Ikigendajuru BepiColombo kiri mu nzira kija kuri Mercure mu rugendo rw'imyaka indwi

Ahavuye isanamu, ESA
Ikigendajuru BepiColombo gifise intego yo gushika ku mubumbe Mercure uri ku birometero imiliyaridi 9, aho gitegekanya gukora ivyigwa bitandukanye.
Ico kigendajuru gifise uburambe bw'imyaka umunani n'inusu, ku myaka indwi kizomara kigenda ngo gishobore gushika kuri Mercure.
Ibikoresho citwaje vyitwa "sondes" kimwe gituruka mu kigo ca Buraya kijejwe ibigendajuru "Agence Spatiale Européenne"(ESA), ikindi ni ic'ikigo c'Ubuyapani "Agence japonaise d'exploration aérospatiale" (Jaxa).
Ico kigendajuru n'izo "sondes" bizoguma bizunguruka iruhande y'uwo mubumbe umwaka umwe canke ibiri mu bushuhe bwa 350 °C.
Bizofasha kwiga ibiranga uwo mubumbe muto cane mu yikikuje izuba, ingene watanguye, ingene ubanye n'izuba n'ibindi vyinshi.

Ahavuye isanamu, PA
BepiColombo cavuye kw'isi gihetswe n'ikigendajuru kindi citwa Ariane muri Amerika yo mu bumanuko.
Uretse Uburaya n'Ubuyapani, igihugu ca Amerika nico caheruka kurungika ikigendajuru Mariner kuri Mercure mu 1970.

Umubumbe Mercure uri ku birometero imiliyoni 58 uvuye ku zuba, abahinga bakavuga ko gukorera kuri uwo mubumbe ari kimwe na piza iri mw'ifuru.
Izuba rishika kuri Mercure ngo ni incuro 10 iriri kw'isi.










