Zimbabwe yarengukishije uwuserukira Amerika inyuma y’igandagurwa rya George Floyd

Ibisagara bitari bike muri Amerika birangwamwo imigumuko inyuma y'urupfu rwa George Floyd

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibisagara bitari bike muri Amerika birangwamwo imigumuko inyuma y'urupfu rwa George Floyd

Zimbabwe yatumyeko uwuserukira leta Zunze Ubumwe za Amerika Brian Nichols kugira yisigure ku majambo yashikirijwe n'umuhanuzi wa Amerika mu vyo umutekano.

Uyo mutegetsi wa Amerika yagirije Zimbabwe ko ihaye indaro abakokeza imyiyerekano muri Amerika.

Ibisagara bitari bike muri Amerika birangwamwo imigumuko biturutse ku rupfu rw'umunyamerika akomoka muri Afrika, George Floyd.

Mu kiganiro yagiranye na televiziyo ABC yo muri Amerika, umuhanuzi mu vyo umutekano w'ico gihugu, Robert O'Brien, yavuze ko abakeba ba Amerika bariko barikika inyuma y'imyiyerekano ibandanya mu gukokeza.

Nk'uko ikinyamakuru cegamiye leta ya Zimbabwe Herald kibivuga, ibihugu vyinubwa na Amerika ko biriko birakokeza ari Zimbabwe, hamwe n'Uburusiya, Ubushinwa na Irani.

Bwana O'Brien avuga ko yabonye ubutumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Twitter bwerekana ko "baryohewe n'akajagari kari muri Amerika", ariko akaba atatanze insiguro ku ruhara rwa Zimbabwe muri iyo myiyerekano.

Yavuze ariko ko ibihugu vy'abakeba bafise uruhara muri iyo myiyerekano "ata ntambwe bizobaterana".

Mu kumwishura, umushikiranganji w'imigenderanire wa Zimbabawe, Sibusiso Moyo, asubirwamwo na Herald avuga ko uwuserukira Amerika muri ico gihugu yari yiteze kurenguka nk'uko abisabwa, ariko akaba atatanze umuco w'aho umubonano wari kubera.

Avuga ko leta ishaka kwibutsa uyo aserukira Amerika ko Zimbabwe yubaha ubusugire bw'ibindi bihugu.

Umuvugizi wa leta ya Zimbabwe, Nick Mangwana, yacishije ubutumwa kuri Twitter avuga ko igihugu ciwe kitifata nk'umukeba wa Amerika.

Ati: "Dushaka kugira incuti n'abagenzi hagushira imbere ugukebana n'igihugu ico ari co cose, harimwo na Amerika, kuko ivyo ntaco bifasha".