Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UK: Umuganga yankiwe gutanga amaraso 'kubera umugore wiwe ari umunyafrika'
Umuganga w'umunyakenya ari mu Bwongereza avuga ko hari itegeko "ridafise ishingiro" rimubuza gutanga amaraso kubera yubakanye n'umugore wiwe w'umunyakenya.
Francis Gĩthae Murĩithi asaba ko aya mategeko ahinduka kugira ngo batere intege abirabure bumve ko nabo bashobora gutanga amaraso.
Amategeko y'igisata kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza, NHS, avuga ko kizira ku bantu bubakanye canke baryamana n'umuntu yiketswe ko ashobora kuba yararyamanye n'abantu bo mu bihugu birwiriyemwo umugera wa SIDA, harimwo "ibihugu hafi vyose vya Afrika", ko batanga amaraso.
Dr Murĩithi, asanzwe ari umuhinga mu bijanye n'ivyo kuvyaza abagore hamwe n'indwara z'abagore mu karere ka East Midlands, avuga ko we n'umugore wiwe bamaranye imyaka indwi bubakanye kandi badaharikanye.
Nk'umuganga, avuga ko yamye yipimisha kuva yubakanye n'umugore wiwe kandi ko ata mugera afise.
Ariko avuga ko yabwiye y'uko ashobora gutanga amaraso mu gihe gusa umugore wiwe yopimwa umugera wa SIDA n'igisata kijejwe kwakira amaraso co nyene, canke naho bakabanza kumara ikiringo c'amezi atatu badakora amabanga mpuzabitsina.
Avuga ko umugore wiwe yari amaze gupimwa n'abaganga b'igisata NHS igihe yari yibungenze, kandi ko atamugera bamusanzemwo, ariko igihe yashaka gutanga amaraso, yabwiwe ko ibi badashobora kubifatirako.
Uyu Mukenya w'imyaka 38 ubu asanzwe aba mu karere ka Gamston, Nottinghamshire, afise amaraso adakunze kuboneka AB+, akavuga ati: "Iyi ni inzitizi idafise ishingiro ku gikorwa co gutanga amaraso".
"Mu gihe wankira abantu nkanje, hanyuma ukabandanya kuvuga ngo Abanyafrika ntibitabira ibikorwa vyo gutanga amaraso, bizotuma Abanyafrika tugira isura mbi kandi ari amategeko atatworohereza".
"Sinshaka kuboneka ko nteye uruhagarara, ariko integuro ya NHS yo gutanga amaraso ikeneye gusubirwamwo kugira ngo ishobore kwakira abantu benshi".
"Ndashima ko bariko barayisubiramwo, kuko ni nkenerwa ko umuntu arabwa ku giti ciwe".
Igisata NHS cama gitera akamo abirabure kugira ngo bashobore gutanga amaraso kuko hari amahirwe menshi y'uko usanga bafise amaraso y'ubwoko budakunze kuboneka.
Kivuga ko kiriko kirihweza ikibazo ca Dr Murĩithi gifatiye ku bipimo vyakorewe umugore wiwe bagasanga nta mugera afise.
Su Brailsford, umuhinga muri NHS, avuga ko amategeko asigura ko abantu kanaka bashobora canke badashobora gutanga amaraso yashizweho hisunzwe impanuro z'abahinga mu ntumbero yo gukingira bene kuyahabwa.
Avuga ko bategura kwihweza neza aya mategeko imbere y'uko uyu mwaka urangira kugira go bashobore kwugururira imiryango abantu benshi nka Dr Murĩithi kugira ngo bashobore gutanga amaraso ata ngorane.