Tshisekedi: Bizotwara umwanya kugira umutekano ugaruke mu buseruko bwa Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo yavuze ko ingwano imaze igihe mu buseruko bw'ico gihugu bitoroshe kugira ihere ubwo nyene.
Yabibwiye BBC kuri uyu wa mbere igihe yari i Londres mu nama ihuza abakuru b'ibihugu b'umugabane wa Afrika n'Ubwongereza yerekeye imitahe.
Umukuru w'igihugu Felix Tshisekedi yavuze ko ingwano ibera muri ico gice c'igihugu imaze imyaka hafi 20 iba.
Uwo muhungu w'uwahoze atavuga rumwe na Leta ya Kongo imyaka myinshi, Etienne Tshisekedi, yavuze ko igihe c'ukwiyamamaza mu matora yagiyeyo akababazwa n'ingwano iberayo.
Yagize ati: ''Nari narafashe ingingo yo gukora ukwo nshoboye kugira ngarukane amahoro muri ako gace''.
Umukuru w'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo avugako yasavye umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare kwimurira ibiro vyiwe mu gisagara ca Beni kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.
Yamenyesheje ko abagwanyi batari bake bishwe muri iyi minsi ya vuba kandi ko kubahiga ari igikorwa kibandanya.
Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c'umutekano muri ako karere, yavuze ko inyuma yo guhabwa amabanga yo gutwara igihugu yafashe ingingo yo kugendera bimwe mu bihugu bihana urubibe na Republika ya Demokrasi ya Kongo.
Yagiye mu Rwanda, mu Burundi na Uganda kugira arabe ingene ivyo bihugu vyobona kumwe ikibazo c'umutekano muri Kongo.
Yavuze ko ibibazo vy'umutekano muke bivugwa muri ico gice c'igihugu bizohera ariko atari ubu nyene.
Ingendo zabaye ngirakamaro
Ku kibazo c'abamwidogera ko ariko yitemberera mu bihugu bitandukanye yonona amafranga y'igihugu, Felix Tshisekedi yavuze ko igihugu cungukiye mu ngendo yafashe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yavuze ko ibanki y'isi yose yemereye Republika ya Demokrasi ya Kongo umuliyaridi 1 n'ibice 5 vy'amadolari yo gufasha mu gisata c'indero mu kwigisha ku buntu mu mashule mato mato.
Ikigo mpuzamahanga kijejwe ubutunzi cemereye ico gihugu imiliyoni 368 y'amadolari y'ingurane kandi Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere nayo nyene ngo yemeye gutanga amafranga yo kwubaka igice ca gatatu c'urugomero rwa Inga ariko ntavuga nimba ari ingabire canke ingurane.
Felix Tshisekedi yavuze ati: ''Ninjirije igihugu amafranga menshi ngereranije n'ayo nari nakoresheje. Sinidoga ndavye ingendo nakoze''.
Igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo kimenyesha ko cari gikeneye kumenya inzira u Bwongereza bugomba gufata mu gukorana n'umugabane wa Afrika inyuma yo kuva mu muryango wa Bulaya, ari co catumye yitaba iyo nama yabereye aha mu Bwongereza.










