Vatican: Kardinali Becciu yategetswe gutanga imihoho, ibitari bimenyerewe

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukardinali yari mu bari bafise amabanga akomeye i Vaticano kwa Papa, Giovanni Angelo Becciu, yatanze imihoho giturumbuka ariko akavuga ko yategetswe na Papa Francis.
Avuga ko yiketswe gukoresha umutungo wa Ekleziya yihera benewabo, agahakana ivyo yagirizwa.
Kardinali Becciu yari umwe mu begereye cane Papa, akaba yarigeze kuba ajejwe amabanga mu bunyamabanga bwa leta ya Vaticano.
Yagiye kugira uruhara mu masezerano yateye impari yo gushora imitahe mu nyubakwa nziza ya Londres mu mafaranga ya Ekleziya.
Iki gikorwa kuva ico gihe kiriko kirakorwako amatohoza.
Ntibikunze kuboneka aho abantu bo ku rwego rwo hejuru i Vaticano batanga imihoho, kandi na Vaticano nta vyinshi yabivuzeko mw'itangazo ryasohowe ku wa kane.
Ariko uyu mu kardinali w'imyaka 72 yabwiye ikinyamakuru co ku mbuga ngurukanabumenyi Domani co mu Butaliyano ko yategetswe gutanga imihoho kuko yiketswe ko yahaye benewabo amafaranga ya Ekleziya.
Avuga ati: "Nta n'urufaranga na rumwe jewe nigeze niba. Nta matohoza ndiko ndakorwako, ariko ari nka hamwe bonshira imbere y'ubutungane, nokwisigura".
Mu kiganiro n'abanyamakuru yagiye gushikiriza mu nyuma, uyu mukardinali avuga ko ibogozwa ryiwe ryabaye giturumbuka.
Avuga ko na Papa "atari agononokewe" igihe yatangaza iyi nkuru.
Ati: "Ni ibisigabwenge. Gushika ejo…niyumvira ko nari umugenzi pfa mpfe wa Papa, intumwa yiwe y'umwizigirwa".
"Mu nyumn rero niho Papa yambwira ko atakinyizeye kuko yaronse amakuru yahawe n'abacamanza bamubwira ko nakoze icaha co kunyuruza umutungo".
Kardinali Becciu ashimangira ko habaye "ukutumvikana", akongera kandi ati: "Nditeguye gusigurira Papa vyose. Nta caha na kimwe nakoze".
Uyu mukardinali Giovanni Angelo Becciu ni umutaliyano yamaze imyaka ya mbere akora mu gisata kijejwe imigenderanire i Vaticano.
Papa Francis niwe yamugize umukardinali mu 2018, igihe aherewe amabanga mashasha yo kurongora igisata kijejwe ibijanye n'ubweranda.
Yasubiwemwo n'ibinyamakuru vy'Ubutaliyano avuga ati: "Ni uruhombo kuri jewe, umuryango wanje, abanyagihugu b'igihugu canje. Navyemeye ku bugamburutsi n'urukundo mfitiye Ekleziya na Papa".
N'aho mu vyo yagirijwe harimwo ibijanye n'amasezerano ajanye n'inyubakwa ya Londres ivugwa ko yaguzwe mu mutungo wa Ekleziya, Kardinali Becciu wewe siko abibona.
Mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa gatanu, uyu mukardinali yavuze ko Papa yamwagirije ko yakoresheje nabi umutungo wa Ekleziya akawushira mu ma koperative n'urucuruza vya benewabo.
Ibinyamakuru vy'Ubutaliyano kandi bivuga ko Papa atanezerejwe n'ingene imperezwa yo gufashisha abakene yiswe Peter's Pence yagiye gukoreshwa mu bindi bitari biyigenewe.
Kardinali Becciu azobandanya afise iki giti n'aho yatanze imihoho. Hagati aho, nta ruhara azogira mu gutora uwundi mu Papa.










