MSF iratabariza abo muri Kivu ya ruguru kuko yo yarengewe

Umuganga wa MSF ariko aravura abarwayi i Dubie muri Katanga, muri Republika ya Demokrasi ya Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, MSF ivuga ko mu gihe gito imeze kuvura abana bashika ku 11000 bakomeretse muri Kivu ya ruguru

Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe, Medecins Sans Frontiere canke MSF, risaba gushigikirwa mu bikorwa vy'ubutabazi muri Kivu ya ruguru muri Kongo kuko ryarengewe.

MFS ivuga ko imaze igihe kinini ikora yonyene mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo kuko ayandi mashirahamwe yamaze gukura meza kubera ingorane ahura nazo, cane cane umutekano muke.

Mu cegeranyo c'iryo shirahamwe ry'abagira neza, rivuga ko mu gihe kingana umwaka umwe rimaze kuvura abana bashika ku 11.000 bafise ingorane zitandukanye zirimwo n'ibikomere vy'amasasu.

Iryo shirahamwe kandi rivuga ko ryanavuye abagore n'abakobwa bashika 1800 bahohotewe mu gusambanywa ku nguvu.

Aho yavugana na BBC, uwujejwe kumenyesha amakuru muri MSF mu gihu ca Kongo, Mack Alix Mushitsi, yavuze ko iryo shirahamwe rimaze kurengerwa.

Yagize ati: "Mu mwaka wa 2018 amashirahamwe yandi y'abagiraneza yatanguye kugenda, ariko mu 2019 hoho vyarunyutse ku buryo dusigaye turi twenyene.

"Muri Masisi, Mweso, Walikale na Rutshuru (muri Kivu ya ruguru) nta rindi shirahamwe rihasigaye kiretse MSF. Ntavyo twoshobora twenyene.

"Hariho amashirahame aza akamara igihe gito agaca agenda. Dukeneye amashirahamwe aza ku mwanya mure mure".

Ako karere ka Kongo karahuye n'ibibazo bikomeye birimwo bitero vy'imigwi yitwaje ibirwanisho co kimwe n'ibiza vy'indwara nka ebola na kolera.

MSF ivuga ko abanyagihugu baho ubu babayeho nabi cane, kuko ata mazi meza yo kunywa baronka, ivyo kurya ntavyo bakaba kandi badashobora kuja mu matongo yabo kubera umutekano muke.

Iryo shirahamew kandi rivuga ko abanyagihugu bari mu kaga bakeneye gufashwa bashika ku 680.000.