Eritrea yarekuye ivyabona vya Jehovah 28

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca Eritrea carekuye abayoboke 28 b'idini ry'ivyabona vya Jehovah inyuma yo kurangiza igipfungo cabo.
Mu 1994 abayoboke b'iryo dini bose baratswe ubwenegihugu, abakurikira iryo dini bose barahigwa buhongo barapfungwa ata rubanza baciriwe.
Kimwe mu vyo bagirizwa kwari kwanka kuja mu myimenyerezo ya gisirikare.
Itangazo ry'ivyabona vya Jehovah rivuga ko abayoboke baryo bavuye mw'ibohero muri Eritrea inyuma yo kurangiza igipfungo kiri hagati y'imyaka itanu na 26.
Bamwe bapfunzwe bazira kwanka ibitajanye n'ukwemera kwabo - mu gihugu kuja mu myimenyerezo ya gisirikare ari itegeko.
Iryo shengero rivuga ko abandi bayoboke baryo 24 bakiri mw'ibohero.
Mu 1994 Prezida Isaias Afwerki yatse ubwenegihugu ivyabona vya Jehovah - haciye umwaka umwe abaye umukuru w'ico gihugu cari gihejeje kwikukira.
Eritrea ni kimwe mu bihugu bitwaza umukazo kw'isi - nta matora canke inama nshingamateka bibayo, kandi integuroy'ibwirizwa shingiro ntirigera ishirwa mu bikorwa.
Amashengero atatu yonyene ni yo yemewe - abakirisu b'abaOrthodoxe, aba Islam b'aba Sunni hamwe n'aba Luther.










