoma abandanya avuga ko, n'aho uwo musore yamukoye, batarigera babana na rimwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umupfasoni Ngoma avuga ko, n'aho uwo musore yamukoye, batarigera babana na rimwe.

Ikinyamakuru ca reta muri Zambia, Sunday Times, kivuga ko umupfasoni wo muri ico gihugu yitwariye umukunzi wiwe ngo babumvikanishe avuga ko amurindiriye imyaka umunani kugira bubakane, ubu yahanuwe kumwitwarira ku rindi kosa.

Kivuga ko Getrude Ngoma w'imyaka 26, aba mu gisagara ca Ndola mu karere ka Copperbelt, yabwiye sentare y'intango ko Herbert Salaliki w'imyaka 28, yamurindirije umwanya muremure ataramutwara kandi yari yarabimwemereye.

Bivugwa ko n'aho bamaze kuvyarana umwana na Salaliki, yagumye abana n'abavyeyi biwe, hakubana n'uwo mukunzi wiwe, nk'uko ico kinyamakuru kibandanya kibivuga.

Umupfasoni Ngoma abandanya avuga ko, n'aho uwo musore yamukoye, batarigera babana na rimwe.

Muri urwo rubanza, bivugwa ko yagirije Salaliki ko akundana n'uwundi mupfasoni.

"Nyakwubahwa, yamye afata ibintu minenerwe ari na yo mpamvu namuzanye kumushengeza kubera nkeneye kumenya ibikurikira na kazoza kanje na we."

Mu kwiregura, bivugwa ko Salaliki yavuze ko yashaka gutwara uwo mukunzi wiwe ariko aca abura amahera. Yasubiwemwo kandi abwira sentare ko batari bakivugana na Ngoma, kubera ngo uwo mupfasoni atamwitaho.

Ikinyamakuru Sunday Times candika ko uwari arongoye intahe Evelyne Nalwizye ariko yahanuye uwo mupfasoni gukurikirana uwo mukunzi wiwe ku caha ko kurenga ku masezerano yo kwubakana mu kibanza co kubumvikanisha.

Yasubiwemwo avuga ko sentare idashobora kubumvikanisha kubera batigeze bubakana, uretse inkwano yatanzwe gusa.

Ico kinyamakuru congerako ko yavuze ko ukwumvikanisha bikorwa ku bantu bubakanye.