Ibimenyeshamakuru mu Bushinwa biti ‘Bwa bundi ubwigenge bwarapfuye’ muri Amerika'

Ahavuye isanamu, EPA
Abantu bakurikirana amakuru kuri televiziyo y'Ubushinwa uno munsi bariko babona ibisa n'ibiba mu gihe c'intambara muri Amerika.
Bariko babona amasanamu y'abamenyeshamakuru bahagarikwa, baterwa ibisasu vya plastiki, canke bagaterwa ivyuka vy'ipiripiri.
Ayo masanamu yatangaje cane Abashinwa, kuko abenshi batari bwabone ibintu nk'ivyo bariko barabona.
Abihweza ibintu n'ibindi babona ko iyaba ivyo vyabereye mu Bushinwa, uko vyari kugenda kwose ntibabireka ngo vyerekanwe.
Imyiyerekano iyo ari yo yose, n'aho yoba ari mito cane, nta binyamakuru vyubahuka kubivuga.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ashira ico gihugu mu myanya ya nyuma nka kimwe mu bihugu bihonyanga uburenganzira bwo kumenyesha no kuronswa amakuru.
Ubu rero ibinyamakuru vyinshi vyo mu Bushinwa n'abakoresha imbuga hwaniro baronse akaryo keza kunegura Amerika ko ivyo inenga Ubushinwa ko nayo ari vyo ikora.
Leta y'Ubushinwa ivuga ko ihanganye bikomeye n'imigumuko iri muri Hong Kong, ikibaza igituma Amerika irwanya igikorwa c'igipolisi muri Hong Kong, mbere ikavuga ko Ubushinwa buhonyanga ubwigenge bw'abanyagihugu kuva mu mezi aheze.
Abashinwa benshi bakoresha urubuga hwaniro Sina Weido babona ko ibiriko biraba muri Amerika vyerekana ko "ubwigenge bwapfuye".
Eka n'abaca ku mbuga ngurukanabumenyi nabo nyene bavuga ko "igipolisi ca Amerika cataye ubuntu bwose", mu gihe za radiyo na televiziyo vyegukira leta bivuga ko igipolisi ca Amerika gikubagura birenze abo bita "abari mu myiyerekano bitekaniye".










