Liban - Beirut: Abarenga 100 bapfiriye mw'isanganya ry'umuriro ryatewe n'ibiturika, abarenga 4000 barakomereka

Ahavuye isanamu, EPA
Liban iri mu kigandaro nyuma yuko abatari munsi ya 100 bamaze kumenyekana ko bapfuye abandi barenga 4,000 bakaba bakomerekeye mu mucanwa wadutse utewe n'ibiturika ku kivuko co ku mugwa mukuru wa Liban, Beirut.
Mu bakomeretse harimwo n'abakozi bo mu buserukizi bw'Ubudagi nk'uko bimenyeshwa n'ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'iki gihugu.
Perezida Michel Aoun wa Liban yavuze ko vyatewe n'iturika rya toni 2,750 za 'ammonium nitrate' (nitrate d'ammonium) zari zimaze imyaka 6 zibitswe nabi.
Bwana Aoun yavuzeko hakwiye kujako igihe c'ibihe bidasanzwe kizomara ivyumweru bibiri ndetse uyu munsi hategekanyijwe kuba inama y'abaminisitiri idasanzwe.
Yavuze kandi ko leta igiye gusohora imiliyaridi 100 z'ama lira akoreshwa muri Liban (ni arenga imiliyoni 66 z'amadolari y'Amerika) y'ingoboka.
Ireresi zakwiragijwe ku mbuga ngurukana bumenyi zerekana umwotsi mwinshi, n'imbeya nyinshi z'umuriro z'ahabereye iryo sanganya, hamwe n'amazu menshi yononekaye.
Hari n'amasanamu yerekana abakomeretse n'abaguweko n'amazu.
Umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu Hassan Diab yatangaje ko hampande y'abapfuye hari kandi n'abandi benshi bakomeretse.

Ahavuye isanamu, EPA
Umukuru w'ishirahamwe Croix-Rouge muri ico gihugu, Georges Kettaneh, avuga ko gushika ubu bigoye kumenya abakomeretse kuko hari abakizibiriwe mu bisigazwa.
Za rusehabaniha (canke imbangukiragutabara mu Kinyarwanda) ni zo zibandanya zicanacanako zija gutabara abakomeretse.
Umuhindo wumvikanye ku birometero cumi uvuye aho vyabereye.
Abajejwe ubutabazi bariko bagerageza gutabara abahuye n'iryo sanganya, ibimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu navyo bikerenana amasanamu y'abazibiriwe mu bisigarira.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abategetsi bamwe bamwe mu mpande zitandukanye z'isi bagize ico bavuga kuri rino sanganya, aho abenshi bahoza igihugu ca Liban.
Umukuru w'igihugu ca Misiri Abdul Fattah al-Sisi avuga ko ababajwe n'ibibaye muri Liban, akavuga ko yifatanije na bagenzi babo ba Liban.
Ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bumenyesha ko bubandanya bukurikiranira hagufi .
Umukuru w'ishirahamwe rya Bulaya, Charles Michel , nawe nyene arahoza Abanya-Liban, akavuga ko umuryango wa Bulaya witeguye gufasha.
Eka n'Ubufaransa hamwe na Chypre (Cyprus) navyo nyene bimenyesha ko vyiteguriye gufasha ico gihugu.
N'umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran, Javad Zarif, arahoza Abanya-Liban, akabemerera ko Iran yiteguriye gutanga ubutabazi.

Ahavuye isanamu, EPA

Ahavuye isanamu, EPA

Ahavuye isanamu, EPA










