Rwanda: UNHCR isaba amatohoza kw'iyicwa ry'impunzi z'Abarundi

Ahavuye isanamu, UNHCR
Ishirahamwe HCR risaba amatohoza yimbitse ku rupfu rw'impunzi zibiri z'Abarundi zishwe mu gatondo k'ejo ku wa gatandatu n'abajejwe umutekano b'u Rwanda ku rubibe rwa Tanzania n'ico gihugu, hampande y'ikambi ya Mahama.
Iryo shirahamwe ryitaho impunzi kw'isi rimenyesha ko abategetsi barimenyesheje ko izo mpunzi zishwe mu gihe zariko zigerageza kwinjiza imiti bidaciye mu mategeko.
U Rwanda ruhaye indaro impunzi z'Abarundi zirenga 70.000, zahunze indyane za politike zaturutse ku matora ya 2015 mu Burundi.
Igipolisi c'u Rwanda catangaje giciye ku rubuga rwa Twitter ko ejo ku wa gatandatu, hafi isaha icenda n'igice z'ijoro (03h30), abajejwe umutekano mu gace ka Mahama mu karere ka Kirehe, barashe umurwi w'abantu bariko bagerageza kwinjiza ibiyayuramutwe baciye ku ruzi Akagera.
Igipolisi kimenyesha ko babiri muri abo banu bagiye kumenyekana ko zari impunzi ziba mw'ikambi yazo iri aho i Mahama.
Mw'itangazo ryaraye risohowe na HCR, rimenyesha ko ribabajwe n'urwo rupfu rigasaba abategetsi gukora amatohoza kugira ngo bamenye neza ingene vyagenze.
Iryo tangazo rivuga riti: "HCR irifatanije n'impunzi zo mw'ikambi ya Mahama kandi ririko rikorana n'abayirongoye hamwe n'abaserukira abandi mu kubungabunga umutekano no kuzifata mu mugongo mu gihe bakirindiriye amatohoza ariko akorwa na Leta".
U Rwanda ruri mu bihugu vyakiriye impunzi z'Abarundi ziharurwa mu 400.000 zahunze indyane za politike zadutse mu Burundi mu 2015 bivuye ku ngingo ya nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza yo kwitoreza ikindi kiringo nk'umukuru w'igihugu.

Ahavuye isanamu, UNHCR
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe ico gihe bavuga ko ico kiringo cari giteye kubiri n'ibwirizwashingiro hamwe n'amasezerano y'amahoro ya Arusha yo mu 2000.
Ubutegetsi bw'umugambwe CNDD-FDD hamwe n'incuti zabwo bobo bavuga ko ikiringo cavugwa ko ari ica gatatu cari gikurikije amategeko, ivyagiye mbere kwemezwa na sentare y'Umuryango wa Afrika y'Ubuseruko.
Mu gihe Abarundi bahungiye muri Tanzania baharurwa 200.000 babandanya bahunguka, abahungiye mu Rwanda bobo gushika ubu ntibarahunguka.
Mu majambo agize iminsi ashikirizwa n'umukuru w'igihugu Jenerali-Majoro Evariste Ndayishimiye, abandanya asaba impunzi zose zahungiye mu mahanga guhunguka kugira ngo bafashanye n'abandi Barundi kwubaka igihugu.










