Yusaku Maezawa: Uyu mutunzi ruhebwa w'Umuyapani arondera "umugore" azomuherekeza ku kwezi

Umukure ruhebwa w'Umuyapani Yusaku Maezawa ashikiriza ijambo impande y'ikigendajuru Falcon 9 igihe Elon Musk yatangaza ingenzi ya mbere y'umusivile izozunguruka ukwezi, itariki 17 z'ukwa cenda 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bwana Maezawa yavuze ko azotumira abanyatugenegene bashika umunani mu rugendo kure mu kirere

Yusaku Maezawa yatangaje ko akeneye "umufasha wo kubana ubuzima bwose" bazojana mu rugendo rwa mbere rw'ikigendajuru Space X ku kwezi mu mwaka w'2023.

Uyu Muyapani afise ubutunzi bw'amafaranga buharurirwa mu mamiriyaridi y'amadolari ya Amerika.

Ku myaka 44 y'amavuko, yaronse ubutunzi bwiwe mu guhingura imideri, akaba ari we ngenzi ya mbere y'umusivile izofata urugendo ruzunguruka ukwezi mu kigandajuru ca Starship.

Urwo rugendo rwitezwe mu 2023, rukazoba ari urugendo rwa mbere rwerekeza ku kwezi ruzoba rugizwe n'ibiremwa muntu kuva mu 1972.

Mu butumwa yacishije kuri internet, Bwana Maezawa avuga ko ashaka gusangira ico gikorwa n'umugore "yihariye".

Uwo mugwizatunga, aheruka gutandukana n'umukunzi wiwe akina amareresi, Ayame Goriki w'imyaka 27, yasavye abagore kwiyandikisha mu kigorwa co guhuza abakundana ku rubuga rwiwe.

Bwana Maezawa yanditse ku rubuga rwiwe agira ati "Mu gihe ntanguye kwifatirwa buke buke n'ubunyakamwe hamwe n'irungu, hari ikintu kimwe niyumvira: Kubandanya gukunda umugore umwe."

Yongeyeko ati "Nshaka kuronka uwo 'tubana ubuzima bwose'. Jewe n'uwo mukunzi wanje, nshaka ko tuzosemerera urukundo rwacu hamwe n'amahoro kw'isi turi kure mu kirere."

Yusaku Maezawa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Yusaku Maezawa vyitezwe ko aba umusivile wa mbere agize urugendo ruzunguruka ukwezi mu kigendajuru ca Elon Musk

Urwo rubuga ruriko ingingo zisabwa hamwe na gahunda y'ubwo busabe buzomara amezi atatu.

Ubwo butumwa bwanditse mu buryo bwo kuresha, burimwo ingingo zivuga ko abashaka kwiyandikisha bagomba kuba ata mukunzi bafise, barenza imyaka 20, bafise ivyiyumviro bija mbere kandi bashaka kugira urugend kure mu kirere (space).

Itariki ntarengwa yo kwiyandikisha ni 17 z'ukwa mbere kandi icemezo ca nyuma ku wuzoba "umukurunzi" wa Bwana Maezawa kizofatwa mu kwezi kwa gatatu.

Bwana Maezawa asanzwe akunda gufasha, yamenyekanye igihe yavuza ingoma mu mugwi w'umuziki w'injana ya punk, akaba kandi azwi mu gukora utujede dutangaza abantu.

Igicapo c'ukwezi

Ahavuye isanamu, SpaceX

Insiguro y'isanamu, Igicapo c'umuhinga: Ikigendajuru BFR kizoba gishobora gutwara abantu mu rugendo ruzozunguruka isi

Mu ntango za kuno kwezi, Bwana Maezawa yaremeye kugabanganya imiriyoni 100 z'ama yen ($925.000; £725.000) ku bantu 100 bahiswemwo ku gihamana, bakwirakwije ubutumwa bwiwe bwa twitter.

Niwe yatanguje isoko ryo mu Buyapani ryo kuri intenet ryitwa Zozo Inc, akaba yarakuye ubutunzi bwiwe mw'isoko ry'imideri.

Vyibazwa ko ubutunzi bwiwe buharurirwa hafi kuri miriyaridi 3 z'amadolari, menshi muri ayo mahera akaba ayakoresha mu gukura ibijanye n'utugenegene.