Félix Tshisekedi wa Kongo na Petero Nkurunziza w'Uburundi bumvikanye ko bagiye gukomeza ubucuti

Ahavuye isanamu, @BdiPresidence
Uburundi na Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo vyiyemeje gukorera hamwe mu kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho muri Kongo igahungabanya umutekano .
Ivyo ni ivyavuye mu mubonano Perezida Petero Nkurunziza w'Uburundi yagiranye na mugenziwe Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo wa Kongo ejo ku wa gatanu mu rugendo rwiwe i Bujumbura.
Itangazo ryasohowe n'abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'ivyo bihugu vyompi inyuma y'urwo rugendo rivuga ko abo bategetsi bumvikanye ko ari nkenerwa y'uko bakomeza amashirahamwe ahuza ibihugu vy'akarere kugira ngo bashobore "gukomeza amahoro, umutekano n'iterambere rirama".
"Kuri ivyo, abo bakuru b'ibihugu bumvikanye gushira mu ngiro imigambi ivyo bihugu bihuriyeko mu ntumbero yo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho ikorera ku butaka bwa Kongo kandi bakama bakurikiranira hagufi ibibazo bijanye n'umutekano w'ivyo bihugu vyompi".
Iryo tangazo ariko ntirivuga iyo migambi iyo ari yo.
Rivuga kandi ko abo bategetsi bihweje urugero rw'ugufashanya ivyo bihugu bigezeko, bakaba basanze amasezerano asanzwe ahari abihuza adashirwa mu ngiro bikwiye.
Bumvikanye ko batanguza umugambi mushasha w'ukunagura uko gufashanya uzoshigikirwa n'ibikorwa biboneka, kandi ko bagiye kwama bavugana gusumba.
Urwo rugendo rwa Perezida Tshisekedi mu Burundi ruje inyuma y'urundi yari amazemwo iminsi ibiri mu gihugu ca Tanzania.
Bwana Tshisekedi ariko agerageza gukomeza ubucuti hagati y'igihugu ciwe n'ibihugu bibanyi, cane cane ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko.
Kw'igenekerezo rya 8 z'uku kwezi, Bwana Tshisekedi yarandikiye Perezida Paul Kagame asanzwe arongoye uwo muryango muri kino gihe amusaba ko igihugu ca Kongo cokwakirwa muri uwo muryango uhurikiyemwo ibihugu vya Kenya, Tanzania, Uganda, u Rwanda, Uburundi hamwe na Sudani y'Epfo.










