Maradona: Igipolisi ca Argentine mu matohoza ku muganga wiwe ku ruhara mu urupfu rwiwe

Diego Maradona's doctor gave a tearful interview after the footballer's death
Insiguro y'isanamu, Muganga wa Diego Maradona yatanze ikiganiro yuzuye amarira inyuma y'urupfu rw'uwo mukinyi w'umupira w'amaguru rurangiranwa

Abashikirizamanza bo muri Argentine bariko baragira amatohoza ku muganga wa Diego Maradona, bamukekako urupfu rwiwe inyuma y'aho uwo mukinyi w'umupira w'amaguru rurangiranwa yitabiye Imana haraheze imisi itanu.

Igipolisi co mu gisagara ca Buenos Aires basatse inzu n'ibitaro vy'uwo muganga - Leopoldo Luque, bagerageza kurondera ko hoba harabayemwo ugusamara mu kuvura Maradona, inyuma y'aho abagiwe.

Muganga Luque nta co aragirizwa. Arahakana kugira icaha na kimwe.

Mu ntango z'ukwezi kwa cumi na rimwe, Maradona yarabazwe umutsi wo mu bwonko bivanye n'amaraso yari yavuze, kandi vyari vyagenze neza. Akaba yariko arafata imiti bivanye n'inzoga nyinshi yanywa.

Umukobwa wiwe yagumye asaba kuronka izindi nsiguro zerekeye uko se wiwe yariko aravurwa.

Mbe amatohoza yerekeye iki muvyo ukuri?

Abapolisi bashika 30 basatse inzu ya muganga Luque kuri uyu w'Imana mu gitondo - abandi 20 bakaba bariko barasaka ku bitaro vyiwe biri mu gisagara ca Buenos Aires.

Iryo sakwa ryasabwe n'abashikirizamanza bashaka kugerageza kumenya neza uko ubuzima bwa Maradona bwari bwifashe muhira iwe mu minsi yanyuma.

Abapolisi bavuga ko batwaye inyabwonko, amatelefone ngendanwa hamwe n'impapuro yavuriweko.

Officers are looking into records into the treatment of the football legend

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abapolisi bariko bararondera impapuro zerekeye uko uwo mukinyi rurangiranwa yavuwe

Bakeka ko uwo mukinyi rurangiranwa w'umupira w'amagru yarekuriwe gutaha muhira iwe hadakurikijwe ibisabwa kugira ave mu bitaro, harimwo guhabwa uwumurwaza n'umuforoma wo kumukurikirana amasaha 24 kuri 24, guhabwa umuganga ashobora ku muhamagara igihe cose, hamwe n'imodoka itwara abarwaye irimwo ibikoresho bimufasha guhema.

Abapolisi bashaka kumenya ico muganga Luque yakoze mu ntumbero yo kuvura Maradona igihe yari arwariye muhira iwe.

Dr Luque yiregura avuga ngwiki?

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru caranzwemwo umubabaro mwinshi kuri uyu w'Imana, muganga Luque - vyavuzwe ko ari muganga wa Maradona ku giti ciwe - yarize, avuga ko yakoze ivyo ashobora vyose mu ntumbero yo gukiza amagara yiwe.

Yavuze ko Maradona yari yuzuye agahinda mu misi yiwe ya nyuma.

Hageze igihe arakankamira abamenyeshamakuru ati: "Mushaka kumenya ico nari nshinzwe? Kumukunda, kumuvura, kwongereza igihe c'ubuzima bwiwe no kubufata neza gushika kw'iherezo".

Muganga avuga ko yakoze "ibishoboka vyose gushika igihe ata co yari agishoboye."

Diego Maradona "will live in our heart forever"

Avuga ku bintu abapolisi bashaka kugirako amatohoza, muganga Luque yasiguye akazi yari ashinzwe.

Avuga ivyerekeye ibagwa rya Maradona mu kwezi kwa cumi na rimwe, yagize ati: "Umbajije jewe, jewe nari umuganga wo kubaga ubwonko, kandi akazi kanje kararangiye. Ivyiwe nari nabirangije."

Yongeyeko ko ivyo kurekura Maradona ngo atahe muhira iwe bitari mu kazi kiwe namba.

Diego Maradona
Insiguro y'isanamu, Maradona yabaye umukinyi yongera aba n'umumenyereza wa Argentine

Muganga Luque yavuze ko "Maradona yategerezwa kujanwa mu kigo kimufasha guhindura inyifato. Ntiyashatse kubikora". Yongera ko y'uko yari umuntu agoye.

Yavuze ko atazi igituma atahawe imodoka itwara abagwayi ifise ibikoresho, canke umuntu yatumye adatwarwa muri iyo modoka gushika ku muhana iwe.

Yongeyeko ko: Diego " yari umuntu afise agahinda, akaba yashaka kuba ahantu hawenyene, kandi ko atari uko atakunda abakobwa biwe, umuryango wiwe canke abandi bamwegereye".