Kenya: Abana bigira ku buhinga ngurukanabumenyi bahanzwe n'abashaka kubahumbishass

Abo bononyi baca ku mbuga ngurukanabumenyi mu gusaba abana kubarungikira amasanamu bambaye ubusa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abo bononyi baca ku mbuga ngurukanabumenyi mu gusaba abana kubarungikira amasanamu bambaye ubusa

Igipolisi ca Kenya kiragabisha ko ibitigiri vy'abononyi bashaka gushurashuza abana biga baciye ku buhinga ngurukanabumenyi biriko vyiyongera inyuma y'aho amashure yugariwe kubera coronavirus.

Umukuru w'igisata kijejwe gutohoza ivyaha avuga ko izo nkozi z'ikibi zihendahenda abo bana mu kubarungikira ubutumwa-muravyo bwihariye, aho baca banabasaba kubarungikira amasanamu bambaye ubusa.

Ico gisata kimenyesha ko kiriko gikora amatohoza ku batari bake, kikanasaba abavyeyi gutanga inkuru igihe cose habaye umwe muri abo bononyi ashatse guhumbisha umwana wiwe.

Gisaba kandi abavyeyi gukurikirana ibikorwa vy'abana babo bakorera ku mbuga ngurukanabumenyi, kandi bakanagerageza gukurikirana aho abana babo bari kuko bamwe muri abo bononyi barondera ingene bobonana n'abo bana amaso mu yandi.

Abanyeshure bafise akaryo ko gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu gihugu babandanya biga baciye kuri izo mbuga inyuma y'aho amashure yugariwe kuva mu kwa gatatu mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira rya coronavirus.

Gushika ubu abarenga 2000 muri ico gihugu baramaze kwandura umugera wa coronavirus, muri bo abashika hafi 500 barayikize, nayo 71 irabahitana.

Leta y'ico gihugu yarafashe ingingo zitari nke mu zijanye no guhagarika ikwirakwira ry'uwo mugera, imwe muri izo ngingo ikaba ari ukwugara amashure, yaba matomato, ayisumbuye canke ya kaminuza.