Ikigendajuru BepiColombo kiri mu nzira kija kuri Mercure mu rugendo rw'imyaka indwi

Ikigendajuru BepiColombo

Ahavuye isanamu, ESA

Insiguro y'isanamu, Ikigendajuru BepiColombo kizomara imyaka indwi imbere yuko gishika ku mubumbe Mercure

Ikigendajuru BepiColombo gifise intego yo gushika ku mubumbe Mercure uri ku birometero imiliyaridi 9, aho gitegekanya gukora ivyigwa bitandukanye.

Ico kigendajuru gifise uburambe bw'imyaka umunani n'inusu, ku myaka indwi kizomara kigenda ngo gishobore gushika kuri Mercure.

Ibikoresho citwaje vyitwa "sondes" kimwe gituruka mu kigo ca Buraya kijejwe ibigendajuru "Agence Spatiale Européenne"(ESA), ikindi ni ic'ikigo c'Ubuyapani "Agence japonaise d'exploration aérospatiale" (Jaxa).

Ico kigendajuru n'izo "sondes" bizoguma bizunguruka iruhande y'uwo mubumbe umwaka umwe canke ibiri mu bushuhe bwa 350 °C.

Bizofasha kwiga ibiranga uwo mubumbe muto cane mu yikikuje izuba, ingene watanguye, ingene ubanye n'izuba n'ibindi vyinshi.

Ikigendajuru Ariane kigurutse

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Ikigendajuru Ariane kimaze kuguruka itariki 20 z'ukw'icumi

BepiColombo cavuye kw'isi gihetswe n'ikigendajuru kindi citwa Ariane muri Amerika yo mu bumanuko.

Uretse Uburaya n'Ubuyapani, igihugu ca Amerika nico caheruka kurungika ikigendajuru Mariner kuri Mercure mu 1970.

Umubumbe Mercure
Insiguro y'isanamu, Umubumbe Mercure uri ku birometero imiliyoni 58 uvuye ku zuba ugashuha incuro 10 kurusha isi

Umubumbe Mercure uri ku birometero imiliyoni 58 uvuye ku zuba, abahinga bakavuga ko gukorera kuri uwo mubumbe ari kimwe na piza iri mw'ifuru.

Izuba rishika kuri Mercure ngo ni incuro 10 iriri kw'isi.