US - WHO: Nancy Pelosi abwira Trump ati ‘dutegerezwa kubwirwa ukuri’

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika , Nancy Pelosi, yatanguye kwifatira mu gahanga Perezida Donald Trump, inyuma y'aho atangarije ko agiye guhagarika intererano ico gihugu gitanga mu muryango ujejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS.
Mw'itangazo yasohoye, Pelosi avuga ati: "Abanyamerika bategerezwa kwima amatwi ibinyoma bakumviriza abahinga babifitiye ubumenyi kugira ngo twikingire dukingire n'abacu".
Bwana Trump yategetse ubutegetsi bwiwe guhagarika intererano Amerika itanga muri OMS/WHO, ayagiriza ko yatumye coronavirus ikwirakwira kw'isi, kandi ko wegamiye ku ruhande rw'u Bushinwa.
Umupfasoni Pelosi yagiriza umukuru w'igihugu cabo ko "yafashe minenerwe amakuru yo kugabisha, kandi ko yagumye areze amaboko bigatuma ibara rigwa none abantu bariko baratikira".
Ati: "Hari ingingo nyinshi zimirije gufatwa. Ariko mu gihe tutokorera ku kuri, abapfa bazobandanya bapfa, ubutunzi buzobandanya buyonga".
"Ubu dukeneye ukuri gusumba ibindi bihe vyose. Ukuri ni uko Donald Trump yasambuye uburyo yari yahawe bwo kwitegurira ikiza, ivyatumye abantu bapfa maze ubutunzi nabwo buja mu kaga".
Gushika ubu, Leta Zunze Ubumwe za Amerika nico gihugu gifise abanduye n'abamaze guhitanwa na coronavirus benshi kw'isi.
Mu bantu barenga imiliyoni zibiri bamaze kwandura uwo mugera kw'isi yose, abashika 608,300 babarizwa muri Amerika, nayo abarenga ibihumbi 26 baramaze kuhasiga ubuzima.










