Tanzania: Zitto Kabwe atavuga rumwe na reta yakomerekeye mw'isanganya ry'imodoka

Imodoka Kabwe yari arimwo

Ahavuye isanamu, ACT WAZALENDO / TWITTER

Umukuru w'umugambwe ACT-Wazalendo utavuga rumwe na reta muri Tanzaniya, yagize isanganya ry'imodoka ari kumwe na bagenzi we bane ku munsi wa kabiri, avuga ko ariko aratora mitende.

Zitto Kabwe, umushingamateka atavuga rumwe na reta ya Tanzaniya, yagize isanganya ry'imodoka ku munsi wa kabiri yagiye kwiyamamariza mu ntara ya Kigoma, mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu.

Uwo mushingamateka yanditse kuri Twitter ko ameze neza, kandi ko ariko aravurirwa mu bitaro vya Maweni hamwe n'abandi bategetsi b'umugambwe wiwe.

Umugambwe wiwe wa ACT-Wazalendo na wo washize ifoto kuri Twitter werekana ahabereye iryo sanganya.

Gerson Msigwa, umuyobozi ajejwe kumenyesha amakuru wo mu biro vya Prezida John Magufuli, yanditse kuri Twitter ko Prezida yahamagaye Kabwe anamwipfuriza gutora mitende vyihuta.

Zitto Kabwe
Insiguro y'isanamu, Zitto Kabwe yaratewe ubwoba bwo kwicwa

Mu kwezi kwa kabiri, Zitto Kabwe yaratewe ubwoba bwo kwicwa inyuma y'aho atereye akamo ibanki y'isi yose ngo ihagarike ingurane y'amahera igenewe reta ya Tanzaniya ayagiriza kutubahiriza agateka ka zina muntu.

Umushingamateka w'umugambwe uri ku butegetsi yamusabiye ko yokwicwa kubera ikete yari yandikiye ibanki y'isi yose.

Amatora rusangi mu gihugu ca Tanzaniya ategekanijwe itariki 28 za kuno kwezi kw'icumi.