USA: Umuntu umwe yapfuye arashwe mu mishamirano yadutse muri Portland

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuntu umwe yaraye apfuye arashwe mu gisagara ca Portland mu gihe abashigikiye Perezida Trump batana mu mitwe n'abari muri ya myiyerekano yo kwiyamiriza ivanguramoko mu ntara ya Oregon.
Amasanamu yerekana abaganga bariko baragerageza kurokora ubuzima bw'umuntu aboneka ko ari umuzungu.
Igipolisi ntikiramenyesha amamuko y'uwo yarashwe, kandi ntikiramenyesha nimba iryo rasana ryavuye ku mishamirano yadutse hagati mu gisagara.
Kuva mu ndwi ziheze, igisagara ca Portland kirangwamwo imyiyerekano y'urutavanako, aho abari muri yo biyamiriza igandagurwa ry'umwirabure w'umunyamerika George Floyd i Minneapolis ku wa 25 z'ukwa gatanu, ivyateye umujinya mu gihugu no kw'isi yose.
Perezida Trump yararungitse ingabo z'igihugu mu gisagara ca Portland mu kw'indwi avuga ko ashaka guhagarika imigumuko.
None vyagenze gute?
Mw'itangazo ryasohowe nijoro ku wa gatandatu, igipolisi kivuga ko abapolisi bumvise amasasu, bagiye kuraba bagasanga umuntu yakomerekejwe n'urusasu ku gikiriza.
Riti: "Abajejwe amagara y'abantu baciye bahashika ariko basanga uyu muntu yacikanye".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikinyamakuru New York Times kivuga ko uyu muntu yagandaguwe yari yambaye inkofero y'umuhari witwa Patriot Prayer usanzwe ushigikiye Donald Trump.
Iyindi sanamu yerekana igipolisi kigerageza kuzibira umugabo yasa n'uwari kumwe n'uyo muntu yarashwe.
Iri raswa ribaye mu gihe hari imishamirano ikomeye hagati y'abashigikiye Perezida Trump n'abari mu myiyerekano iri muri rya sekeza Black Lives Matter (ubuzima bw'abirabure ni kirumara) muri ico gisagara.
Imishamirano ikaba yadutse igihe umurongo ugizwe n'imodoka hafi 600 zari zitwaye abantu baharurwa mu gihumbi bashigikiye Donald Trump zagenda zizungagiza amabendera mu karere kari ku nkengera y'igisagara ca Portland imbere y'uko zishika hagati mu gisagara.
Ireresi yerekana abantu ibinyamakuru vyo muri ako karere bivuga ko vyari ivyuka birimwo ipiripiri ku bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ivanguramoko bariko bagerageza kubuza izo modoka kwinjira mu gisagara bazibira amabarabara.
Igipolisi kivuga ko habaye "ivyo gushamirana" hagati "y'abagira imyiyerekano n'abayirwanya", kandi ko hari abahagaritswe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iyi mishamirano ibaye haciye iminsi mike umugambwe w'aba Repubulika ugenye icese mu ndwi iheze Bwana Trump kuwuserukira mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije.
Mw'ijambo yashikirije yemera iryo genwa, Trump yasiguye ko Portland ari ikindi gisagara kirongowe n'abo mu mugambwe b'aba Democrates gishobora kurangwamwo "imvururu, ugusahura n'imigumuko".
Iyi mishamirano kandi ibaye inyuma y'aho igipolisi kirasiye umwirabure mu ntara ya Wisconsin.
Jacob Blake yarakomeretse cane mbere yanduriramwo n'ubumuga, arashwe mu ndwi iheze n'umupolisi amasasu indwi yose mu gihe yariko yinjira mu modoka.










