Coronavirus: Umuti wa Remdesivir wariko urageragezwa kuyivura warananiwe

Ahavuye isanamu, Reuters
Igerageza rya mbere ry'umuti wari wizewe ko ushobora kuvura coronavirus rivugwa ko ataco ryatanze.
Hari icizere c'uko umuti remdesivir wari gushobora kuvura Covid-19.
Ariko igerageza ryabereye mu Bushinwa ryerekana ko uwo muti ataco washitseko, nk'uko vyerekanwa n'icegeranyo caciye mu ryahumye umuryango ujejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO.
Ico cegeranyo kivuga ko uwo muti utashoboye no gutanga ka mitende kubarwayi canke ngo ubure ugabanye n'umugera mu maraso.
Ihinguriro ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryakoze uwo muti, Gilead Sciences, rivuga ko iryo geragezwa ryafashwe ukurati ko.
Ikizwi kuri iryo gerageza
Amakuru y'uko iryo gerageza ataco ryashitseko yagiye kumenyekana inyuma y'aho OMS yerekaniye ku rubuga ngurukanabumenyi rwayo icegeranyo c'ivyavuye muri iryo gerageza, ariko mu nyuma ikaza kugikurako.
OMS ibandanya ivuga ko habaye ukwihenda mu gushira ahabona ico cegeranyo.
Ico cegeranyo cerekana ko iryo geragezwa ryakorewe ku barwayi 237, aho abashika 158 bahawe uwo muti kugira ngo barabe ko hari igihinduka bagereranije n'abandi 79 bobo bahawe iyindi yo gupfupfahaza.
Inyuma y'ukwezi, ibice 13.9% vy'abarwaye bahawe uwo muti barapfuye, mu gihe ibice 12.8% vya bamwe bahabwa imiti yo gupfupfahaza aribo bapfuye.
Ico cegeranyo kivuga kiti: "remdesivir nta kintu yamariye abawufashe, haba mu kubavura canke mu kugabanya ubukari".
Iryo hinguriro rivuga iki?
Gilead iriyamiriza ico cegeranyo ca OMS.
Umwe mu bavugizi ba Gilead avuga ati: "Twibaza ko inkuru yatanzwe yarimwo ibintu bitari vyo ku vyerekeye iryo gerageza".
Yongera ko y'uko iryo gerageza ryahagaritswe haciye akanya gato kubera atari benshi baryitabiriye, vyumvikana ko ibitigiri bitari bikwiye.
Ati: "Ikiboneka ni uko iryo gerageza ritarangiye, kuko ibiharuro vyerekana ko remdisivir ishobora kugira akarusho, cane cane mu gihe abarwaye bivujije hakiri kare".
Hagati aho, si ukuvuga ko ivy'uwo muti birangiriye aha, kuko ibikorwa vyo kuwugerageza bibandanya mu minsi iri imbere bikazoshobora kwerekana neza isanamu nyayo ku vyerekeye ikoreshwa ryawo.










