Imyiyerekano mu Bwongereza:'Twatabaye uwagomba yicwe', Patrick Hutchinson

Ahavuye isanamu, Reuters
Uyu mwirabure yafashwe isanamu ateruye umuzungu yakomeretse inyuma y'imishamirano hagati y'imirwi iri mu myiyerekano i Londres avuga ko we na bagenziwe "batabaye umuntu yagomba yicwe".
Patrick Hutchinson yarashimagijwe cane inyuma y'aho isanamu imwerekana ariko atabara uyo muzungu izungurukiye cane ku mbuga hwaniro.
Ariko asigura ibijanye n'iyo sanamu, abwira BBC ko ibintu "vyari kuyangara" iyo batamutabara.
Ati: "Namukuye mu vyara vy'urupfu nca ndamuhungisha".
Ku munsi wa gatandatu, igisagara ca Londres hamwe no mu bindi bisagara vyo mu Bwongereza harabaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ivanguramoko.
Ariko hari iyindi mirwi nayo ishira imbere amacakubiri yiyegeranirije ku mugwa mukuru, aho mbere n'abantu barenga 100 bahagaritswe bivuye ku mishamirano itageze umutwe abapolisi ubwabo.
Avuga ku vyariko biraba igihe iyo sanamu ifatwa, Bwana Hutchinson avuga ko yari kumwe na bagenziwe igihe umwe muri bo yarangamira hejuru akabona abantu bashamiranye.
Hutchinson ati: "Uyo mugabo yakorokeye hasi, bagenzanje nabo baca bihutira kumukingira kugira ngo ntibamuhonyange".
"Mu gukora gutyo, barashoboye kumukingira, nayo jewe nije nabaye uwanyuma kuhashika. Namukuye mu vyara vy'urupfu nca ndamutwara ndi kumwe n'aba bagenzi bankikuje, bankingira kandi bakingira uyu mugabo kugira ngo ntahave ahura n'ayandi mahano".
Avuga ko hari abantu bashaka kumukubita mu gihe bariko bava aho hantu.

Hutchinson ati: "Jewe nta kindi niyumvira, numvise ikigongwe mbonye kiremwamuntu aryamye hasi. Iyo tutamuba hafi ibintu vyari kurangira nabi. Nta kindi cari mu mutwe uretse gukiza agatwe k'uyu muntu".
Yongerako ati: "Twakoze ico twategerezwa gukora. Twatabaye umuntu yagomba yicwe".
Mu bisagara bitandukanye kw'isi yose, abantu ibihumbi n'ibihumbi barihaye amabarabara inyuma y'urupfu rw'umunyamerika akomoka muri Afrika, George Floyd, yaphiriye mu gasho k'igipolisi mu kwezi guheze, inyuma y'aho umupolisi amunize amupfukamye mw'isozi.
Abapolisi bane bagirizwa urwo rupfu barirukanywe mu gipolisi bongera bararengutswa mu bucamanza.
Bwana Hutchinson yabwiye televiziyo Channel 4 News mu kiganiro yagiranye nawe ko Bwana Floyd "uno munsi aba ari muzima" iyo barya bapolisi bandi batabara - nk'uko we na bagenziwe bakoze ku wa gatandatu.
Pierre Noah ni umwe mu bafashije Bwana Hutchison igihe haba iyo mishamirano.
Noah, yabwiye BBC ati: "Jewe natabaye abantu babiri muri urya mwanya umwe. Natabaye urya mugabo yagomba yicwe. Hanyuma kandi nongera ntabara na burya buhungu bwagomba bucirwe urubanza rwo ugupfungwa ubuzima bwose".










